4 Paques 2 C10

You might also like

Download as doc, pdf, or txt
Download as doc, pdf, or txt
You are on page 1of 2

IDOMINIKA YA KANE YA PASIKA

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c'Ibikorwa vy'Abatumwa : 13, 14.43-52 (Abatumwa bashikana Inkuru nziza mu
bapagani)
Umunsi umwe,
Paulo na Barnaba barashitse i Antiyokiya ya Pisidiya ku munsi w'isabato, baragenda mw'isinagoga.
Bavuye mw'ikoraniro,
benshi mu Bayahudi no mu banyamahanga bemeye Ubuyahudi bakwirikira Paulo na Barnaba ;
baraganira na bo, babahanura kugumya mema y'Imana. Kw'isabato ikwirikira, igisagara nka cose kirakorana
ngo cumve ijambo ry'Imana.
Abayahudi ngo babone ico gihugu cose, bavyura ishari,
bahinyuza Paulo mu vyo yavuga vyose, bamutuka. Paulo na Barnaba barashira amakenga, bababwira bati :
« Ni mwebwe mwabwirizwa kubwirwa ubwambere ijambo ry'Umu-
kama ,
none ko muryanse, mukaba ari mwebwe nyene mwikengereye, mubona ko mudakwiye ubuzima budahera,
hinge twigire mu bapagani. Kuko ariko Umukama yadutegetse ngo :
Nagutoye ngo ube umuco w'amahanga,
ngo ujane ubukiriro hose gushika ku ropera y'isi. »
Abapagani bumvise ayo majainbo baranezerwa,
baninahaza ijambo ry'Umukama ;
n'abo bose bari bagenewe ubuhirwe budahera baca
baremera. Na ryo ijambo ry'Umukama rikwira igihugu
cose.
Ariko, abagore n'abapfasoni bakunda Imana,
n'abakuru b'igisagara,
bohejwe n'Abayahudi, bagirira nabi Paulo na Barnaba,
barabirukana babakura mu ntara yabo.
Paulo na Barnaba na bo babakunkumurirako
inkungugu yari ku birenge vyabo, bigira
muri Ikoniya.
Abigishwa na bo bari buzuye akanyamuneza na Mutitna Mweranda.

IGISO IV IW A CA KABIRI

Ivyo dusoma mu gitabu c'Ivyahishuriwe Yohani : 7, 9. 14b-17


(Akanyamuneza k'imyaka yose k'abacunguwe na Kristu)
Jewe Yohani, mbona isinzi ry'abantu batagira igitigiri
ba y a mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu
ntara zose, bavuga n'indimi zose,
bahagaze imbere y'intebe y'Ubwami n'imbere
y'Umwagazi, bambaye amakanzu yera, bafise
n'ibisanda mu minwe. U mw e wo mu Ba t a ma
a mbw ira a t i :
« Abo ni abarokotse ya makuba,
bamesuye amakanzu yabo, bayeresha amaraso ya wa Mwagazi, Nico gituma bahagaze imbere y'intebe
y'Imanet, bakayikorera ijoro n'umutaga mu ngoro yayo ;

na we Uwuvyagiye ku ntebe azosanza ihema ryiwe

hejuru yabo.

Ntibazoba bagisonza, ntibazoba bakinyoterwa, ntaho izuba rizoba rikibarabika

canke intuguta yose iyo iva ikagera,


kuko wa Mwagazi ubavyagiyernwo hagati ku ntebe uzobaragira kandi uzobashóra ku mazi y'ubuzima. Imana na yo
izohanagura amosozi yose mu maso yabo.

INKURU NZIZA Alleluya, Alleluya.

— Jewe ndi wa mwungere nrwiza ; ndazi intama zanje, na za zikámenya.

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Yohani : (Umzvungere mwiza yariguze intama ziwe)

Umunsi umwe, Yezu yabariye Abayahudi ati : « Intama zanje zirurnviriza ijwi ryanje, kandi ndazizi vyongeye
zirankwirikira.

Ndaziha ubuzima budahera, ntizizokwigera zipfa,

bisubiye ntawuzozinkura mu minwe. Data yazimpaye aruta bose

kandi ntawuzoshobora kuzikura mu minwe ya Data. Jewe na Data turi utnwe. »

You might also like