Download as pdf or txt
Download as pdf or txt
You are on page 1of 5

Kw’Isoko

ry’Ubuzima
mu muryango w’abakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr
Site: www.isokoryubuzima.es.tl
"N’ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21) Igiciro 60 fr
Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ry’Imana mu misa no mu buzima
30/1/2011 IDOMINIKA YA KANE – Umwaka- A N°5/2011
Don Bosco Mweranda, dutabaze abarezi...
Ku wa kabiri tuzoshemeza Don Bosco Mweranda. Haheze nk‘imyaka 200 uwo mwe-
randa avutse. Abavyeyi biwe bari abakene, bagakunda cane Imana. Se wiwe yitavye
Imana akiri muto cane. Kubera ubukene yarafasha umuryango mu kuragira intama.
Mbere yarigeze n’ugusega ngo ashishikare kwiga amashule. Afise imyaka cenda, ya-
rabonye mu ndoto abana bakoranijwe n’inkino z’akamari, bavuga amajambo mabi
arora ku Mana. Buno nyene Yohani Bosco yitera mur’abo bana, abakubita amakofe
abatera n’imigere. Aca yumva umuntu amubwira ati: ge-zaho, va muvy’amakofe
ukoreshe ubuntu n’ikigongwe; n’ubagire abagenzi bawe. Arabandanya ati: nzoku-
rungikira Umwigisha kugirango ubitegere, ni we azogufasha ngo ubwenge bwawe
ntibucike ubujuju. Uwamuyagiye ni Yezu, Umwigisha yamwemereye ni Bikira Ma-
riya. Yohani Bosco nti yigeze yibagira iyo ndoto. Amaze gukura yarasavye kwinjira
mw’iseminari. Mu kumurungika, nyina wiwe Margarita yamubwiye ati: ube patiri,
ariko ntuzotwarwe n’inambu y’ifaranga. Kuri we ubutumwa n’ubwo yahawe n’Ima-
na akiri muto: ukugenzwa n’urukundo ngo akure urwaruka mu nyosha mbi. Muri iyo
ntumbero, yakoze ubutumwa bwo kwegera urwaruka abigisha inkino, ugukunda ibikorwa n’ugusenga. Yarakunda
kwegera urwaruka rw’abakene, ngo abigishe imyuga izobafasha mu buzima bwabo. Yaratanguje n’umuryango
w’abasalesiani n’uwundi w’ababikira, kugira ngo bitwararike urwaruka rubayabaye aho ruri hose, nabo babone
urukundo Imana ibafitiye. Bosco Mweranda yarakunda cane gusenga imbere y’itabernakulo ngo Imana imushi-
gikire mur’ubwo butumwa. Abakera barayamaze bati: Urera nabi ugatukwa n’abakwe. Ubu mu Burundi amashule
yaragwiriye. Abigisha benshi baritwararika indero nziza mu bana. Ariko tuvugishije ukuri, hariho n’abandi baro-
ndera umushahara gusa, batanezwe ivyo kurera. Don Bosco yari azi ingene indero y’urwaruka ihambaye cane, nico
gituma yayitwararika. Abana bacu barakeneye ubwenge bagakenera n’indero nziza, kugira ngo ubwo bwenge nti-
bucike ubujuju, nti batwarwe n’umutima mubi, nti bakoreshe ubwenge bwabo mu kugirira nabi abandi. Ubwenge
bwiza bujana n’urukundo n’ukwitwararika ineza y’abandi. Dusabire abigisha bo mu Burundi ngo bafatire akarorero
kuri Yohani Bosco, ngo bitwararike kurera neza abo bajejwe no mu kubaha akarorero keza. Vyoba vyiza ko mu
mashule yose yegamiye Ekleziya gatolika bokwisunga uwo muvunyi w’abarezi, bagasenga bagasabira n’urwaruka
bajejwe nkuko Yohani Bosco yabigira.
