Professional Documents
Culture Documents
KW 'Isoko Ry 'Ubuzima: "N'ukuri Kuri Jewe, Ubuzima Bwanje Ni Kristu"
KW 'Isoko Ry 'Ubuzima: "N'ukuri Kuri Jewe, Ubuzima Bwanje Ni Kristu"
KW 'Isoko Ry 'Ubuzima: "N'ukuri Kuri Jewe, Ubuzima Bwanje Ni Kristu"
mu muryango w abakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzima.es.tl
Igiciro:100Fr N35/12
26/8/2012
UMWAKA- B
Ibibondo n ingabirano ntangere Imana itanga ku bavyeyi no kw isi yose. Ariko iyo ngabirano itegerezwa kubungabungwa. Umwana s uw umwe, nico gituma abavyeyi bunganirwa n abigishabarezi mu mashule. Amashule meza, n ayo yitwararika ubumenyi, ubwenge, atibagiye n umutima. Dukeneye abana bazi ubwenge kandi beranda. Ivyo ni vyo abavyeyi baba bipfuza mu kurungika abana mu mashule. Mugabo amashule aratandukanye cane mu buryo bwo kwitwararika ivy ubwenge n ivy umutima. Iryo tandukaniro ry amashure mu buryo bw ukwigisha n ukurera rihagaze he? Abavyeyi barabizi. Barabona yuko hari amashule amenyesha cane, n ayandi amenyesha buhoro; hakaba n amashule usanga abayigamwo bayoberwa nka bose mu kibazo. Tugerageze kuzirikana ico ivyo vyoba bivako. 1. Hari ibiva ku bana. Hariho abana badatahura akamaro k ukwiga, bagasiba canke bagacererwa uko bashaka. Bene abo nta mutima w ukwitwararika ivyigwa bafise. Mbere barasamaza abandi bakababera akarorero kabi. Basa n abaza kwiga ku gahato, rimwe rimwe baronona n ibikoresho vy ishule. 2. Hari ibiva ku bigisha. Hari abatonda kw ishule bakigisha batateguye ivyigwa, ntibakurikirane abanyeshule ngo bitwararike abanyeshule uko bikwiye, ngo bamenye ibikenewe mu buzima bwabo. Hariho abigisha bakunda cane ibanga ryabo, bakitanga rwose ku neza y abana. Ariko kandi hariho bamwe bama bashika bacerewe, barondera urwitwazo ngo basibe kwigisha. Hakaba n abandi baba babangikanije bakaguma biruka barondera amafranga kuko bavuga ko umushahara baronka udakwiye; abo baca babura umwanya w ukwigisha abana nkuko bikwiye. 3. Hari n ibiva ku mashule atubatswe neza n ibikoresho bidakwiye. Ni nka harya usanga amashule afise intebe zidakwiye, intebe yari kwicarako abanyeshule babiri, ugasanga bayicarako ari bane. Canke imvura iguye, ugasanga abanyeshule baranyagirwa canke izuba rigashika mw ishule aho abana bicaye rikababuza kwiga neza. Ikitavuzwe co ni harya abigisha babura ikibaho bandikako ngo bigishe abana, canke bakabura ingwa n ibitabu. 4. Hari ibiva ku bavyeyi. Egome Leta irafasha abana kwiga mu kwubaka amashule, mu guhemba abigisha n ibindi vyinshi. Mugabo nta na hamwe Leta itanga vyose. Na kare ukurera n ibanga Leta isangira n abavyeyi n abantu bose bipfuza guterera agacumu k ubumwe, nk amadini n amashirahamwe. Abavyeyi na bo nyene bari kwinshi. Hari abavyeyi bitanga ngo abana babo bige neza, bakarondera ibikwiye ngo abana batere imbere mu mashule. Hakaba n abandi barondera amashule ya gusa, bakidoga iyo abayobozi babasavye intererano y ugusanura amashule canke y ibindi babona bikenewe. Ukuntu amashule atandukanye mu biraba ukwitwararika ivy umutima Nta muvyeyi anezerwa n ukubona umunyeshule w umwigeme ahevye ishule ngo n uko afise inda. Uko amashule yitwararika ivy ubwenge akabishira imbere, niko akwiye no kwitwararika indero y abana mu biraba imico, imigenzo n inyifato yabo. Umuvyeyi ashimishwa no kurungika umwana wiwe mw ishule ryitwararika ubwenge n imigenzo vy abana. Nta muvyeyi yokwipfuza ko umwana wiwe aja kw ishule ririko abigisha batanga akarorero kabi ku banyeshule bigisha. Ng iki ikibazo c inkora mutima: mbe umunyeshule arashobora kwirukanwa ngo n uko yigenza nabi? Hari abavuga ngo nta wokwikura amata mu kanwa, nico gituma batemera ko umwana wabo yirukanwa naho yoba yakoze icaha. Abandi nabo bati: ikijumbu kiboze kiboza ibindi, akwiye kwirukanwa. Mwebwe mubibona gute? Ni muturungikire iciyumviro canyu, kugira ngo bishobore gufasha abandi.
