19 Ord 4B 12

You might also like

Download as pdf or txt
Download as pdf or txt
You are on page 1of 4

Kw Isoko ry Ubuzima

mu muryango w abakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzima.es.tl

"N ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ry Imana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr
N33/12

12/8/2012

IDOMINIKA YA 19 Y UMWAKA

UMWAKA- B

Ijuru?... ni co kibanza kimubereye

ku mutima no ku mubiri!!!

Ku munsi wa gatatu niho tuzoshemeza aho Bikira Mariya, umuvyeyi wa twese twahawe n Imana, yurijwe mw ijuru umutima n umubiri. Ni umunsi mwiza w akanyamuneza unezereza cane abavyumva. Mugabo twemere ko hari bamwe batarategera neza igituma duhimbaza uwo munsi mukuru. Umuntu agiye mw itongo ry abapfuye yibaza vyinshi. Ngo none iyi mibiri iborera mu kuzimu, siko bizoba no ku mubiri wanje? Mugabo tugiye mu misa tuvuga duti: Nemera izuka ry abapfuye Ariko se, izuka ni iry umutima gusa? Umubiri wowo uzoguma mu kuzimu imyaka yose? Egome Data, Yezu yizuye mu bapfuye, abatumwa bamubonye afise umubiri yahorana, naho amariye kuzuka umubiri wiwe ntiwigeze uhinduka. Mu gushemeza Bikira Mariya ari mw ijuru umutima n umubiri, turiko dushemeza n akazoza k abemera bose bahamagariwe kuninahazwa mw ijuru umutima n umubiri. Hari abiyumvira ko umutima ariwo mwiza, ngo umubiri ari mubi. Ihibambewe, umuntu aba mweranda ku mutima no ku mubiri. Murabe Bikira Mariya yabaye uw Imana ku mutima no ku mubiri. Muribuka igihe yigora akaruha agiye kuramutsa Elizabeti. Bikira Mariya yabaye mweranda ku mutima no ku mubiri. Ukuba mweranda mu vyiyumviro gusa ntibikwiye, utabaye mweranda no mu bikorwa ukora. Bikira Mariya yabaye uw Imana mu buzima bwiwe bwose, ata gicumuro na gitoyi kimutandukanya n Imana, none ntimubona ko bibereye ko Imana isubira ku wayo ikamuninahaza ngo ishishikare ibana nawe imyaka yose ku mutima no ku mubiri? Mu gushemeza ininahazwa rya Bikira Mariya mw ijuru, turiko turashemeza n iteka Imana ishaka kuzodutera ngo natwe umunsi urizina nitwaba beranda tuzobane nayo mw ijuru umutima n umubiri. Mu beranda Bikira Mariya yabonekeye, hariho umweranda Katarina Labour yarigeze kwegera Bikira Mariya amwizeye cane akamukorako no ku mubiri wiwe. Ni tuvyemere rero, tube beranda ku mutima no ku mubiri, mu gukora ivyiza ngo umunsi umwe tuzoninahazwe n Imana mw ijuru nka Bikira Mariya. Patiri Germano. Inyishu ku bibazo mwaturungikiye ku matelefone ngendanwa. Ndabaramukije abo KW ISOKO RY UBUZIMA. Nitwa J.N. nagomba umfashe nkuko mwama ku kibazo mfise. Twakundanye n umukobwa kuva nkiri muto. Kandi n abavyeyi bacu barabishimye. Bari baramaze n ukwumvikana. Hanyuma nca nja mu kigeragezo c ubukene. Hanyuma haza uwundi muhungu kumubwira ko yomutwara. Nanje aca aranyibagira. No mu bavyeyi biwe haciye havamwo umwe aramushigikira. Uwundi nawe aranka. Ariko munyuma nahavuye ndamutwara. Ubu tumaranye igihe tubana. Ariko kubera nababaye igihe yarampemukiye, nagumanye ikiguma ku mutima cane cane kuwabimubariye. Nagomba mumfashe. Mumbwire ico nokora ko vyanse kumvamwo. Mugenzi, urakoze kuri iki kibazo gishobora gufasha n abandi. Ukwubaka urugo n iteka Imana yateye abantu. Ariko shetani ikora ivyayo idukura ku migambi y Imana. Wagize ubwoba umutwara mudahezagiwe n Imana mw isakramentu ry ukwabirana. Ubu ufise ikiguma kikubabaza ku mutima. Ico kiguma cerekana ko ufise inyota y ukuba mukuri hamwe n Imana; ushaka ko Imana ibana namwe, ko ihezagira n ubumwe mwipfuza ko bworanga urugo rwanyu rwanyu. Mwaraguye mu mutego wa shetani. Birashika. Ariko mwomenya ko hariho ubudasa hagati y ugucikira n ukwubaka rukristu. Ubu rero ni musabe Imana yo soko ry urukundo rutayegayega ibafashe kugaruka kuri yo n ugutunganya ivy amasezerano rukristu. Kuko mwubatse rukristu niho muzoba muri kumwe n Imana. Tsinda inyosha mbi n ubwoba mwemere ko agati gateretswe n Imana kadahenurwa n umuyaga.. Ibishaka kubahungabanya n ukubateranya muzogumana navyo, ariko muri kumwe n Imana, mukayishimikiza, nta nkeka urukundo rwanyu ruzokwama rukomeye. Mukomeze igisabisho, murabire hamwe ingene mwogorora ivyagoramye, mugende kwa Patiri abagire inama y ingene mwokwubaka rukristu. P.Germano

