Download as pdf or txt
Download as pdf or txt
You are on page 1of 4

Kw’Isoko

ry’Ubuzima
mu muryango w’abakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr
Site: www.isokoryubuzima.es.tl
"N’ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21) Igiciro 60 fr
Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ry’Imana mu misa no mu buzima
12/6/2011 UMUNSI MUKURU WA PENTEKOTI –Umwaka- A N°25/2011
Ni twigine Pentekoti turi kumwe na Bikira Mariya.
Yezu amaze kwurira mw’ijuru, abatumwa bagarutse i Yeruzalemu bakoraniye mu nzu
hamwe na Bikira Mariya. Niho Mutima Mweranda yabasanze ku munsi wa Pentekoti.
Abahinga mu gucapa ivya Pentekoti bashira Bikira Mariya hagati y’abatumwa. None
Petero ko ari we mukuru w’abatumwa ico kibanza yakimuhebeye kuki? Mur’ico gihe
c’ukwitegurira kuronka Mutima Mweranda ico kibanza kirabereye Bikira Mariya. Pete-
ro ataratangura kugenderanira Yezu, Bikira Mariya yari azi cane ubushobozi bwa Muti-
ma Mweranda. Mutima yamujeko igihe Imana yamutora ngo atuvyarire Umukiza. Ya-
bajije umumalayika Gabrieli ingene vyoshoboka ko umwigeme atazi umugabo yoshobo-
ra gusama inda. Murazi ingene wa mumalayika yamwishuye ati: Mutima Mweranda azo-
kuzako, nico gituma umwana uzovyara azoba umwana w’Imana. Bikira Mariya yitegereje ko ata kinanira Imana
yaciye yishura ati: ni bimbere uko ubivuze. Nico gituma ku biraba ubushobozi wa Mutima Mweranda, Bikira Mari-
ya yavyiboneye gusumba abandi kuko yasamye imbanyi kubwa Mutima Mweranda. Abatu-mwa bari bihebuye ba-
bonye Yezu ku musalaba, bari bakenye umuhanuzi nka Bikira Mariya ngo bitegurire mu mwizero mwinshi ukuro-
nka Mutima Mweranda. Ese Bikira Mariya yotuyobora natwe tukizera mu gutakambira Mutima Mweranda ngo
agorore ivyo tubona vyatunaniye. Ukuronka Mutima Mweranda ku munsi wa Pentekoti nti bisigura ko vyose bica
biba vyiza cane. Bikira Mariya yaronse Mutima w‘Imana igihe asama inda, ariko amagorwa yabonye ni menshi ca-
ne gushik’aho agenda gusanganira umwana wiwe ari ku musalaba. Ico Mutima Mweranda atugabira, ni za ngabira-
no indwi zituma dukomera kw’ibanga nkuko abatumwa babigize mu kwemera gupfira Yezu. Mutima Mweranda
aza ku bantu bose, ariko ntawe ahata ngo vyanse bikunze ahinduke yigane Yezu. Mu kwakira Mutima wa Penteko-
ti, dusenga turi kumwe na Bikira Mariya, tukavuga nka kumwe yavuga ngo : Mana yanje, ni bimbere uko ubishaka
Mutima Mweranda Umukama sokoryubuzima
Pentekoti duhimbaza n’umusi Mukuru w’akanyamuneza, aho twibuka Mutima Mweranda
yarungitswe na Yezu Kristu ku batumwa no ku bamwemera bose ngo abashigikire yongere
abumvishe ivyo Yezu Kristu yabigishije (Yo.14,17-20). Mutima Mweranda atugira ingoro
yiwe ngo tube beranda gurtyo tukitwa abana b’Imana maze twohejwe nawe tukavuga izina
rya Yezu, tukita Imana umuvyeyi(1Abakorenti.3,16;Abaro.8,15;1Abakorenti12,2). Dukundi-
re Mutima Mweranda niho tutazokurikira inyosha mbi z’umubiri. Tumaze kumukundira,