we isayangana, itagira agatosi, ata minkanyari, ata kanenge namba, eka ari nyeranda, ata mahinyu. Uko nikwo abagabo na bo bategerezwa gukunda abagore babo nkuko bikunda bo nyene. Uwukunda umugore wiwe aba yikunze we nyene. Erega, nta n umwe yigera yanka umubiri wiwe, arawugaburira akawubungabunga. Niko Kristu yagiriye Ekleziya yiwe, kuko turi ingingo z umubiri wiwe. Nico gituma handitswe ngo: Umugabo azoheba se na nyina, yunge ubumwe n umugore wiwe, maze bompi babe umwe. Iryo banga rirahambaye: Mbivuze mbikuye kuri Kristu no kuri Ekleziya. INKURU NZIZA: Yo.6, 60-69. Turi bwirukire nde wundi? Ni wewe ufise amajambo y ubuzima budahera. Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Yohani. Muri irya minsi, benshi mu bigishwa ba Yezu bavuze bati: Iyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera? Yezu yamara aca aramenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: Ivyo birabatirimutsa? Hari akantu ni mwabona Umwana w umuntu aduze iyo yahoraho? Umutima niwo ubeshaho, umubiri ntaco umara. Amajambo nababwiye ni umutima n ubuzima. Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera. Na none Yezu kuva mu ntango yari azi abatemera n uwuzomugura. Arongera ati: Nico gituma ndababwiye ko atawoza iwanje, Data atabamuhaye. Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye biyonjorora, ntibaba bakimugendanira. Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: Namwe, mushaka kwigira? Simoni Petero aramwishura ati: Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise amajambo y ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko ari Umweranda w Imana. ba Umukama ngo dukorere izindi mana! Hanyuma, bamaze kwibutsa ivyiza vyose Umukama yabagiriye, bakavuga bati: Na twebwe nyene tuzogendanira Umukama, kuko ari we Mana yacu . Iryo ni isezerano risa kandi na rya rindi ryo ku musozi Sinayi, hamwe abantu bemeza icese bati: Ivyo vyose Umukama ategetse tuzobirangura . Abatumwa na bo kandi bishuye Yezu baciye kuri Petero bati: Mukama turi bwirukire nde wundi? Ni wewe ufise amajambo y ubuzima budahera . Baciye bagaragaza ukwemera kwabo kutadohoka bati: Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda, Umweranda w Imana . Ese ukwo kwemera kwoba ukwacu natwe, kugaheza kukabonekera mu kutahemuka ku sezerano ry Imana. Umuhanuzi Yozuwe yari yabonye abantu batanguye kudohoka kw isezerano, bakora ibitabereye, batagikurikiza amabwirizwa y Imana, babona ko ugukorera Umukama umengo biraremereye, birabarusha, hanyuma umuhanuzi arabake-
bura ababwira ati: Nimwabona bibabangamiye gukorera Umukama, uyu musi nimwitorere uwo muzokorera: hitemwo za mana ba sogokuru bakorera hakurya ya rwa ruzi Efurati Jewe n abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Umukama . Umuntu yama afise ako gatima ko kubona ko umengo Imana iramugora, ko amabwirizwa Imana yaduhaye aremereye bwa mabuye, ko Isezerano Imana yasezeranye n abantu ribakura umwidegemvyo wo kwikorera ivyo bishakiye. Mu misi turimwo Imana yasezeranye n abantu mu mwana wayo, Yezu. Ni umwana w Imana, ni Umweranda wayo. Yarigishije ko yaje ngo turonke ubuzima. Aduha