Bavukanyi, nimuhurumbire gusoma Isoko ry Ubuzima, murikundishe n abandi bose mwegeranye. Mudushikirize ivyiza bibera ng aho iwanyu kugira ngo bizofashe n abahandi.

Twumvirize iryo Imana ituyagira


IDOMINIKA YA 19 YO MU MWAKA - B IGISOMWA CA MBERE: 1Abami 19, 4-8 Eliya akomezwa n umukate agaburiwe n Imana Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c Abami: Muri irya minsi, Eliya yari yagenze urugendo rw umunsi umwe mu bugaragwa, araheza rero yicara musi y igiti, yipfuza urupfu, avuga ati: Ewe Mukama, ubwanje buraheze: akira ubuzima bwanje, kuko ntaruta ba sogokuruza. Araheza yiryamira munsi y ico giti, arasinzira. Maze, umumalayika araza aramukoma, aramubarira ati: Vyuka, ufungure! Akanuye, abona umukate ukaranze n umukuza w amazi, biri haruguru y umutwe wiwe. Nuko rero arafungura, aranywa arongera ariryamira. Umumalayika w Umukama agaruka ubugira kabiri, aramukoma, aramubarira ati: Vyuka, ufungure, ahandi ho urugendo rwokunaniza kuko ari rurerure. Nuko rero aravyuka, arafungura, aranywa, izo mfungurwa azigendera iminsi mirongo ine n amajoro mirongo ine, ashika kuri Horebi umusozi w Imana. IGIS0MWA CA KABIRI: Ef. 4, 30-5,2 Ni mugume mu rukundo rw Imana Ivyo dusoma mw ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyefezi: Ncuti zanje: Ntimugashavuze Mutima mweranda w Imana yabashizeko ikimenyetso kizobaranga ku munsi w urukiza. Umwikomo, ubukazi, ishavu, induru, ibitutsi, ivyo vyose murabirwanya hamwe n akabi kose. Ahubwo mugiriranire ineza, mugiriranire imbabazi kandi murekuriranire nkuko Imana yabarekuriye muri Kristu. Ni mwigane rero Imana nk abana ikunda, kandi ni mugendere mu Bavukanyi dusangiye ukwemera, ibisomwa vyeranda tuzirikanye kuri uno musi w Imana biratwereka ko mu rugendo rw ubuzima turimwo dukeneye imfungurwa idukomeza, birashika tukihebura canke tukadebukirwa ntawundi adukomeza atari Yezu Kristu we atubwiye ati: Jewe ndi wa mukate w ubuzima . Mu gisomwa ca mbere turumvise ingene umuhanuzi Eliya yihebuye gushika naho yipfuza urupfu. Yagenze umusi wose mu bugaragwa ararambirwa, aricwa n inzara, inyota, uburuhe na cane cane aruhishwa n abantu bintemera badashaka guhinduka ngo bahebe gusenga ibintazi. Hari mu kinjana c 9 imbere ya Yezu Kristu kungoma y umwami Akab yari yubakanye n umwamikazi Jezabeli umupaganikazi. Uwo mwamikazi agashaka ko bose basenga ikimana baali. Ivyo vyose umuhanuzi Eliya akabirwanya amenyesha ko atayindi Mana yosengwa atari Imana y Israeli. Umwamikazi biramubabaza cane aca afata ingingo yo kwirukana uwo muhanuzi mu gihugu ciwe ikiringo kitarenze amasaha mirongo ibiri n ane. Niho rero uwo muhanuzi yaca ahungira mu bugaragwa, arihebura gushika naho yipfuza urupfu. Yavuze ati: Ewe Mukama ubwanje