akatuyobora, tuzokwama ivyamwa vyiza kandi ivyamwa bihoraho. Navyo n’ibi: urukundo,
amahoro, akanyamuneza, kuko urukundo rw’Imana rusasagaye mu mitima yacu kubera Mutima Mweranda ata-
nga amahoro akatwuzuza akanyamuneza (Abaromani 5,5). Ukwemera: Koko niwe adufasha gutegera ivyanditswe
mu bitabu vyeranda. Ubutekereji n’ubwitonzi: Butubuza kujana nyabahurururu, gurtyo tukagumya iteka ryacu
riranga abana b’Imana. Kwitsinda mu vyo tuvuga no mu vyo dukora tukagenzwa na Mutima Mweranda, tugakira
inda mbi, tugakora mu kuri n’ubutungane. Tukagumya umutima tukizigira Imana yo izi vyose. Tukagira imbabazi
kuko Yezu avuga ati: ni mube abanyakigongwe nkuko so wanyu wo mw’ijuru ari munyakigongwe. Ubwerentege-
rwa: Tube beranda nkuko Dawe wo mw’ijuru ari mweranda, no mu kugumya ibanga twihetse kuri Yezu Kristu
Karorero kacu. Mu gufasha abandi kuko uhaye umworo aba ahaye Imana (Abagalati5, 22-23). Ng’ivyo ivyiza Pe-
ntekoti y’uyu mwaka ikuzaniye. Uwemeye kugenzwa n’ukuyoborwa nawe ni vyo vyamwa yama. Ko twaronse Mu-
tima Mweranda mw’ibatisimu, tugakomezwa muri Mutima twabaye abasirikare nyabo ba Kristu bamushingira inta-
he imbere y’abantu kugira ngo Data nawe ayidushingire. Ni tutayimushingira na we nyene ntazoyidushingira. Twe-
se ni tugire ubukomezi bw’umukama wacu Yezu Kristu, urukundo rw’Imana, duhorane na Mutima Mweranda
(2Abakorenti 13,13. Mutima mweranda, wew’utunywanisha na Data hamwe na Mwana shika, shika, shika uduhindu-
re utugire ab’Imana babushitse. Ingo Mana Mutima Mweranda, ni wuzuze imitima y’abakwemera. Frera Téophile.
Twumvirize iryo Imana ituyagira « Yezu ni Umukama, » atabivugishijwe na Mutima
KU MUNSI MUKURU WA PENTEKOTI A Mweranda. Niko, hariho ubwoko bwinshi bw’inga-
IGISOMWA CA MBERE: Ac.2, 1-11. birano, mugabo Mutima akaba umwe; hariho
Bose buzura Mutima Mweranda ubwoko bwinshi bw’imirimo, mugabo Umukama
akaba umwe; hariho ubwoko bwinshi bw’ibikorwa,
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa:
mugabo Imana yo itunganya vyose muri bose ni
Umunsi wa Pentekoti wasanze abatumwa bose ba-
mwe nsa. Umwe wese ahabwa na Mutima ingabira-
koraniye hamwe. Niho havyuka intureka iva mw’i-
no, kugira ngo igirire akamaro bose. Nkuko umubi-
juru imeze nk’umuyaga w’igihuhusi, wuzura inzu
ri ari umwe, ukagira ingingo nyinshi, na zo izo ngi-
barimwo hadaciye n’akanya. Babona haserutse
ngo zose zikagira umubiri umwe, naho ari nyinshi,
imbeya zimeze nk’indimi z’umuriro, ziricagura zija
niko Kristu ameze na we. None natwe, muri Muti-
guhagarara ku mutwe w’umwe wese mu bari aho.
ma umwe niho twabatirijwe twese ngo tube umubiri
Bose rero buzura Mutima Mweranda, batangura
umwe, baba Abayahudi canke Abagreki, abashu-
kuvuga izindi ndimi ku rugero Mutima Mweranda
mba canke abidegemvya; bisubiye, twese twagaba-
abahaye kuzivuga. I Yeruzalemu na ho, hagerereye-
nye Mutima umwe.
