KW 'Isoko Ry 'Ubuzima: "N'ukuri Kuri Jewe, Ubuzima Bwanje Ni Kristu"

You might also like

Download as pdf or txt
Download as pdf or txt
You are on page 1of 4

Kw Isoko ry Ubuzima

mu muryango w abakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzima.es.tl

"N ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ry Imana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr N35/12

IDOMINIKA YA 21 Y UMWAKA Ni turondere amashule abereye abana bacu.

26/8/2012

UMWAKA- B

Ibibondo n ingabirano ntangere Imana itanga ku bavyeyi no kw isi yose. Ariko iyo ngabirano itegerezwa kubungabungwa. Umwana s uw umwe, nico gituma abavyeyi bunganirwa n abigishabarezi mu mashule. Amashule meza, n ayo yitwararika ubumenyi, ubwenge, atibagiye n umutima. Dukeneye abana bazi ubwenge kandi beranda. Ivyo ni vyo abavyeyi baba bipfuza mu kurungika abana mu mashule. Mugabo amashule aratandukanye cane mu buryo bwo kwitwararika ivy ubwenge n ivy umutima. Iryo tandukaniro ry amashure mu buryo bw ukwigisha n ukurera rihagaze he? Abavyeyi barabizi. Barabona yuko hari amashule amenyesha cane, n ayandi amenyesha buhoro; hakaba n amashule usanga abayigamwo bayoberwa nka bose mu kibazo. Tugerageze kuzirikana ico ivyo vyoba bivako. 1. Hari ibiva ku bana. Hariho abana badatahura akamaro k ukwiga, bagasiba canke bagacererwa uko bashaka. Bene abo nta mutima w ukwitwararika ivyigwa bafise. Mbere barasamaza abandi bakababera akarorero kabi. Basa n abaza kwiga ku gahato, rimwe rimwe baronona n ibikoresho vy ishule. 2. Hari ibiva ku bigisha. Hari abatonda kw ishule bakigisha batateguye ivyigwa, ntibakurikirane abanyeshule ngo bitwararike abanyeshule uko bikwiye, ngo bamenye ibikenewe mu buzima bwabo. Hariho abigisha bakunda cane ibanga ryabo, bakitanga rwose ku neza y abana. Ariko kandi hariho bamwe bama bashika bacerewe, barondera urwitwazo ngo basibe kwigisha. Hakaba n abandi baba babangikanije bakaguma biruka barondera amafranga kuko bavuga ko umushahara baronka udakwiye; abo baca babura umwanya w ukwigisha abana nkuko bikwiye. 3. Hari n ibiva ku mashule atubatswe neza n ibikoresho bidakwiye. Ni nka harya usanga amashule afise intebe zidakwiye, intebe yari kwicarako abanyeshule babiri, ugasanga bayicarako ari bane. Canke imvura iguye, ugasanga abanyeshule baranyagirwa canke izuba rigashika mw ishule aho abana bicaye rikababuza kwiga neza. Ikitavuzwe co ni harya abigisha babura ikibaho bandikako ngo bigishe abana, canke bakabura ingwa n ibitabu. 4. Hari ibiva ku bavyeyi. Egome Leta irafasha abana kwiga mu kwubaka amashule, mu guhemba abigisha n ibindi vyinshi. Mugabo nta na hamwe Leta itanga vyose. Na kare ukurera n ibanga Leta isangira n abavyeyi n abantu bose bipfuza guterera agacumu k ubumwe, nk amadini n amashirahamwe. Abavyeyi na bo nyene bari kwinshi. Hari abavyeyi bitanga ngo abana babo bige neza, bakarondera ibikwiye ngo abana batere imbere mu mashule. Hakaba n abandi barondera amashule ya gusa, bakidoga iyo abayobozi babasavye intererano y ugusanura amashule canke y ibindi babona bikenewe. Ukuntu amashule atandukanye mu biraba ukwitwararika ivy umutima Nta muvyeyi anezerwa n ukubona umunyeshule w umwigeme ahevye ishule ngo n uko afise inda. Uko amashule yitwararika ivy ubwenge akabishira imbere, niko akwiye no kwitwararika indero y abana mu biraba imico, imigenzo n inyifato yabo. Umuvyeyi ashimishwa no kurungika umwana wiwe mw ishule ryitwararika ubwenge n imigenzo vy abana. Nta muvyeyi yokwipfuza ko umwana wiwe aja kw ishule ririko abigisha batanga akarorero kabi ku banyeshule bigisha. Ng iki ikibazo c inkora mutima: mbe umunyeshule arashobora kwirukanwa ngo n uko yigenza nabi? Hari abavuga ngo nta wokwikura amata mu kanwa, nico gituma batemera ko umwana wabo yirukanwa naho yoba yakoze icaha. Abandi nabo bati: ikijumbu kiboze kiboza ibindi, akwiye kwirukanwa. Mwebwe mubibona gute? Ni muturungikire iciyumviro canyu, kugira ngo bishobore gufasha abandi.

