Download as pdf or txt
Download as pdf or txt
You are on page 1of 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzima.es.tl

"Nukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro 60 fr

11/9/2011 IDOMINIKA YA MIRONGO IBIRI NA KANE Umwaka-A N38/2011

Icompa ntihagire ikindi kininahaza ndetse umusalaba wa Yezu Kristu (Gal.6,14).


Hari igihe abantu bumva ko bafise igihagararo kinini gusumba abandi, bakacishimira. Nko mu gihe umuntu ahayagizwa ku kazi bakavuga ko ariwe wa mbere, canke iyo yatahukanye intsinzi mu mashule no mu nkino agakomerwa amashi, ariyumva ko akomeye, akavyishimira. Aho mubona ni mu kibuga ca Real Madrid; isinzi ryabantu bangana ibihumbi ijana bari baje kuraba ingene Ronaldo na Casillas nabandi bahiganwa mu rukino rwumupira rubahuza nabandi bakinyi rurangiranwa bo mu wundi mugwi. Haba kubwabo bakinyi canke kubwabo barorerezi, ugutsinda mu rukino rwumupira niteka ntangere. Abantu niko tumeze. Dushaka kuba abambere mu buzima, mu biraba gutunganya isi muvyiterambere, mu biboneka. Ariko Paolo Mweranda amaze kunyurwa nurukundo Yezu yatweretse ku musalaba, yavuze ati: Jeho icompa ntihagire ikindi kininahaza ndetse umusalaba wa Yezu Kristu, watumye ivyisi bimbambirwa nanje nkabibambirwa. Kuva amenye Yezu, vyose yaciye abibona ukundi. Intsinzi yukuri ntihagaze ku kuba uwambere mu mashule, mu bikorwa, mu nkino canke ibindi vyo mwisi. Ugutsinda nukwitanga nka Yezu. Nugukunda nka Yezu. Ku munsi wa gatatu, tuzohimbaza umusi mukuru wininahazwa ryUmusalaba, nkuko Ekleziya ibidutumirira uko umwaka utashe, kwigenekerezo rya 14 Nyakanga. Turaninahaza umusalaba Yezu yabambweko, akatwereka urukundo ntangere adufitiye. Paolo Mweranda yarigeze guhanura abafise inyifato yerekana ko ari abansi bumusalaba wa Yezu. Bene abo bironderera ibibaryohera ku mubiri gusa, bashaka kurya batakoze, barya imitsi abandi, bikwegerako, ntibashaka kwigorera abandi, ntibitanga ngo bafashe abagowe. Igihambaye mu buzima, sugutsindwa canke gutsinda mu vyisi. Igisumba vyose, ni urukundo. Turashimira numugwi winkino Real Madrid warungitse imipira namashati ngo urwaruka rushobore gukina umupira. Muvukanyi, ku musi wa gatatu uratumiriwe kuninahaza umusalaba wa Yezu. Nukunde kandi kwambara umusalaba wa Yezu, uwumanike mu nzu. Saba Yezu agushoboze gukunda ufatiye ku karorero yaduhaye. Ininahazwa urondera, ni rishimikire ku rukundo.

Umusalaba niwo waturokoye, uratubohora. Turaninahaza intsinzi yumusalaba. Yezu yarawubambweko ngo turonke urukiza. Turahimbaza umusalaba waturokoye ukaturonkera intsinzi. Yezu nUmukama wacu, niwe zuka ryacu. Ku bwiwe twaracunguwe turabohorwa. Umusalaba warashwiragije umwijima utuzanira umuco. Amaraso namazi yavuye mu rubavu rwa Yezu abamvye ku musalaba aratyorora isi. Intsinzi yumusalaba yaturonkeye umwidegemvyo wabana bImana. Sekibi yaratsinzwe kubera umusalaba. Ku musalaba, ikigongwe caratsinze: Yezu yaragiriye ikigongwe abamubamvye, aremerera ijuru umucumuzi abambanywe nawe agaca bugufi akigaya. Umusalaba uratwibutsa amagorwa Yezu yabonye kubera twebwe. Ku musalaba wa Yezu, niho twagabaniye umuvyeyi Bikira Mariya ngo abe umuvyeyi wabantu bose. Musi yUmusalaba wa Yezu niho dutura imisalaba yacu, ngo yisunze imigambi yininahazwa ryiwe ayituremurure canke ayidutwaze. Mukama, kubwintsinzi yumusalaba wawe, nutubabarire, uduhezagire, umuco wawe uturasireko. Muvukanyi, musomyi wikinyamakuru cacu, tamba utarike, Yezu yarabambwe ku musalaba ku bwawe, intsinzi yizuka ryiwe, ni intsinzi yawe.