mwo abantu bubaha Imana, bari bavuye mu ntara
zose ziri munsi y’ijuru. Aho bumviye intureka, aba- INKURU NZIZA: Yo. 20, 19-23. Kumwe Data yantu-
ntu bose barashwabaduka bumiwe bwumirwe, ku- ma, nanje niko ndabatumye: ni muronke Mutima Mwe-
ko umwe wese yumva abatumwa bavuga ururimi randa
rw’iwabo. Bagwa mu gahundwe, baraheza bagira Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Yohani
bati: « Aba bantu bavuga si ab'i Bugalile? Bigenze Ku mugoroba w’uyo munsi ariwo mubarwa wa
bite none ko umwe wese yumva bavuga ururimi mbere mu ndwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari
rw’amavukiro, uri abo i Pariti, uri abo i Medi n’abo bugaye inzugi ku gutinya Abayahudi. Niho rero
i Lamati, uri abaturuka i Mezopotamiya n’i Buyu- Yezu yaza, agahagarara hagati
deha n’i Kapadosiya n’i Ponti muri Aziya, uri Aba- muri bo ababwira ati: «Ni mugi-
nyafrijiya n’Abanyapamfiliya n’Abanyamisiri be re amahoro!” Avuze artyo, abe-
n’abava mu ntara y’i Libiya yegereye Sireni, uri reka ibiganza vyiwe n’urubavu
Abaromani bari ino, uri Abayahudi n’abatoye idini rwiwe. Abatumwa ngo babone
yabo, uri Abakreti n’Abarabu, twese twumva baha- Umukama, barahimbarwa.
ya mu ndimi zacu ivyiza vy’Imana. » Yongera ababwira ati: «Ni mugi-
IGISOMWA CA KABIRI: 1Kor. 12, 3b-7. 12-13 re amahoro Kumwe Data yantuma, nanje niko
Muri Mutima umwe, niho twabatirijwe twese ngo tube ndabatumye.» Ababwiye ivyo arabahuha ati: «Ni
umubiri umwe muronke Mutima Mweranda, Abo muzorekurira
ibicumuro bazoba babirekuriwe, abo muzobigumi-
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo
zako bizobagumako. »
yandikiye Abakorenti
Ncuti zanje: Nta n’umwe yoshobora kuvuga ati:

Egome Yezu baramwishe ku musa- batavuga rumwe baca barumvikana. Ubuzima buturuka
laba, hanyuma yarizuye mu bapfuye. kuri Mutima w’Imana ni ubumwe n’urukundo. Ubu-
Vyongeye yamaze iminsi mirongo mwe bw’Imana si ukuvuga ko abayahudi bacika abaro-
ine abonekera abatumwa, abasigurira mani canke abarabu, cabure abagreki bakavuga ururimi
ivy’ubwami bw’Imana. Hanyuma rumwe. Ubumwe bw’Imana n’uko umuntu wese yumva
yaho yuriye mw’ijuru ahejeje gutu- uwundi mu rurimi n’akamere kiwe. Paulo arabidusigu-
ma abatumwa biwe ku bantu bose rira neza ati: nk’uko umubiri ar’umwe ukagira ingingo
ngo babigishe bongere babatize aba- nyinshi niko n’abemera bagira nk’umubiri umwe muri
zoba bemeye. Ariko Yezu yarabaga- Kristu. Ntidupfa ngo n’uko twese tudasangira igihugu
bishije ngo bazobanze baronke Mutima Mweranda. canke intara imwe canke ubwoko bumwe, ikitwica
Tuvyumve neza: ibikorwa bazobikora bari kumwe na n’uko tudategerana muri Mutima Mweranda. Igikorwa
mutima Mweranda. Nico gituma abatumwa bari bako- cambere ca Mutima Mweranda ni ugufuta igicumuro
raniye hamwe biteze uwo Mutima Mweranda. None kiduteranya. Ariko ico gifuta igicumuro gitangura ha-
uwo Mutima Mweranda yaje ate? Yaje nk’umuyaga, rya umuntu asaba ikigongwe ngo ave mu vyara vy’ibi-
nk’impwemu z’Imana. Nka harya aho Imana mu kure- korwa bibi ngo akore uko Imana ishima. Abatanguye
ma yagize igishusho c’umuntu hanyuma isukamwo kwumva umutumwa Petero yigisha ivya Pentekoti
impwemu ziwe ngo umuntu aronke ubuzima. Impwe- baciye bavuga bari: Bavukanyi, none dukore iki?