Twumvirize iryo Imana ituyagira


IDOMINIKA YA 21 YO MU MWAKA B IGISOMWA CA MBERE: Yozuwe 24,1-2a. 15-17. 18. Tuzoba inzigamabanga k Umukama, kuko ariwe Mana yacu. Ivyo dusoma mu gitabu ca Yozuwe. Muri irya minsi, Yozuwe yakoranije imiryango yose y Israeli i Sikemi, ahamagaza abashingantahe b Abanyisraeli, abategetsi, abacamanza, be n abagabisha b ingabo; bararenguka bahagarara imbere y Imana. Yozuwe araheza abarira ishengero ryose ati: Ni mwabona bibabangamiye gukorera Umukama, uyu munsi ni mwitorere uwo muzokorera: hitamwo za mana ba sogokuruza bakorera hakurya ya rwa ruzi rwa Efrati, canke imana z Abamoriti ben iki gihugu murimwo. Jewe n abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Umukama. Abantu baramwishura bati: Twopfuma dupfa hako duheba Umukama ngo dukorere izindi mana! Umukama Imana yacu niwe yadukuye mu gihugu ca Misiri, twe na ba sogokuruza, aho twari twagorewe mu buja; niwe yakoze ibitangaza imbere yacu, niwe yadukingiye mu nzira yose twazananye no mu mahanga twaciyemwo. Na twebwe nyene, tuzogendanira Umukama, kuko ariwe Mana yacu. IGISOMWA CA KABIRI: Efezi. 5, 21-32. Ikinyegezwa ca Yezu Kristu umukunzi w Ekleziya yiwe. Ivyo dusoma mw ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyefezi: Ncuti zanje: Ni mugamburukanire mu cubahiro mufitiye Kristu; abagore ni bagamburukire abagabo babo nk uko bogamburukira Umukama Yezu. Erega, umugabo niwe agaba umugore nkuko Kristu ariwe agaba Ekleziya, akaba ariwe Mukiza w uwusanzwe ari Umubiri wiwe. None rero, nkuko Ekleziya igamburukira kristu, n abe ariko n abagore bagamburukira abagabo babo muri vyose. Namwe, bagabo, ni mukunde abagore banyu, nkuko Kristu yakunze Ekleziya: Yarayiguze, kugira ngo ayigire nyeranda mu kuyuhagiza amazi y ibatisimu n ijambo ry ubuzima, yagomba ko iseruka mu maso yiSimoni Petero aramwishura ati: Mukama, turi bwirukire nde wundi ? Ni wewe ufise amajambo y ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda, Umweranda w Imana Muvukanyi dusangiye ukwemera, co kimwe n aba Batumwa ba Yezu, twongere tugaragaze ukwemera kwacu mu Mwana w Imana yaje kwitangako imfungurwa izanira abantu ubuzima, gutyo tube twongeye kuja mw Isezerano Imana yasezeranye n abantu mu mwana wayo Yezu Kristu, isezerano nka rirya ryabereye i Sikemu, Yozuwe ahejeje guhitishamwo abantu ko bokurikira Imana canke ko bokurikira ibigirwamana vy abanyamahanga. Inyishu bahaye umuhanuzi Yozuwe isa n iyi Abatumwa bahaye Yezu. Nkako abantu babwiye Yozuwe bati : Twopfuma dupfa hako duhe-