Sinoshima ko abanje boba abakozi bo munzu nkanje…
Uwo n’umuntu akorana akamwemwe. Imana yaramuhezagiye, iramuha urugo, ariba-
ruka abana umunani. Twarayaze nawe ibiraba indero y’abana. Ati: urabona nambaye
kambambili n’ipantalo ibayabaye. Naho mpembwa ibihumbi mirongo umunani, nda-
riha amafranga nk’ibihumbi amajana abiri na mirongo ibiri ku mwaka kubera umwana
mukuru yiga muri kaminuza. Ndafise n’abandi bana batatu biga mu mashure makuru;
naho nyene ntegerezwa gutanga amafranga arenga ibihumbi cumi na bitanu ku munye-
shule. Urazi ko jewe mba iyo mu misozi. Abana batoyi niho biga. Ariko ntibiga neza
kubera abigisha bakunda gusiba; abana baridoga ko batabigisha iminsi yose uko bi-
kwiye, bigatuma bananirwa mu bibazo. Ni co gituma bashitse mu mwaka wa gatanu
nca ndabimurira i Bujumbura kuri Stella Matutina, niho dutanga amafranga make ka-
ndi niho biga neza. Barabakurikirana cane, bakabaha n’ibikorwa batahana ngo babikorere imuhira. Nanje ndaba-
kurikirana nkaraba amakaye yabo. Iyo mu misozi badusaba amafranga menshi ngo kubera umunyezamu, imisalani,
n’ibindi...Mugabo ikitubabaza, ni ukubona umwana yazindutse agenda mw’ishule agataha atize. Ariko birashimi-
shije kubona abajejwe ivy’ijambo ry’Imana badatezura mu mwitwarariko w’butumwa bwabo.
IDOMINIKA YA 4 UMWAKA - A gire umuntu n’umwe yihayagiza imbere y’Imana.
IGISOMWA CA MBERE: Sof. 2, 3; 3, 12-13. Niyo ibaha kuba muri Kristu Yezu, niyo yamudu-
Mu gihugu cawe nzosigaza abatobato n'abicisha haye ngo atubere ubwenge, ubutungane, ubwera-
bugufi gusa. nda n’urukiza, kugira ngo, nkuko vyanditswe.
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Sofoniya: “Uwihayagiza yihayagize mu Mukama. »
Rondera Umukama, mwa bantu batobato mwese bo INKURU NZIZA: Mt. 5, 1-12
kw’isi, muhore mugamburukira amateka yiwe. Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo
Rondera ubutungane, mwicishe bugufi; kumbure Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Matayo:
muzoba mwikinze ishavu ry’Umukama aho rizo- Yezu abonye ishengero rikoranye, aduga ku gasozi;
kwadukira. Mu gihugu cawe nzosigaza abatobato ngo amare kwicara, abigishwa biwe baramwegera.
n’abicisha bugufi gusa, kandi agasigarira ka Israeli Araheza atangura kuvuga, abigisha muri aya maja-
kazohungira mw’izina ry’Umukama. Bazoheba mbo: «Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo
ubuyobe bwose, bihane ikinyoma cose, abangushi kuko Ubwami bw’ijuru ari
na bo bacibwe. Bazogandagaza ku mitumba, baru- ubwabo! Hahiriwe abitonda
huke ata wubariye n’urwara. kuko bazotorana isi! Hahi-
IGISOMWA CA KABIRI: 1Kor. 1, 26- 31 riwe abari mu marira: ku-
Abatagira ububasha nibo Imana yitoreye ko bazohozwa! Hahiriwe
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo abashonje n’abanyotewe
yandikiye Abakorenti: ubutungane kuko bazoshira
Ncuti zanje: Ni muzirikane ihamagarwa ryanyu ipfa! Hahiriwe abanyakigo-
uko rimeze muri mwebwe, abanyabwenge kubw’a- ngwe kuko na bo bazokigi-
bantu sibo benshi, abakomeye sibo benshi, abana rirwa. Hahiriwe abari n’u-
b’imiryango mikuru sibo benshi. Yamara ibijuju mutima mwiza kuko bazobona Imana! Hahiriwe
mu maso y’abantu nivyo Imana yitoreye ngo itete- abaremesha amahoro kuko bazokwitwa abana b’I-
reze incabwenge; abatagira ububasha nibo Imana mana! Hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane
yitoreye ngo itetereze abagendera ku bubasha bwa- kuko Ubwami bw’Imana ari ubwabo! Muzoba mu-
bo; abatagira akaryango mu bantu n’abakengerwa hiriwe ni babatuka, bakabaremera amabi yose ku-
nibo Imana yitoreye, n'ibitariho mbere Imana yara- bwanje muranezerwa muhimbarwe, kuko impera
vyitoreye ngo igire ubusa ibiriho, kugira ngo ntiha- yanyu izoba nini mw’ijuru!