rukundo nkuko Kristu na we yadukunze, akatwigura, akitanga kw inkuka, akihereza Imana ngo atubere ingorore imoga neza. INKURU NZIZA: Yo. 6, 41-51. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw ijuru Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Yohani: Umunsi umwe, Abayahudi baridogeye Yezu kuko yari yavuze ati: Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw ijuru. Baja barabwirana bati: None si Yezu mwene Yozefu, ntituzi se na nyina? Ni kuki none avuga ati: Namanutse mva mw Ijuru Yezu asubizayo arababwira ati: Reka kwidoga. Ntawushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku munsi w imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo: Bose bazokwigishwa n Imana. Uwumvise Data wese akakira inyigisho ziwe, niwe aza iwanje. Niko, nta n umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y Imana; uyo niwe yabonye Data. N ukuri n ukuri ndabibabwiye uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa; Uyu niwo mukate umanuka uva mw ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw ijuru; uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima. buraheze, akira ubuzima bwanje . Imana iraheza iramuremesha iramugaburira umukate n amazi iramukomeza mu nzira yiwe yose. Izo mfugurwa arazigendera igihe kirekire asubira kurangura ubutumwa bwiwe. Umukama ntasiba kutubwira ati: vyuka, ufungure mu gihe dushonje, mu gihe twihebuye, mu gihe twarambaraye hasi kubera inzara n inyota. Iyo Mana rero yashishikaye ibungabunga abayo bari kurugendo(jn 6,1). Ivyo biribonekeza muri Yezu Kristu umwana w Imana, we mfungurwa nyakuri itanga ubuzima jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw ijuru . Umukama ntahengeshanya kuturema no kuturemesha mu mabanga y Ukaristiya. Abumva barushe kandi baremerewe nibaze begere Umukama mu mabanga y Ukaristiya. Muri Ukaristiya rero ni Yezu asubira kwihereza se wiwe natwe akaduhebera umubiri wiwe n amaraso yiwe mu mukate n umuvinyu. Kristu ni we mfungurwa nyakuri ni wa mukate uha ubuzima umutima w uwemera akaronka ingoga z ukubandanya urugendo rw aha kw isi muri aya madidane n ibihuhusi bishobora kudutirimutsa mu kwemera. Uwo mukate niwo mubiri wiwe uzanira isi ubuzima. Ntanumwe atazi akamaro ko gufungura no-kunywa, uwutariye canke akarya ibidakwiye ntamagara agira nta n umwete wo gukora aronka. Iwacu turabibo-na abana batagira ico ba-

rya barashera bagapfa bayerera bakonda, Yezu mu Karistiya, atumara inzara n inyota akatwuzuza urukundo n ikigongwe vyiwe. Kugira rero tumwakire Paulo mweranda adutumirira kugendera urukundo, turwanye umwikomo, ubukazi, ishavu, induru, ibitutsi, akabi kose gurtyo tubashe kwegera Kristu we adukomeza tudafise agatosi. Birababaje kubona abavuye gusangira ku meza meranda bashitse imuhira batangura gutongana, bakicana, bagafata inkota bagasogotana, bakimbana no mu mizi; biramaramaje kubona abavuye gusangira bagaca baja gupfukamira umupfumu. uwutamiye ntatamure aba yaratamitswe. Ni twisuzume turabe ko tutatamitswe na sekibi, turabe ko twakira Umukama tubikwiye. Ni benshi bama bariko barajuragirika, ni benshi bicwa n umunanu kuko biyima iyo mfungurwa y ubuzima bakishinga kurya mana wa mukate abanyisraeli barira mw ishamba bakaruhira gupfa .Yezu Kristu ni we mukate muzima wavuye mw ijuru, uwemera wese aka-

mwakira azokwamaho imyaka yose. Babayahudi babonamwo Yezu Kristu nk umuntu asanzwe, batanguye kumuhazanirako, bamwe ntibashaka kwemera ko akomoka ku Mana. Kristu ntareka kubereka ko ukwemera ari ingabirano y Imana avuga ati: Ntawushobora kwemera Data yantumye atamukwegakweze. Ubwo buzima budahera Kristu yabuturonkeye mukutubera inkuka imwe rudende mu gihe yadupfira ku musalaba no mugihe yatsinda urupfu mu kuzuka ava mu bapfuye, yashaka ko abamwemeye basangira kuriyo nkuka imwe rudende mu kwakira uwo mubiri watanzwe ku bwacu naya maraso yasheshwe kubw abantu bose. Haragowe umuntu rero agikekereza, haragowe uwo muntu yiyima imfungurwa y ubuzima nk aba bayahudi bagikekereza. Muze dusabe umukama adukomeze muri uru rugendo turimwo ntitwihebure na rimwe kuko uwo twemera ni mudahemuka tumwegere atugaburire kuko niwe buzima bwacu. A. Paul RUCUMUHIMBA