we isayangana, itagira agatosi, ata minkanyari, ata kanenge namba, eka ari nyeranda, ata mahinyu. Uko nikwo abagabo na bo bategerezwa gukunda abagore babo nkuko bikunda bo nyene. Uwukunda umugore wiwe aba yikunze we nyene. Erega, nta n umwe yigera yanka umubiri wiwe, arawugaburira akawubungabunga. Niko Kristu yagiriye Ekleziya yiwe, kuko turi ingingo z umubiri wiwe. Nico gituma handitswe ngo: Umugabo azoheba se na nyina, yunge ubumwe n umugore wiwe, maze bompi babe umwe. Iryo banga rirahambaye: Mbivuze mbikuye kuri Kristu no kuri Ekleziya. INKURU NZIZA: Yo.6, 60-69. Turi bwirukire nde wundi? Ni wewe ufise amajambo y ubuzima budahera. Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Yohani. Muri irya minsi, benshi mu bigishwa ba Yezu bavuze bati: Iyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera? Yezu yamara aca aramenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: Ivyo birabatirimutsa? Hari akantu ni mwabona Umwana w umuntu aduze iyo yahoraho? Umutima niwo ubeshaho, umubiri ntaco umara. Amajambo nababwiye ni umutima n ubuzima. Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera. Na none Yezu kuva mu ntango yari azi abatemera n uwuzomugura. Arongera ati: Nico gituma ndababwiye ko atawoza iwanje, Data atabamuhaye. Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye biyonjorora, ntibaba bakimugendanira. Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: Namwe, mushaka kwigira? Simoni Petero aramwishura ati: Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise amajambo y ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko ari Umweranda w Imana. ba Umukama ngo dukorere izindi mana! Hanyuma, bamaze kwibutsa ivyiza vyose Umukama yabagiriye, bakavuga bati: Na twebwe nyene tuzogendanira Umukama, kuko ari we Mana yacu . Iryo ni isezerano risa kandi na rya rindi ryo ku musozi Sinayi, hamwe abantu bemeza icese bati: Ivyo vyose Umukama ategetse tuzobirangura . Abatumwa na bo kandi bishuye Yezu baciye kuri Petero bati: Mukama turi bwirukire nde wundi? Ni wewe ufise amajambo y ubuzima budahera . Baciye bagaragaza ukwemera kwabo kutadohoka bati: Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda, Umweranda w Imana . Ese ukwo kwemera kwoba ukwacu natwe, kugaheza kukabonekera mu kutahemuka ku sezerano ry Imana. Umuhanuzi Yozuwe yari yabonye abantu batanguye kudohoka kw isezerano, bakora ibitabereye, batagikurikiza amabwirizwa y Imana, babona ko ugukorera Umukama umengo biraremereye, birabarusha, hanyuma umuhanuzi arabake-

bura ababwira ati: Nimwabona bibabangamiye gukorera Umukama, uyu musi nimwitorere uwo muzokorera: hitemwo za mana ba sogokuru bakorera hakurya ya rwa ruzi Efurati Jewe n abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Umukama . Umuntu yama afise ako gatima ko kubona ko umengo Imana iramugora, ko amabwirizwa Imana yaduhaye aremereye bwa mabuye, ko Isezerano Imana yasezeranye n abantu ribakura umwidegemvyo wo kwikorera ivyo bishakiye. Mu misi turimwo Imana yasezeranye n abantu mu mwana wayo, Yezu. Ni umwana w Imana, ni Umweranda wayo. Yarigishije ko yaje ngo turonke ubuzima. Aduha ubwo buzima mw Ijambo ryiwe no mw Isakaramentu ry Umubiri n Amaraso yiwe. Yari yafashe umwanya ukwiye w ukwigisha abantu ivy umukate w ubuzima, abamenyesha ko uwo mukate ari We nyene, kandi ko bokwijukira kurya uwo mukate utanga ubuzima. Yari yababwiye ati: Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w Umwana w Umuntu ntimunywe n amaraso yiwe, nta buzima muzogira . Avuze atyo, bamwe mu bigishwa biwe n abari bamukurikiye bumvise iyo mvugo ibagumiye, baca barigira. Yezu nta we ahata. Abajije Abigishwa biwe ko na bo bashaka kwigira, na bo bishura ijambo ritegerezwa kuba iryacu natwe, bavuga bati: Turibwirukire nde wundi ko ufise ama-