mu n’ubuzima biri kumwe. Uwudahema aba yapfuye. Ukwakira Mutima Mweranda ku munsi wa Pentekoti
Ubuzima bukomoka ku Mana iciye kuri za Mpwemu bijana n’uguheba ibicumuro tukagamburukira Imana.
za Mutima Mweranda bigatuma abantu babana mu Pentekoti ishika harya umuntu yigaya agakora uko
bumwe bumvikana. Ico nico cabaye ku munsi wa Mutima Mweranda imwosha. Dusabe Mutima
Pentekoti, abantu baturuka mu bihugu vyinshi kandi Mweranda aduhuze mu bumwe butagira amahinyu.
Ingo Mutima Mweranda. Ku musi wa Pentekoti, abatumwa bari bamaze imisi icenda biyugaranye,
ubwoba bwabatekeye. Nkuko Yezu yari yabibemereye, yarabarungikiye Mutima
Mweranda, babona kugira inkomezi zo gutangura ubutumwa Yezu yabasigiye. Na twe-
bwe nyene tumaze imisi icenda twitegurira kwakira Mutima Mweranda. Hari igihe na-
twe dutekerwa n’ubwoba tukabura umwidegemvyo wo kuba ivyabona bibushitse vya
Yezu Kristu. Nico gituma uko umwaka utashe Ekleziya yama itwinjiza mu bihe vyiza
vyo kurushirizaho kwugurura imitima ngo tuzirikane kandi twakire ingabire ya Mutima
Mweranda, twongere tumureke kugira yishire yizane mu mitima yacu, adukuremwo
ubwoba bwose, umuco wiwe udutamanzurireko, akonye ibidadaye mu mitima yacu no
mu buzima bwacu. Kukaba nkako, birakwiye ko dushingira intahe Yezu Kristu ata bwo-
ba, ata makenga. Kubw’ibatisimu n’ugukomezwa muri Mutima Mweranda, twararonse
ingabirano zihambaye ziserura ububasha bw’Imana mu buzima no mu butumwa bwacu. Ekleziya imurikiwe na
Mutima Mweranda, yatohoje ko izo ngabirano ari indwi. Nazo ni izi: 1. Ugutinya Imana: Iyo ngabirano ifasha
umuntu kugirira Imana icubahiro gikomeye, ku buryo atinya kuyishavuza. Aca yirinda inabi aho ituruka hose,
agatinya gukora igicumuro. Amenya ko muri vyose yuzuzwa n’Imana. 2. Ugusenga: Iyo ngabirano ifasha umuntu
guca bugufi imbere y’Imana, akamenya ko ari umucumuzi, ko agendera mu ntege nke, agaheza agasaba Imana
inema akeneye ngo agendere mw’ishaka ryayo. Uwigira ngo aratunganye arutwa n’umucumuzi yagaye akabi kiwe.
3. Ubumenyi: Iyo ngabirano ifasha umuntu kuzirikana ingene ata kamaro ko kwihambirira ku vy’isi kuko bimara
akanya gato; ubumenyi bw’ukuri butwerekeza ku vyiza vy’ijuru. 4. Ubuhanuzi: Iyo ngabirano ifasha gutohoza no
kugendera mw’ishaka ry’Imana. Yerekeza umuntu ku rukundo, rukamutuma kwitwararika abavukanyi no kubafa-
sha gutohoza icobaremurura mu mitwaro bafise. 5. Ubukomezi: Iyo ngabirano ifasha umuntu kugira ukwemera
kutayegayega, kutaneshwa n’ama-kuba canke ibigaragezo, canke imitego ya sekibi. Uwufise iyo ngabirano agende-
ra kuri bimwe Paulo mweranda yavuga ngo “n’iki kizodukura ku rukundo rw’Imana?…Nta na kimwe lero kimu-
tangira ngo kimubuze kuyoboka Imana. 6.Ubwenge : Iyo ngabirano ifasha umuntu gutahura ivy’Imana n’ingene
iyo Mana yamenyesheje umugambi wayo iciye ku vyanditswe vyeranda. Uwufise iyo ngabirano aronka umuco wo
gutahura amabanga n’ibinyegezwa mu vy’Imana, agafasha n’abandi kubitahura. 7. Ubwitonzi. Iyo ngabirano ifasha
umuntu kugira umutima utekanye, werekeje ku vy’ijuru. Uwufise iyo ngabirano umutima wiwe ntuhugumbwa;
uwo muntu aba umunyamahoro, akayaremesha mu bandi.