Bikira Mariya niwe atujana kwa Yezu.

Aradufasha kuzibukira imitego y umwansi. Aradusaba guhindukirira Imana Amahoro y ukuri ava ku Mana. Isi ntishobora kuduha amahoro. Ivyo kw isi n ibihera. Imana niyo nkuru. Turi ngaha kw isi nk abari ku rugendo. Dutegerezwa gukomeza urugendo tudahusha inzira. Yezu na Mariya baguma bashaka kudufasha. Mariya umuvyeyi wacu aguma adusabira. Atwama hafi, no mu bihe bigoye nyene. Ari kumwe natwe, hamwe n umuhungu wiwe. Ubwo natwe turi kumwe nawe? We adutwaye ku mutima. Dukomere ku gisabisho. S ukuvuga kuvuga ibisabisho. Hari abakondagura ishapure ariko badasenga bivuye ku mutima. Hari abavuga ishapure nk ukumara umuziro. Ishapure n igisabisho ciza cane, ariko twobigenza gute ngo tuyivuge tutarandagata? Yezu ari ku musalaba yadusigaranye nyina wiwe. Yabwiye Yohani ati: Nguyo nyoko wawe. Nyina nawe amubwira ati: Ng uyo umwana wawe. Mariya vyose yabigumiza mu mushaha wiwe. Mu gisabisho c ishapure, turasaba Bikira Mariya ngo atwerekeze ku mwana wiwe. Mw ishapure, turazirikana ubuzima bwa Yezu. Birashimishije kubona Umuhimbazwa Papa Yohani Paulo wa kabiri yarongeye kw irozari ivyibukiro vy umuco bitwibutsa ivyo Yezu yatwigishije. Umurongo w ishapure wose n udufashe kuzirikana neza ibiraba ubuzima bwa Yezu mu cibukiro kigezweko. Dawe wa twese n idufashe kuzirikana neza ingene Imana ari umuvyeyi wa twese, tumushimira ku vyiza yatugiriye, tubivuge bicuye ku mutima. Mwaramutse Mariya n idufashe kuninahaza ubutatu bweranda: Mutima mweranda yaje kuri Bikira Mariya, bigatuma ububasha bw uwo mw ijuru bumutwikira Mwana akigira umuntu muriwe, maze agaterwa iteka ryo kwitwa nyina w Imana. Iyo dusavye bikira Mariya ngo adusabire, tumusaba ngo atubere mu ngoro kwa Dawe; bituma tuzirikana kandi tugaha Dawe icubahiro kimukwiye; tukibuka kandi ko Dawe ata na kimwe yokwima Mariya, uwiyeguriye rwose mw ishaka ryiwe . Mu kuvuga ishapure, twifatanye mu bumwe bw umutima n abo bose bambaza Mariya kw isi yose. Tuzoheza turemeshwe n uko twambaza bikira mariya turi benshi, kandi ko azoshikana ku Mana ibisabisho vyacu. Igisabisho cacu kizoheza kireke kuba ico ku munwa gusa, kizova ku mutima. Nouvelles de Medjugorje, n47 2me trimestre 2012 Dusasagaze kw isi akanyamuneza ko kumenya Yezu Kristu. Ng ico icipfuzo Papa Benedigito wa 16 yaseruye mu gisabisho yavuze kw igenekerezo rya 24 Rusama 2012. Ico gisabisho yakivuze acerekeza ku musi mukuru wa Pentekoti 2012 asabira isi yose; yakivuze mu gihe yariko arasozera inama yariko agirana n abepiskopi bo mu gihugu c Ubutaliyano. Ico gisabisho umwe wese arashobora kukigira rwiwe. Nico c iki: Mutima w Imana, wewe utanga ubuzima, wewe wareremba ku mazi kuva mu ntango z isi, n ufashe abantu bose mur iki gihe tugezemwo, isi mu gihe turimwo, ubumvishe ko kuzimanganya Imana mu buzima bwabo bituma batakarira mu bugaragwa bwo mu vy isi; ko aho bemera Imana ariho honyene hashobora gusagarara urukundo, iteka, ubuntu n umwidegemvyo w ukuri; ko ubutungane aribwo shingiro ry imibano iteye igomwe. Mutima Mweranda, wewe wururukiye ku batumwa kuri Pentekoti, wewe utwungira ubumwe muri Ekleziya, kubw Ibatisimu twaronse, n udushwabure, udukure iyo twasanzariye, udusubize mu bunywanyi bw ukuri, bw abasangiye umuryango. N utugire ivyabona bishingira intahe Yezu Kristu ko yazutse, ko ari muzima. N utugire beranda, utugire umuryango w abemera ubaho ugendera mu rukundo. Mutima Mweranda, wewe uyobora ubutumwa, duhe kumenya ko mu gihe tugezemwo abantu benshi bariko bararondera ukuri kw ukubaho kwabo be n ukw isi. Tugire ababafasha kuronka ako kanyamuneza mu kumenyesha inkuru nziza ya Yezu Kristu, we rugano rw Imana ruryosha ubuzima, rukabwamisha ivyamwa vyinshi. Amen. (ZENIT.org)