jambo y ubuzima budahera . Muvukanyi, Yezu ni Jambo wa Data. Tumwakiriye mw ijambo ryiwe, turaheza tukaba abantu bashasha. N ubu haracariho abantu batafungura Umubiri ntibanywe n Amaraso ya Kristu ngo baronke ubuzima. Uwurya umubiri wa Kristu akanywa n amarasoy yiwe arafise ubuzima budahera. Yezu azomuzura ku musi w imperuka. Muvukanyi, ikikubuza kwegera umubiri wa Kristu ni igiki ? Kumbure ni uko utabitegera? Ni igitangaza c urukundo Yezu yatweretse ngo agume ari We muzima mu bamwemera. Urwo rukundo ni rwo ashaka ko dukuriramwo, na cane cane twebwe tuba twarasezeranye urukundo ubuzima bwose mw isakaramentu ry Ukwubaka rukristu. Urukundo si urwo kudeha, ni urukundo rwitanga, rwiheba, ngo uwundi abeho neza, agire ubuhirwe ko ari co twahamagariwe. Dusabe ingabirano y ukwemera n ibirengeye ubwenge bwacu nyene nk aya mabanga y Imana. Ariko cane cane dusabe kuguma tuzigamye isezerano ry Imana, kuko i Bukama ari ho hari ubuzima. Yezu yavuye mw ijuru ngo turonke ubuzima. Uworondera kwemera Ukaristiya kuko aritegereye ntiyokwigera yakira iryo sakaramentu. Ukaristiya ni Yezu Kristu yakunze abantu urutiziganya, Ukaristiya ni isezerano ry urukundo, none turwitabe. Mukama, twongerereze ukwemera. Patiri Ildephonse Misigaro.

Ihwaniro ry urwaruka muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura ryaraye rirangiye.


Uko umwaka utashe mu gihe c uburuhuko bwo mu ci, Diyoseze nkuru ya Bujumbura yama itunganya ihwaniro ritumiwemwo urwaruka rwo mu ma paruwase yose ayikukira, haba mu gisagara ca Bujumbura canke hagati mu gihugu. Uyu mwaka, iryo hwaniro ryuguruwe icese n umwepiskopi w i Bujumbura kw igenekerezo rya 17 Mukakaro 2012, kuri Paruwase Mikaeli Mweranda. Ibirori vyo gusozera iryo hwaniro vyabaye kw igenekerezo rya 22 Mukakaro; vyatanguriye ku rugendo rweranda rwagana ikirimba c Umuvyeyi Bikira Mariya kiri ku musozi wa Siyoni, bikurikirwa n imisa yo gusozera yaherejwe kur ico kirimba nyene n Umwepiskopi w i Bujumbura. Ku bitavye iryo hwaniro, kabaye akaryo keza ko kuninahaza Imana, gushengera Yezu m Ukaristiya, kuronka inyigisho nkomeza kwemera, ukuronka isakramentu ry ikigongwe, ukwugurura umutima n ukwumvirizwa, ugusenga mu nkuka y imisa, tutibagiye kuronka ibiganiro bifise ishingiro ku bibazo vy ubuzima bikunda kuzazanira abantu b iki gihe cane cane urwaruka. Niyoyankunze Jeremie, umuririmbiramana muri Chorale charit yo mu Gatumba, yari yitavye iryo hwaniro. Yaraduciriye ku mayange ico yahungukiye. Yavuze ati: Iri hwaniro narikurikiranye kuva rigitangura. Jewe si ndi umunyeshure, ndi umuntu yikorera utwiwe, nkaba ndi umuririmbiramana. Imana yaranshoboje guheba umwanya nari gukoramwo ibindi, ndaheza nditaba rino hwaniro. Amafranga nkoresha mu kwiyunguruza kugira ngo nshobore gukurikirana iri hwaniro ni menshi, ariko ndemera nkayariha. Iri hwaniro ryaramfashije guhura n urundi rwaruka rw imihingo myinshi n imico itandukanye, nkamenya ingene nifata. Ugusangira ubuzima n umubano n abo ntazi vyaranyuguruye umutima. Hari uwo twigeze kwicarana turi mu kiganiro. Twicaranye rimwe gusa, ariko ubu duhuye umenga turi abagenzi bazinanyi kuva kera. Mur iryo hwaniro, naraharonkeye insiguro zinonosoye z ijambo ry Imana. Nararisiguriwe ndatahura kuruta; bizomfasha guhindura ingendo y ubuzima bwanje. Vyaramfashije kwumva muri jewe umuhamagaro wo kurwanya urwangara mu buzima bwanje, mu mibano no mu bukristu. Akarorero: nzofata nka nkama ubutumwa niyemeje, sinzosubira gucerwa muri korale, nzogira umwete wo kwitanga kuruta mu bikorwa vyanje vya misi yose no mu bundi butumwa. Ntegerezwa kubungabunga akaranga k uwa Kristu, ukwemera kwanje kukiserurira mu nyifato yanje, mu vyo mvuga no mu vyo nkora vyose.