Nari mw’ibohero murandamutsa.S’ivyo umuntu yobwirwa nk’umugani: ntawutazi ko kw’isi yose
no mu Burundi, hariho amabohero n’ibitaro birimwo abarwaye bakenye ico bambara
n’ico bafungura. Athanase Bahaminyakamwe n’abo basangiye umugwi baratubwira
ingene barangura ubutumwa bwo gufasha abanyororo n’abagwaye. Tumwumvirize:
Turi ba nde? Umugwi wacu ugizwe n’abakristu bamwe bo muri Paruwase ya Buho-
nga, ishule ya Buzige, Kirombwe, Kiriri no mu gisagara ca Bujumbura, hanwe n’aba-
na b’imfuvyi bo mu Cibitoke na Buterere, abakristu bo mu muhari wa Bikira Mariya
bo muri Paruwasi Rugendo na Cibitoke. Aho turangurira ubutumwa: Mu gasho kari
i Bujumbura mu Buyenzi (BSR) Ingene vyatanguye: Hari mu mwaka wa 1994. Nari
mvu-ye mu Cankuzo ndi kumwe n’abandi bakristu bo mu muhari wa Bikira Mariya,
tuvuye kuremesha abavukanyi bahuye n’amagume muri Paruwasi ya Muyaga.
Tugarutse, abacunze bariyeri yo ku Ntahangwa baciye batujana kuturaza mw’ibohero
ryo muri BSR, duca dusangayo n’abandi bantu benshi bafungiweyo. Nca mbona ko
Imana yashatse kuhanyereka no kuhantuma. Ubutumwa turangura: turabasengesha, iyo turonse udufungurwa
rimwe canke kabiri mu ndwi turabagaburira, ntibagiye n’ico bakunda kuruta ibindi arico gikuru nkuko bo nyene
babivuga: ijambo ry’Imana. Turabasigira ikinyamakuru kw’isoko ry’ubuzima iyo twakironse. Kirabafasha kuguma
biyegereza Imana. Iryo bohero ntiryigera ribura abo riraza. Abarwiriyemwo cane cane n’imisore n’abagabo, abige-
me, abakenyezi, abatama. Turabibutsa ko Kristu akunda abantu bose, ko ari twebwe abacumuzi twamuzanye, ko
Imana itanka umuntu ariko yanka igicumuro. Ingene turonka ibifungurwa: Mu bo dufashanya, hariho abarima
imirima tuba twakotesheje ngo turonke ibifungurwa tubashira. Hari n’abishinze kuduha aho turima imyumbati.
Hari n’abigeze kuba bafungiwe muri BSR batahuye ko ico gikorwa gihambaye, baduha aho turima imyumbati.
Hariho n’abo mu ma Paruwase ya Cibitoke na Rugendo bahora baturungikira imfashanyo y’ibifungurwa. Abo bose
Imana ibahezagire. Hari n’abo mu gisagara ca Bujumbura bahora baduha imfashanyo yo ku Noeli no ku Pasika
tugaca turonka ico tubagirirako umusi mukuru. Umuntu afunzwe iyo umuravye ukamwereka urukundo, umutima
wiwe urashobora kubohoka. Bene wacu, dukunde abafunzwe, tubafashe ku mutima no ku mubiri, niho tuzoba
tubafashije guhinduka. Twirinde ivyo guca Imanza, tubirekere abo vyega; tureke kuremeka abandi umuzigo w’i-
bicumuro; erega twese turi abanyabicumuro. Noneho umuntu arashobora gupfungwa kubera itohoza ataco wagira.