Twumvirize iryo Imana ituyagira


IGISOMWA CA MBERE: Sir. 27, 33-28, 9 Banza urekurire mugenzawe yakugiriye nabi, niho uzorekurirwa ibicumuro vyawe Ivyo dusoma mu gitabu c'Ubwitonzi: Ayandi mashano abacumuzi bakora, ni inzigo n'ishavu. Uwihora, Umukama na we azomwihora, amubaze ku bicumuro vyose yakoze. Rekurira umugenzawe akabi yakugiriye, kugira ngo nawe ni wasaba, uze uronke ikigongwe c'ibicumuro vyawe. Umuntu yama afitiye inzigo mugenziwe, mbe yosaba ate Umukama ngo amukize? Ku muntu nkawe, nta kigongwe agira, none yosaba ate ngo arekurirwe ibicumuro vyiwe? Ko atibuka ko ari ikiremwa gusa akagira inzigo, ni nde yomugirira imbabazi ku bicumuro vyiwe? Urame wibuka amaherezo yawe, uheze wirinde urwanko, uribuka ko uzopfa ukabora, uheze witwararike amategeko y'Imana. Uribuka amabwirizwa y'Umukama, ureke kugirira akajirya mugenzawe. Uribuka isezerano ry'Umushobora vyose, uheze wirengagize igitutsi. IGISOMWA CA KABIRI : Rom.14,7-9 Tubaho canke dupfa, turi ab'Umukama Ivyo dusoma mw'ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani: Ncuti zanje: Nta n'umwe muri twebwe abaho ngo yigungane ubuzima, kandi nta n'umwe apfa urupfu rwa wenyene. Iyo turiho, ubuzima bwacu ni ubw'Umukama; ni twapfa na ho, dupfira Umukama. None rero tubaho canke dupfa, turi ab'Umukama. Igituma ni uko Kristu yapfuye akisubiza muzima, kugira ngo abe Umukama w'abapfuye n'uw'abazima. INKURU NZIZA: Matayo18, 21-35 Sinkubwiye kumurekurira gushika indwi, ar'iko kugeza kuri mirongo indwi ku ndwi.. Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Matayo: Umuntu yama afitiye inzigo mugenziwe, ku muntu nka we nta kigongwe agira, none yosaba ate ngo arekurirwe ibicumuro vyiwe ? Uyu musi, muvukanyi, Ikereziya iduhamagariye kuzirikana ku kigongwe dusaba tukaronka no ku kigongwe dusabwa tukagitanga canke tukacimana. Mu gitabu cUbwitonzi harimwo impanuro nyinshi zijanye nico ciyumviro. Umwanditsi abanza kutwiganira amashano amwamwe abacumuzi bakora, ati: Ayandi mashano abacumuzi bakora ni inzigo nishavu, ukwihora, ukutarekuriranira nukutibuka ijambo ryIsezerano ari yo mabwirizwa. Umwanditsi avuga ati: Uwihora, Umukama na we azomwihora. Rekurira mugenzawe akabi yakugiriye, kugira ngo nawe niwasaba uze uronke ikigongwe cibicumuro vyawe. Umuntu yama afitiye inzigo mugenziwe, mbe