Dushemeze Imana ku munsi ku munsi


12/8 13/8 14/8
D L M M J V S 19 Ord B
Isidore Bakanja

15/8
16/8 17/8 18/8

Ponsiano Hipolito Maximilien Kolbe Iyurizwa rya Bikira Mariya Stefano w i Hongriya Hyacinte
Umuhimbazwa Bikira Mariya

1Abami 19,4.8 Zab. 33, 2 9 Efezi 4,30-5.2 Yo. 6, 41-51 Ezek 1,2-28c Zab 148,1-14 Mt. 17,22-27 Ezek 2, 8 3,4 Zab. 118,14 131 Mt. 18,1-5.10-14 Ivyah 11,19a;12,1 10 Zab.44,10-16 1 Ko 15,20-26 Lk. 1,39-56 Ezek 12,1-2 Zab 77, 56-62 Mt. 18, 21 19,1 Ezek 16,1-15.60.63 Zab Iz 12,2-6 Mt. 19,3-12 Ezek 18,1-32 Zab. 50,12-19 Mt. 19,13-15

Ntwawushobora kunyegera, Data yantumye atamukwegereye ; nanje nzomuzura ku musi w imperuka Uvyiyumviramwo iki ga Simoni?Abami bo kw isi batoza bande ikori canke imperezwa?Abana babo canke ab akavantara? Ndababwiye, n ivyukuri : mudahindutse ngo mube nk abana batoyi, ntimuzokwinjira mu Bwami bw ijuru Umutima wanje uraninahaza Imana, Umushaha wanje wahimbawe n Imana yo Mukiza wanje; Mukama, mugenzanje ancumuyeko, nzomurekurira kangahe ? Gushika ku ndwi ? Ubugaba bwanyu ni bwo bwatumye Musa kubarekura ngo mwirukane abagore banyu ; ubwa mbere siko vyari bimeze Reka abo bana, ntaco mubabuza kunyegera, kuko Ubwami bw ijuru ari ubw abasa nabo

BIKIRA MARIYA YURIZWA MW IJURU.