Dufashe bene wacu, tubaremeshe, bahaguruke, dutambukire hamwe mu rugendo rutujana kwa Mana Data. Yezu na
Mariya na Yozefu ni baduherekeze, dukorere Imana tumurikiwe na Mutima Mweranda umutabazi n’umuhoza.
Turashimiye cane abarongoye ikinyamakuru kw’isoko ry’ubuzima. Bahaminyakamwe Athanase.
Usabire bagenzawe bitiranwa n’abo beranda
Umusi Aberanda dusaba Injili y’uno musi
Ku w’Imana, 12/6 Kwirino, Guy Yo. 20, 19-23 Ni mugire amahoro! Kumwe Data yantuma niko ndabatumye
Ku wa 1, 13/6 Antoni w’i Padu Mt. 5, 38-42 Eka jeho mbabwiye kudahangana n’umuhambazi
Ku wa 2, 14/6 Metodi, Elisée Mt. 5, 43-48 Kunda abansi banyu, kandi musabire ababahama
Ku wa 3, 15/6 Germana, Guido Mt.6,1-6.16-18 Ni wagira ico uhaye umurushwa, ntukigire ururirimbo
Ku wa 4, 16/6 Yohani Fransisko Mt. 6, 7-15 Mu gusenga ntimuvuge menshi nk’abashenzi
Ku wa 5, 17/6 Herve Mt. 6, 19-23 Ni muhame itunga ryo mw’ijuru, ho ingese n’umuswa bitagera
Ku wa 6, 18/6 Léonce, Gregorio Mt. 6, 24-34 Ni mureke guhagarikwa umutima n’indya zo kubatunga n’impuzu z’ukwambara
MUTIMA MWERANDA, UMUBURANIZI WACU.
Umusi mukuru wa Pentekoti si umusi mukuru w’uwo bakunda kwita kukwihenda “Umuhoza”, ari-
ko ni “Umuburanizi”, igikorwa ciwe ni ico kuguma iruhande y’umwumwe wese gugira amufashe,
amushigikire, amurwanire, amuburanire iyo arenganijwe no mu gihe ubutungane canke iciyumviro
c’abantu b’ikivunga bimushize mu bahanwa canke mu bakumirwa. Ni twaba twahisemwo gusangira
ukubaho kw’umugabo n’ukw’umugore kenshi bisuzugurwa, ni twaba dufise impuhwe zimwe ku ba-
kumiriwe, ni uko twize kubaraba ukundi muri Mutima Mweranda. Ni ukubera ko mu mageragezwa
ya misi yose tubona uwo Mutima Mweranda aduha gukunda naho turi ba ntamagara canke ingorane
zo kurengera uburuhe n’ubunyakamwe. Imbere y’uko ivyo bidushikira, Kristu yarashizwe mu bihe
umengo abakene baracinyizwa. Kristu, uwambere yatanguriye igihugu gishasha, yaratsindiye shetani ku kibuga ca-
yo gushika ku kigeragezo canyuma ku musaraba ari naho umutumwa Paulo mw’ibaruwa rya kabiri yandikiye Ti-
moteyo ritubwira inzira ya Pasika yo mu mutima: “Iy’urukundo rwizigira naho hoba iki!” Philippe Maillard-La Vie
Ingo Mutima nawe umuco uvanye mw’ijuru udutamanzurireko. Ingo Muvyeyi w’abaru-
shwa, soko ry’ingabirano zose, muco w’imishaha. Muhoza w’agahebuza, mushitsi nyawe
w’imitima yacu, muhumuriza w’agatangaza. Ruhukiro ry’abari ku kivi, gatutu k’abishwe
n’intuguta, kamwemwe k’abuzuye akabonge. Muco w’agahimbare, shwara imitima y’aba-
kwemera. Umuntu adafashijwe n’ubumana bwawe, nta na kimwe kiroranye yoshobora gu-
kora. Uhagira imitima yacu. Vomera imishaha yacu yasaragaye, inguma zacu nazo uzizima-
nganye. Konya ibidadaye, susurutsa imitima yacu, kebanura ibitari mu buryo. Abakwemera
baguhanze amaso, baramagize ingabirano zawe indwi. Soko ry’abarikwiye, shikiro ry’ubu-
kiriro n’akanyamuneza k’imyaka yose. Amen, Alleluia.