Muri irya minsi, Petero yegereye Yezu amubaza ati: Mukama, mugenzanje ancumuyeko, nzomurekurira kangahe: gushika indwi? Yezu na we ati: Sinkubwiye gushika indwi, ariko kugeza kuri mirongo indwi ku ndwi. Nico gituma Ubwami bw'ijuru busa n'umwami yagomba kwishuza abasuku biwe. Ngo abe agitangura, bamuzanira uwari amuheraniye amatalenta ibihumbi cumi. Nya musuku ngo abure ico yishura, shebuja ategeka ko bamucuruza we n'umugore n'abana, be n'utwo atunze twose, abe yishuye rero ivyo aheranye. Nya musuku yikubita imbere yiwe, aramutakambira ati: Mukama, ntenyenyera, nzokwishura ivyawe vyose. Shebuja rero biramutera ikigongwe aramurekura amuhebera n'umwenda ya-ri amufitiye. Uno musuku ngo ave hano, ahura n'u-mwe mu bagenzibe amufitiye amadenariyo ijana. Aca amugwa mu kanigo, aramukamvya ati: Ishura ivyo umperaniye. Uno na we aca aramupfukamira, aramutakambira ati: Ntenyenyera, nzokwishura. Uwundi na we aranka, mbere aca aja kumushirisha mu ngoyi, umwanya atarishura umwenda yariye. Bagenzibe ngo babibone, birabababaza cane, baca baja kwiganira shebuja ivyabaye. Na we aca aramuhamagaza, amubwira ati: Wa musuku w'inkozi y'ikibi, umwenda wose wari umfitiye nawukurekuriye kuko wantakambiye none weho, ntube wagirira imbabazi mugenzawe nkuko nanje nazikugiriye? N'ishavu n'akantu, shebuja amurekurirako abantu biwe, baramuhuragura, umwanya atarishura umwenda wiwe wose. Uko niko na Data ahangamye mw'ijuru azobagira, ni mutarekurira abandi bimwe bishemeye. yosaba ate Umukama ngo amukize? Mu Nkuru nziza naho nyene Yezu atwigisha kugiriranira ikigongwe. Yafatiye ku kibazo Petero yamubajije ati: Mukama, mugenzanje ancumuyeko, nzomurekurira kangahe: gushika indwi? Yezu na we amwishura ati: Sindakubwiye gushika indwi, ariko gushika ku mirongo indwi ku ndwi . Yezu yaciye agirako acira umugani Petero nabari aho, usigura ingene dutegerezwa kugirira ikigongwe abandi nkuko natwe dushima kugirirwa ikigongwe. Umuntu yari aheraniye shebuja imiriyoni mirongo itandatu zamahera yarekuriwe izo miriyoni zose, ariko we biranka ko arekurira uwari amufitiye amahera ijana gusa. Shebuja avyumvise yaciye amushirisha mu mvuto gushika aho azohereza kuriha uwo mwenda wose. Bavukanyi, iri jambo rirahambaye rwose kandi riratwagiriza. Kenshi turumva abavuga ngo sinzokwigera ndakugirira ikigongwe. Abandi ngo ntibinkundira ko ngirira umuntu ikigongwe, abandi ngo nta kurekurira uwakugiriye nabi ngo ni ukugera ingere ku yindi. Twiravye dusanga umuntu uwo ari we wese afise agati-

ma kukwihora uwamugiriye nabi, yitwaza ngo bongaya, ngo sindi umugabo, ngo nta co maze sinzi guhora umuryango. Nko muri iki gihe hoho twebwe Abarundi twiraranyemwo tukicana, usanga bamwe bahiga, banaga urutoke ngo urya ni we yampekuye, ngo urya ni we yatumaze, none nanje tuzohigura. Naho tubivuga muri ca gisabisho cugusabira inama ya Kereziya ngo twijukiye inzira yugusubiza hamwe nukurekuriranira , mu mitima itari mike ayo majambo avugwa ku munwa gusa . Ariko nitwizigire Imana izoteba ibiduha, turekuriranire vyukuri ahandiho ca gisabisho ca Dawe wa twese twama tuvuga ntaco coba kivuze, ko ukurekurira abandi ari vyo dushira imbere ngo Imana iturekurire natwe. Yezu aratwigisha ko ukurekurira abandi ari ivya misi yose, ari ivyigihe cose, ari ivyubuzima bwose. Kera mwIsezerano rya kera, hariho itegeko ryazitira ako gatima kukwihora. Ryavuga ngo iryinyo ku rindi, ijisho ku rindi. Ryari itegeko rizitira ngo ntihagire uwurenza mu gihano. Umuntu yakumenye ijisho, bamumena ijisho na we nyene. Ari ijisho ryukubamfu bamumena ijisho ryukubamfu. Yakoresheje igisate mu kurimena, bakoresha igisate nyene, kandi bagakoresha uburyo ninguvu yakoresheje. Urengeje, igihano caca kiguhindukirirako. Yezu aje kuduha inyigisho nshasha. Yezu avuze,ati: Sindakubwiye gushika indwi, ndakubwiye gushika ku mirongo indwi ku ndwi. Urumva ko mirongo indwi ari ikiringo cubuzima ku muntu aramvye. Kira noneho ico gitigiri indwi kivuga nibiruta ivyo. Inyigisho nshasha Yezu atuzaniye ni uko dutegerezwa kurekurira abandi igihe cose