Dushemeze Imana ku munsi ku munsi


26/8 D 21 Ord - B

Yozuwe 24,1-18 Zab. 33,2-23 Efezi 5,21-32 Yo. 6,60-69 2 Tesal 1,1-5.11b-12 27/8 L Zab 95,1-5 Mt. 23, 13-22 2 Tesal 2,1-3.14-17 28/8 M Augustino Zab 95,10-13 Mt. 23,23-26 Umumaratiri Yer 1,17-19 Zab. 70,1-17 29/8 M Yohani Batista Mk. 6,17-29 1 Kor 1,1-9 Zab.144,2-7 30/8 J Fiacre Mt. 24,42-51 1 Kor 1,17-25 Zab. 32,1-11 31/8 V Raymondo Mt. 25,1-13 1/9 S Umuhimbazwa 1 Kor 1, 26-31 Zab. 32, 12 .21 Bikira Mariya Mt. 25, 14-30 Zefirino Monika

Hari akantu ni mwabona Umwana w umuntu aduze iyo yahoraho? Nico gituma ndababwiye ko atawoza iwaje, Data atabimuhaye Muragowe mwa bigisha mwe n abafarizayo mwiyorobeka, kuko musahura inzu z abapfakazi, ngo muzi kuvuga ibisabisho vyinshi Bafarizayo, mwa mpumyi mwe, ni mubanze kwoza imbere mu nkoko, n inyuma zizoheza zibe nziza Ico unsaba cose ndakiguha, naho coba igihimba c igihugu canje Nshaka ko umpa ubu nyene ku nkoko umutwe wa Yohani-Batista. Murame mugavye kuko mutazi umusi Umukama azozirako. Iyo nyene urugo aba yari azi isaha umusuma amwinjirana, yoba maso. Sindabazi, Ni mwame maso, kuko mutazi umunsi ntimumenye n isaha Ni vyiza, uri umusuku w umutima; ko washirutseubute mu bitobito, nzogushinga n ibiruta aho: ngo unezerwe hamwe na shobuja

UMUTUNZI HAMWE N UMUKENE.