Mbega hari igihe vyanka ko umuntu agirira ikigongwe uwamububaje? Hari umuntu umwe yibajije ibi
bibazo bikurikira: Mbega noshobora kurekurira uwo twubakanye anyiriza ku mahiri akanda-
za kurya musonga, akamvanga n’abandi bagore, akamenera ibanga, akankorera ikibi mu buryo
bwose bushoboka? Noshobora kurekurira gute umugabo yakoreye ivya mfura mbi umwana
wanje? Noshobora kurekurira umukazana wanje kandi yatesheje ukwemera umuhungu wanje,
akamutesha no kundungikira abuzukuru? Noshobora kurekurira musanzanje kandi yanzuru-
mye itoranwa ryanje? Norekurira gute abana navyaye, iyo bamaze kunta nk’akanuka kandi
naritanze, nkiheba ngo babeho? Norekurira gute uwo tuvukana yanyararaje, agacafuza ubuzi-
ma bwanje? Norekurira gute urya musore yakinishije ubuzima bw’umukobwa wanje, gushika n’aho amutuma yiya-
hura? N’ibindi vyinshi... Kumbure nawe urafise ibibazo bisa n’ivyo. Kuri ivyo bibazo vyose, uwo muntu yarihaye
inyishu ati: Ntibishoboka. Ariko Yezu atwigisha gusenga ngo: “Uturekurire ibicumuro vyacu nkuko natwe ture-
kurira abatugiriye nabi“. Duhiriwe duhishije, kuko ibidashobokera abantu Imana yoyo irabisho-bora. Ico twebwe
dushoboye, n’uko twosenga tuvuga tuti: “Mukama Yezu, ivyo unsaba ntavyo nshobora, bimbereye nk’umuzi w’ibuye.
Igikomere canje casebuye. Ariko wewe uri rukundo, uri ikigongwe. Shira wewe nyene ikigongwe cawe mu mutima
wanje“. Kwubahuka gusenga gurtyo, n’intango yo gutanga ikigongwe. N’aho agatima kavuye ku runtu runtu koza
karatuvyurira ishavu, inzigo n’ugushaka kugira ingere ku yindi, umutima wacu uzoza uratera intambwe iboneka.
Iyo umuntu afise mu mutima wiwe ishaka ry’ukuri ryo kurekurira abandi no kuba umunyakigongwe, Imana irabi-
bona, ibisigaye ikavyikorera. Bikira Mariya abarira abana b’i Mejugorje ati: “Bana banje, ni mwaba mushaka gu-
tera intambwe turi kumwe ngo mushikire amahoro ava ku rukundo rw’Imana, mutegerezwa kwiga gusaba no
gutanga ikigongwe“. Ko Bikira Mariya yatugiriye ikigongwe ku mabi twakoreye umwana wiwe, twisunge impa-
nuro ziwe kuko ata n’umwe amusumvya gutahura ivy’ugutanga ikigongwe. (Nouvelles de Medjugorge, Ntwarante 2011).
ABARUNDI BARAZI GUTWENZA: Hari umugabo akizanzamuka akoma induru ngo inkoko ziramunovye.
yari arwaye mu mutwe, abonye inkoko yarako- Baca baratumako ab’iwabo ngo bamutahane.
ma induru akiruka kuko yiyumvira ko zigire Barataha ariko ngo bagende nk’imetero ama-
zimunobe. Hanyuma baramujana kwa muganga. jana abiri aca aragaruka abwira muganga ati:
Muri ico gihe we yabona ko bamuhungishije Muganga, jewe ndatashe, kandi nakize; none
kugira ngo inkoko ntizimunobe. Baramuvura ba- ubwo inkoko zamenye ko nakize? Baca babo-
bona umengo yakize kuko aryamye yarasinzira, ntiyari na ko atarakira.

You might also like