Professional Documents
Culture Documents
4 Paques 2 C10
4 Paques 2 C10
4 Paques 2 C10
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c'Ibikorwa vy'Abatumwa : 13, 14.43-52 (Abatumwa bashikana Inkuru nziza mu
bapagani)
Umunsi umwe,
Paulo na Barnaba barashitse i Antiyokiya ya Pisidiya ku munsi w'isabato, baragenda mw'isinagoga.
Bavuye mw'ikoraniro,
benshi mu Bayahudi no mu banyamahanga bemeye Ubuyahudi bakwirikira Paulo na Barnaba ;
baraganira na bo, babahanura kugumya mema y'Imana. Kw'isabato ikwirikira, igisagara nka cose kirakorana
ngo cumve ijambo ry'Imana.
Abayahudi ngo babone ico gihugu cose, bavyura ishari,
bahinyuza Paulo mu vyo yavuga vyose, bamutuka. Paulo na Barnaba barashira amakenga, bababwira bati :
« Ni mwebwe mwabwirizwa kubwirwa ubwambere ijambo ry'Umu-
kama ,
none ko muryanse, mukaba ari mwebwe nyene mwikengereye, mubona ko mudakwiye ubuzima budahera,
hinge twigire mu bapagani. Kuko ariko Umukama yadutegetse ngo :
Nagutoye ngo ube umuco w'amahanga,
ngo ujane ubukiriro hose gushika ku ropera y'isi. »
Abapagani bumvise ayo majainbo baranezerwa,
baninahaza ijambo ry'Umukama ;
n'abo bose bari bagenewe ubuhirwe budahera baca
baremera. Na ryo ijambo ry'Umukama rikwira igihugu
cose.
Ariko, abagore n'abapfasoni bakunda Imana,
n'abakuru b'igisagara,
bohejwe n'Abayahudi, bagirira nabi Paulo na Barnaba,
barabirukana babakura mu ntara yabo.
Paulo na Barnaba na bo babakunkumurirako
inkungugu yari ku birenge vyabo, bigira
muri Ikoniya.
Abigishwa na bo bari buzuye akanyamuneza na Mutitna Mweranda.
IGISO IV IW A CA KABIRI
hejuru yabo.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Yohani : (Umzvungere mwiza yariguze intama ziwe)
Umunsi umwe, Yezu yabariye Abayahudi ati : « Intama zanje zirurnviriza ijwi ryanje, kandi ndazizi vyongeye
zirankwirikira.