ubwo buzima mw Ijambo ryiwe no mw Isakaramentu ry Umubiri n Amaraso yiwe. Yari yafashe umwanya ukwiye w ukwigisha abantu ivy umukate w ubuzima, abamenyesha ko uwo mukate ari We nyene, kandi ko bokwijukira kurya uwo mukate utanga ubuzima. Yari yababwiye ati: Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w Umwana w Umuntu ntimunywe n amaraso yiwe, nta buzima muzogira . Avuze atyo, bamwe mu bigishwa biwe n abari bamukurikiye bumvise iyo mvugo ibagumiye, baca barigira. Yezu nta we ahata. Abajije Abigishwa biwe ko na bo bashaka kwigira, na bo bishura ijambo ritegerezwa kuba iryacu natwe, bavuga bati: Turibwirukire nde wundi ko ufise ama-
jambo y ubuzima budahera . Muvukanyi, Yezu ni Jambo wa Data. Tumwakiriye mw ijambo ryiwe, turaheza tukaba abantu bashasha. N ubu haracariho abantu batafungura Umubiri ntibanywe n Amaraso ya Kristu ngo baronke ubuzima. Uwurya umubiri wa Kristu akanywa n amarasoy yiwe arafise ubuzima budahera. Yezu azomuzura ku musi w imperuka. Muvukanyi, ikikubuza kwegera umubiri wa Kristu ni igiki ? Kumbure ni uko utabitegera? Ni igitangaza c urukundo Yezu yatweretse ngo agume ari We muzima mu bamwemera. Urwo rukundo ni rwo ashaka ko dukuriramwo, na cane cane twebwe tuba twarasezeranye urukundo ubuzima bwose mw isakaramentu ry Ukwubaka rukristu. Urukundo si urwo kudeha, ni urukundo rwitanga, rwiheba, ngo uwundi abeho neza, agire ubuhirwe ko ari co twahamagariwe. Dusabe ingabirano y ukwemera n ibirengeye ubwenge bwacu nyene nk aya mabanga y Imana. Ariko cane cane dusabe kuguma tuzigamye isezerano ry Imana, kuko i Bukama ari ho hari ubuzima. Yezu yavuye mw ijuru ngo turonke ubuzima. Uworondera kwemera Ukaristiya kuko aritegereye ntiyokwigera yakira iryo sakaramentu. Ukaristiya ni Yezu Kristu yakunze abantu urutiziganya, Ukaristiya ni isezerano ry urukundo, none turwitabe. Mukama, twongerereze ukwemera. Patiri Ildephonse Misigaro.
Yozuwe 24,1-18 Zab. 33,2-23 Efezi 5,21-32 Yo. 6,60-69 2 Tesal 1,1-5.11b-12 27/8 L Zab 95,1-5 Mt. 23, 13-22 2 Tesal 2,1-3.14-17 28/8 M Augustino Zab 95,10-13 Mt. 23,23-26 Umumaratiri Yer 1,17-19 Zab. 70,1-17 29/8 M Yohani Batista Mk. 6,17-29 1 Kor 1,1-9 Zab.144,2-7 30/8 J Fiacre Mt. 24,42-51 1 Kor 1,17-25 Zab. 32,1-11 31/8 V Raymondo Mt. 25,1-13 1/9 S Umuhimbazwa 1 Kor 1, 26-31 Zab. 32, 12 .21 Bikira Mariya Mt. 25, 14-30 Zefirino Monika
Hari akantu ni mwabona Umwana w umuntu aduze iyo yahoraho? Nico gituma ndababwiye ko atawoza iwaje, Data atabimuhaye Muragowe mwa bigisha mwe n abafarizayo mwiyorobeka, kuko musahura inzu z abapfakazi, ngo muzi kuvuga ibisabisho vyinshi Bafarizayo, mwa mpumyi mwe, ni mubanze kwoza imbere mu nkoko, n inyuma zizoheza zibe nziza Ico unsaba cose ndakiguha, naho coba igihimba c igihugu canje Nshaka ko umpa ubu nyene ku nkoko umutwe wa Yohani-Batista. Murame mugavye kuko mutazi umusi Umukama azozirako. Iyo nyene urugo aba yari azi isaha umusuma amwinjirana, yoba maso. Sindabazi, Ni mwame maso, kuko mutazi umunsi ntimumenye n isaha Ni vyiza, uri umusuku w umutima; ko washirutseubute mu bitobito, nzogushinga n ibiruta aho: ngo unezerwe hamwe na shobuja