Bikira Mariya yarakundiye Imana nayo iramukunda, Uwo Imana ikunze rero iramutera iteka. Abemera baratangarira iryo teka abandi nabo bagashaka gukoresha ubwenge bwabo ngo babitegere bigaca bibagora kuvyemera no kubitangarira. Twebwe abahurikiye muri Ekleziya Gatorika turemera kandi turashemeza iyurira mw ijuru ry umuvyeyi wacu Bikira Mariya ku wa 15/08 uko umwaka utashe. Uwutavyemera rero niwe ahomba kuko hariho inema nyinshi kubavyemera. Muvukanyi utaravyemera nokumenyesha ko utaracererwa niwamara kwicara ukihweza iteka Imana yateye Bikira Mariya uzoheza urimutere nawe. Niwabitegera uzoheza utegere ivya Bikira Mariya, Bikira Mariya yavutse nk abandi, ariko Imana yari yaramukingiye igicumuro c inyanduruko. Nico gituma Imana yamugomwe ngo avyare Umwana wayo. Naho atabitegera yaragamburutse ishaka ry Imana riraranguka. Ivyo rero yavyemeye kubera kwubaha be n ugukunda Imana, none navyo vyamuteye iteka ryo kurizwa mw ijuru. Natwe vyotubera akarorero mukugamburuka ishaka ry Imana, twizeye kuzobana n iyo Mana kumwe na Bikira Mariya mw ijuru. Maksimiliyano Mweranda, dusabire ubutwari nkubwo wagize. Ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 14 Umweranda Maksimiliyano. Uwo mweranda ubwa mbere yitwa Remundo Kolbe. Yavukiye muri Pologne, yari umukurirakurinda mu bwami bw Imana. Yararezwe rukristu n abavyeyi biwe bari intahemuka mu kwemera gushitse. Ashikanye imyaka icumi n umwe avutse, Bikira Mariya yaramubonekeye aramwereka ingori zibiri, rumwe rwera, n urundi rutukura, amumenyesha ko azorwanira ubweranda, mugabo azokwigura abandi mu gusesa amaraso yiwe. Remundo ashitse mu busore yaciye yinjira mu muryango wa Bene-Fransisko, abakuru b uwo muryango baca bamwita Maksimiliyano. Arahava aronka ubusaserdoti aburonkera i Roma. Urukundo ntangere yari afitiye Bikira Mariya rwamutumye gukundisha bose no gutegera cane cane ubwiza bw umutima wiwe yasamwe ata gicumuro. Muri vyose barasangiye na Ludoviko Mariya wa Monfort mweranda ivyiyumviro vyo kwitura Bikira Mariya. Maksimiliyano yaranditse ibinyamakuru n ibitabu bitari bike vyo gutsimbataza urukundo rwa Bikira Mariya mu mitima y abantu ati: Mariya ni we musa azoshobora gurtyorora isi kuko yasamwe ata gicumuro. Yarongeye arigisha ko umutima w akaroruhore wa Bikira Mariya utumenyesha ingene Mutima Mweranda yotagatifuza abantu ati: Bikira Mariya twamuhawe n Imana kugira ngo dushobore gutegera ubwiza bwa Mutima Mweranda . Mu gihe Abadagi batera igihugu ca Pologne, na Maksimiliyano yarafunzwe. Umunsi urizina abasirikare b abadagi barashatse kwica umugabo umwe. Maksimiliyano nawe yumvise ko uwo mugabo afise abana, yaciye asaba abo bicanyi kwicwa mu kibanza c uwo mugabo. Umwicanyi mukuru aratangura amubaza ati: Uri nde ? . Maksimiliyano amwishura ati: Nd umusaserdoti katolika . Wa mwicanyi mukuru aca ararekura wa mugabo, aca atuma ingabo ziwe kwica Maksimiliyano. NTAWUSHOBORA KURUSHA URUKUNDO UWIGUZE ABAGENZI BIWE . (YO.15,12). ingoro nziza igeretse kabiri. Ubwa gatatu, nipfuza ko DUCISHEMWO DUTWENGE: Umunsi umwe nsubira kuba inkumi nk uko nari meze ngifise imyaka Umukecuru yariko araharura ivyatsi, aca abona igikere 20. Ubwa nyuma, ndagusavye ingabo zizoza ziranderucakomeretse. Araheza arakivuza, abonye ko cakize, aca ra ngiye gutembera. Ca gikere cihinduyemwo akibwira ati: Subira i wawe kuko jewe ndanka umusore, camwumvirije kera kimwishura giti: kubana n ibikoko. Bugingo avuze ivyo, ca gikeWa mukecuru we, umutima w ukwitwararika re gica gihindukamwo igihume kimeze nk umuabarwaye urawufise, mugabo uracabuze imitihungu mwiza w umusore. Gica kimubaza giti: ma ibiri: Umutima ushima ubworo kuko ivyo utunze Imbere y uko nsubira mw ishamba, ndagusavye vyose ntiwigeze ubishima kuva ukiri muto. Umutima umbwire ibintu 4 wipfuza vyokuryohera mu buzima, ushima ic uri kuko ntushaka kuba umukecuru. Ca ndabigusigarane. Wa mu kecuru aratangura ati: Ubwa gihume gica kimubwira giti: Wavukiye mu bwishime, mbere, nipfuza umusore mwiza tubana asa nawe. none ugiye kubupfiramwo. Ndaguhevye ndigiriye! Ubwa kabiri, nipfuza ko aka kazu kanje gahinduka

You might also like