baje kudusaba ikigongwe. Ntitwigere turambirwa nuguha ikigongwe abakidusavye. Yezu ashaka ko dufata imigenzo nkiyImana. Imana ni yo kigongwe. Erega na Yezu ni ikigongwe Imana yagiriye abantu mu kumuduhereza akatwitangira ku musaraba. Ni Yezu kandi aduha akarorero kugutanga ikigongwe, we yasabiye ikigongwe abari bahejeje kumubamba ku musaraba kandi atagishobora kuwuvako, urupfu ari ntibukuka. Burya iyo ugiriye ikigongwe uwundi uba umugiriye ikintu kinini cane: uba umusubije muzima, kuko iyo wanse umuntu ntumugirire ikigongwe, ameze nkuwapfuye mu maso yawe. Iyo wanka umuntu, naho yoca ngaho imbere yawe, ubibona nkuko ata muntu ahaciye. Iyo ugiriye ikigongwe uwagucumuyeko uba umubohoye, uba umusubije mu gihari cabandi bantu. Ni vyo Imana yatugiriye twebwe abacumuzi, twe twari abapfuye kubera igicumuro. None mu mibano yacu, mu ngo zacu, mu maparuwase yacu, aho turangurira imirimo, hatari ikigongwe, nta buzima buriho. Kira noneho twama dukeneye ikigongwe cImana nikigongwe cabavukanyi. None nitugerageze kwinovora ingene biryoshe kurekurira uwundi. Natwe twige kurekurira abandi bivuye ku mutima. Niho na ca Gisabisho Yezu yatwigisha coba gifise insiguro kuko iyo tutazi kurekurira abandi, ntitwoshobora kwizera ko Imana na yo ishobora kutugirira ikigongwe, ubona ko tuvuga ngo: Turekurire ibicumuro vyacu nkuko natwe turekurira abatugiriye nabi. None rero nitwaba tutazi kurekurira abandi, dushobora kwizera gute kurekurirwa nImana ?

Bikira Mariya yarasangiye na Yezu ububabare. Umusi mukuru wintsinzi yumusalaba ukurikirana numusi twibuka amagorwa ya Bikira Mariya. Kukaba nkako, yatanguye kubabazwa nimburi yumutama Simeo, aho yamubwira ko inkota izosogota umushaha wiwe. Ukurangura ishaka ryImana vyamucishije mu bubabare bwinshi turavye uburyo Yezu yavutse, agatangura gutotezwa akiri uruyoya gushika aho ahungishirizwa mu misri; aho akuriye naho bakamugwanya gushika aho afatwa akabambwa ku musalaba. Bikira Mariya yabibayemwo mu kwemera, kwihangana, kwizigira ko umusi uri izina Yezu azotsinda. Yezu rero yaratsinze. Turatumiriwe gutura vyose Bikira Mariya, we yagamburukiye Imana, akemera kwibungenga no kuvyara Yezu, akemera no kumukurikira mu nzira yumusalaba. Niwe mukandizi wacu, niwe aturenganiriza ibisabisho dutura Imana. Mariya Mweranda, aho inkota yasogota Umushaha wawe uri musi yUmusalaba, niho wabereye umuvyeyi wabigishwa ba Yezu. Imana yarashimye kuduha vyose iciye kuri wewe. Ntuhengeshanya kudusabira ngo Yezu aduhe umuvinyu mushasha wubuzima budahera. Yezu Kristu, we yuzuye ububasha bwImana nzima, yashimye kugucishako inema aduha zivuye mu mushaha wiwe mweranda cane. Uri wa mugore yikwije izuba, ukwezi kukaba musi yibirenge vyiwe, umutwe wiwe nawo ufise urugori rwinyeyeri cumi na zibiri (Ivyah 12, 1). Ndaguhungiyeko, ni wewe nizeye, wewe mushikiriza winema. Ndakwiyeguriye. Nyina wUmukiza, mfasha kubaho nkicabona ca Kristu, mu bubasha bwa Mutima Mweranda, nkorere Ekleziya nisi yose. Nsabira Mariya Mawe ngo name ivyamwa vyinshi. Nunsabire inema zose nkeneye ngo ndangure ishaka ryImana, ngo nkore ico cose Yezu azombwira. Nundongore mururu rugendo ndimwo, nkingira Ubugome bwa shetani, ntiyigere isubira kuvyura umutwe. Mfasha kubaho mu kanyamuneza no mu muhezagiro wImana, nce bugufi imbere yayo. Ndakwinginze ngo unshikanire kwa Yezu ibishabisho vyanje, kandi ndazi ko namaze kwishurwa (Yohani Pliya). Iyo sanamu mubona niya Bikira Mariya
yUburaruko). umugabekazi wa Afrika; yambaye nkabarabukazi (iri mu gisagara ci Alger muri Afrika yUburaruko).