Bavukanyi ba kunzi b Imana, nongeye kubaramutsa amahoro y Imana. Uyu munsi ngira nshimikire kuri iryo jambo ry umutunzi hamwe n umukene. Hari umuntu avuga ati: jewe ndafise incuti itunze. Imana yaramuhezagiye imuha vyose, ntaco akenye: ariko nta nakimwe amariye! Bavukanyi, ushatse ubuzima bwiza egera Ekleziya gatolika kuko Yezu Kristu yayishinze kugira ngo imerere neza bose. Ni wamara gutegera ivyo, uzoheza umenye ko vyose ari Yezu abitanga. Umuntu ku bwiwe nta ciza na kimwe coshobora kumuvako adafashijwe n inema y Imana. None rero muvukanyi umutunzi nyakuri ni uwufise Imana mu buzima bwiwe. Imana yarakuremye ikugira umuntu, ku munsi ku munsi irakumenya ingene ikubeshaho. None uhagarika umutima w iki? Hariho umuntu ashingira intahe Imana ati: Mana, ndagukengurukiye ko wandemye uko ndi, warangize umukene ku bw umubiri ariko ku bw umutima ndatunze. Nishuye nti: Amen Imana ininahanzwe mw ijuru. Ariko aravuga vy ukuri wabona umenga yuzuwe na Mutima mweranda kuko yabivuga adatinya kuko yamaze guhura n Umukama kandi akifatanya na Yezu Kristu yemeye kuvukira mu bukene mbere nawe agafasha umurezi wiwe Yozefu kubaza. Hariho abantu batari bake batunze vyinshi bafise vyose. Bambara neza, bafise inzu nziza, imodoka nziza ariko bambariye ku mahwa, bafise ingorane nyinshi cane. None vyukuri naho yoba ari incuti yawe bwite, wumva wogira umutima uhagaze ngo n incuti yawe ngo: Imana yamuhaye vyose none ntaco amariye? Naho atabikubwira wewe arafise ingorane gusumba iziwawe. Naho yofata indege akazunguruka amahanga yose ntanahamwe azoronka amahoro atari kwa Yezu! We Mwami wa mahoro. Abantu benshi buzuye intuntu n akabonge kubera ubuzima bwo kuri iy isi, hari nabifuza kwiyahura bikanka. Umuti nyakuri wo kuba kuri iy isi tubishatse ntugoye kunywa. N ukwegera Yezu we nkingi y ukuri itanyiganyizwa! We yadutsindiye inabi zose ku Musalaba. Turabifashwamwo n umuvyeyi wacu Bikira Mariya kuko nawe nyene ntatuvirira. Bavukanyi twishire mubiganza vy Imana ubu bigishoboka kuko hari igihe tuzovyifuza tutari bubironke. Ikizoba cabafashije murakitubwira kizogirire akamaro abandi. Nzogerageza kuza ndabawira ubwiza bwa Yezu nkuko ndavyiyumvamwo mu mutima. Mwese Imana irabakunda cane. Kandi najewe ndabakunda ukondabishoboye. KAMARIZA Aline. Tel. 79927461. Mbega kirazira kwirukana umwana kw ishule? Egome dusanzwe tuzi ko kwiga ari uburenganzira ku bana bose. Ariko kw ishule ntibahakura ubwenge gusa, barahakura n indero runtu cane cane kubana neza n abandi, gusonera abaturuta . Iyo rero umwana abuze iyo ndero runtu, akagomba kuba igikoko mu gushaka kugirira nabi abandi bana, akaba igisuma katamanikirwa, emwe, baramukurungikira nyene kuko yohava yonona vyinshi. Muri ico gihe baraheza bakamwirukana. Birashika kandi mw ishule, umwana akagira ubumenyi buke, akaronka amanota make cane, ntiyunguruze, naho nyene murumva ko baruhira kumwirukana kuko aheza akaguma mw ishule imwe atunguruza. Abana bari kw ishule baritwararikwa n abigisha babo, ariko ivyo babaha bitegerezwa kwunganirwa n ivyo abavyeyi babigisha bashitse i muhira niho umwana aheza agatera imbere no mu bwenge no mu mpande zose z ubuzima bwiwe. Hariho rero abavyeyi batuma abana babo basubira inyuma, iyo cane cane babafyinisha mu kutabahana iyo bagize amakosa; canke iyo abigisha bahanye abana babo, bagaca bagenda kubashwanira ngo ntibari kubahana, gurtyo abana bagaca batangura gusuzugura abigisha kubera abavyeyi babo. None bavyeyi muragabe! kuko mubwirizwa gufashanya n abigisha b abana banyu mu kubaha indero nziza. Kandi naho ukwiga ari uburenganzira bw abana, murumva ko hariho ibihe abana bashobora kwirukanwa mw ishule. Frera Sperio. abasoda bashasha, wa mu kapitene aramwitegereza DUCISHEMWO DUTWENGE : Umunsi umwe, bari amubwira ati: Mbe Samanda, ivy ubusoda batanze itegeko ry uko uwubishaka ashobora kwiyantubona ko ubirengeye. Samandari ati: None ga, ndikisha mu gisoda. Muri ico gihe Samandari yari mu ntwaramiheto ntimushaka umujenerari umuntu ashaje cane. Aca agenda yunamye n ikibamajoro azi vyinshi yakibayemwo kera gushika asaze? ndo. Aserutse imbere y umukapitene ariko arandika

You might also like