Ese ingene biryoshe kandi bihimbaye gukorera Imana, kuko arivyo bituma umuntu aba uwidegemvya numweranda! Ese ingene ari vyeranda kwihebera bwegu Umukama, kuko arivyo bituma umuntu aringanira nAbamalayika, akuzura nImana, agatera ubwoba amashetani akongera agashimwa nabakristu bose! Ese ingene ubwo busavyi bukwiye kwakirizwa yompi nukwipfuzwa imisi yose na ntaryo, kuko aribwo buturonkera iciza gisumba ibindi vyose nubuhirwe butazigera butuvirira. Amen

Usabire bagenzawe bitiranwa nabo beranda


Umusi Ku wa 1, Ku wa 2, Ku wa 3, Ku wa 4, Ku wa 5, Ku wa 6, 12/9 13/9 14/9 15/9 16/9 17/9
Ku wImana, 11/9 Yasinto

Injili yuno musi Mt. 18, 21-35 None weho ntube wagirira imbabazi mugenzawe nkuko nazikugiriye Guido Lk. 7, 1-10 Ntiwirirwe urigora kuko ntakwiye ko wokwinjira mu nzu yanje Yohani Krizostomi Lk. 7, 11-17 Umuhanuzi yaserutse iwacu, Imana yaramukije igihugu cayo Ininaha.ryUmusalaba Yo. 3, 13-17 Nta numwe yuriye mwijuru atari uwamanutse ava mwijuru Amagorwa ya B.Mariya Lk. 2, 33-35 Eka na wewe nyene inkota izogusogota mu mu mushaha Korneliyo,Sipiriyano Lk. 8, 1-3 Yezu yagenda yigisha kandi amenyesha Inkuru nziza Roberto, Lamberto Lk. 8, 4-15 Uri namatwi yukumva ni yumve!

Aberanda dusaba

Amabanga yabubatse mu ntumbero yishaka ryImana. (ibikurikira)


Urukundo twavuze mu vyerekeye ubuzima bwabubatse mu nomero iheruka, ntaho rutaniye nurwo Yezu Kristu yatweretse. Yezu Kristu ni We Gashusho kImana itaboneka. Yazanywe nukwitanga wese, atiziganije. Ntiyabitubwiye ahagaze mu bicu, yabitubwiye nyabuna agendagenda kuri iyi si turiko, asonza, anyoterwa, ababara, kandi ashusha na twebwe abantu yaremye, kiretse igicumuro. Yarapfuye urupfu, mbere urupfu rwo ku musalaba. Yaremeye aritanga, yicwa nkumuyobe, kandi yari yaje kutumenyesha ibwirizwa rishasha rihambaye: ni mukundane nkuko nabakunze. Mwisakramentu ryukwubaka rukristu, abubakanye, umwe wese akunda uwo bubakanye urukundo rurya nyene Yezu yadukunze. Si urukundo rwukuyeyemvya, ni urukundo rwitanga, umwe akitanga wese yitangira mugenzi we, no mu gihe cukurangura amabanga yabubatse nyene. Kuko urukundo nyakuri, rwuzuye, rugirwa nukwitanga. Yezu yaritanze wese gushika mbere no ku Musalaba. Yezu ati: ushaka kungendanira, ni yihebe we nyene yikorere umusalaba wiwe ankwirikire. Mu buzima bwumukristu, imisalaba ntibuze. Muri turya twigoro twose, muri urya mwitwarariko vyose bitumbereye ku kurondera ko urugo na ntaryo ruguma rutera imbere, uwubatse aba uwundi Kristu, maze ivyo bigorana nka bimwe vyaho abasangiye urugo batayaga bimwe bishemeye, bikaba nkudusalaba umukristu yiremeka, akabibamwo ari kumwe na Kristu mu gisabisho ca minsi yose, gurtyo bikaba ibikuza urugo. Ubwo bugamburutsi buraheza bugahimbara Imana nka kurya ubwa Yezu Kristu bwanezereje Mana Se. Mu gihe cindagano zabo zukwabirana Abubakanye nabo nyene Imana irabarungika mu butumwa bwugusasagaza urukundo hagati yabo, no mu babanyi, bakabigirana ubwitonzi, kugira ngo bahimbare Imana. Uwuduha akarorero ntangere kukugamburuka, ni Sokuru wacu mu kwemera ariwe Ibrahimu. Na twebwe nyene dukoma akoko kuri urwo ruvyaro rwa Ibrahimu tukaba abakunda Imana tukongera kandi tugakunda zina muntu wese Imana yadushize iruhande, dusabwa kugamburukira Imana. Abubakanye bose rero nibakomere kwibanga muri uru rugendo rwa hano kwisi bibuka ko Imana yo soko ryubumwe nurukundo iri kumwe nabo muri ivyo vyose babamwo vyaba ibinezereje, ibicumbagira canke ibibabaje. Mpebeye Dieudonn

Martino mweranda wi Porres. Aturuka mu gihugu ca Perou, muri Amerika yepfo. Akivuka, yari umwana wishushu. Se wiwe ni umusirikare wijunja yitwa Yohani Porres, akaba yamuvyaranye numugore wumwiraburekazi yahora ari umuja. Martino yarihebeye Imana mu muryango wabadominikani, yarabaye rurangiranwa kubera uguca bugufi kwiwe, umutima wimpuhwe wamuranze, ningabirano zitangaje nyinshi yari afise. Yarimenyereje umwuga wo kuvura, kandi yahavuye abimenya. Abarwayi baramwirukira gusumba abandi bose. Yavurana ubwitonzi, ubuhinga nurukundo rwinshi nukwihangana. Abarwayi babakene ntaco yabarihisha kandi yaritanga mu buryo butangaje. Yarakora cane agakunda no gusoma ibitabo nkomeza mutima, tutibagiye no guterama imbere yisakramentu ryeranda, akahamara amasaha menshi. Yarigora cane, akibabaza. Yashizwe mu muhari waberanda na Papa Yohani wa 23 kwigenekerezo rya 16 Rusama 1962. Akarorero kuwo mweranda ni katwigishe kwirinda gucira imanza abantu turavye kahise kabo nuburyo bavutse. Imana ikunda zina muntu wese, nta mugwi numwe wabantu Imana idashobora guhamagaramwo aberanda. Ntihagire umuntu numwe yiyanka ngo yisuzugure canke ngo yiyagirize urudacika. Ku Mana, nta ruhebwa abaho. Imana yacu irakaninahazwa kandi iragahezagirwa imyaka yose.
ABARUNDI BARAZI GUTWENZA: Hari abana babiri

Matiyasi na Luka bakunda gukorakora mu nkono iteka. Umunsi umwe Luka yari avuye kw'ishule, asanga nta ndya bamubikiye. Aca yibuka ko nyina yamanitse imihwi ku rusenge. Aca arurira kuyiba, ariko abwira Matiyasi ngo ntaze kumurega. Yabaye agihanyura imihwi ibiri, yumva nyina arinjiye azanye agapilipili ashaka gukaranga ngo bazoze bara-

rya. Amaze kugashira ku ziko, Matiyasi aca aza ariruka amubwira ati: Mama, ntukarange ako gapilipili kuko amazuru ya Luka arazirana n'imyotsi y'ako. Nyina aca agira ubwoba, amubaza ati: Ayo mazuru uvuga ya Luka ari hehe? Matiyasi ati: Amanitse ku rusenge! Nyina ati: Ni nde yayamanitseyo? Matiyasi ati: Ni Luka nyene yagiye ayuriranye agiye kwiba imihwi n'ubu niyo akiri...

You might also like