Muvukanyi, egera hano tube Bari baje kwumviriza Yezu. Yezu rero aduga ku
turazirikanira hamwe iri Ja- gasozi, we n’abigishwa biwe. Ako gasozi ntikareka
mbo ry’Imana ry’uyu musi kutwibutsa ka gasozi Imana yaherako Musa
w’ Imana ugira kane mu misi amabwirizwa yayo. None Yezu ari ku gasozi. Niho
y’Imana isanzwe. Mu gitabu agira ahere abigishwa biwe n’isi yose itegeko rishasha
c’umuhanuzi Sofoniya, Ima- rizanira abantu ubuhirwe. Muri abo bantu ntihari
na itubwira ingene uw’Imana habuzemwo aboro, abarenganywa, abiririra, hamwe
yomera. Imana ivuga iti: “mu n’abashonje.Yezu aha inyigisho iryo shengero
gihugu cawe nzosigaza abato- yerekeye ubuhirwe; bwa buhirwe nyene Imana ishaka
bato n’abicisha bugufi gusa”. ko abantu bogira. Iyo nyigisho itangurana n’ijambo
Abo batobato ni abumvise ry’umunezero: “ Hahiriwe”, ribwirwa abari baruhijwe,
ijambo ry’Imana, bagahindura imigenzo yabo y’ukuba bari mu mananiza y’ubuzima. Iyo nyigisho y’ubuhirwe
batari bacumvira Umukama ntibanamwirukire; bari bu- idondagura imirwi y’abantu bari uku canke kuriya,
zuye ububisha, bari abanyakinyoma n’abangushi. Aba- bafise izi ngorane canke ziriya. Aho nyene Yezu
tobato n’abicisha bugufi ni abo bumvise iryo Umuka- akababwira ati: “ barahiriwe”. Ubuhirwe Yezu yigisha
ma yatumye Umuhanuzi bagaheza bagaheba gusenga ni umwizero bw’ ubu n’ubuzoza, bw’imyaka yose.
ubuyobe bw’abanyamahanga, bakihana ikinyoma cose. Yezu avuga ati: “hahiriwe abari n’umutima ushima
Abo bazogandagaza ku mitumba baruhuke atawubarya ubworo, abitonda, abari mu marira, abashonje
n’urwara. Imana ishaka ko abantu bagira ubuhirwe. Ni n’abanyotewe ubutungane”. Abari n’umutima ushima
nabwo Yezu Umwana w’Imana akaba n’intumwa ya- ubworo ni abo bafise mu mutima ikibanza c’Imana,
yo, yerekana aho buri mu nyigisho yiwe ya mbere ka- abo ivy’isi bitaraziba umutima ngo bibagire, binube
ndi ije bwa bwirizwa. Yezu yabonye ishengero rikora- Imana. Uwuri n’umutima ushima ubworo arihangana,
nye. Iryo shengero ryari rigizwe n’abantu bavuye mu ntawe yagiriza, ntawe acira urubanza; ni umuntu
mihingo myishi: abari bavuye mu Bugalile, muri Yeru- agerageza kwumva abandi, kandi akabama hafi. Ni
zalemu, muri Yuda no hakurya y’uruzi yorudani. uwigana Kristu yaranzwe n’ubwitonzi n’ukwicisha
Mbere aha umuntu yogira ati: “bari bavuye mu ntara bugufi (Mt 11,2ª). Uwitonda ni igihushanye
yose, mu gihugu cose. Iryo koraniro rikaba rimenyesha c’abahambazi n’abanyamahane batakundira abandi
canke riserukira abanyisraeli bose, abayahudi bose. kuba mu mutekano n’amahoro. Ni umuntu atakaza
ishavu, adasomborotsa, adatera amahane. Na Yezu yari guhamwa n’abakorera mu mwijima, biyorobeka,
uwitonda kandi yicisha bugufi bivuye ku mutima. bahora mu kinyoma. Abakristu bahamwa kubera ko
Ubwitonzi ni ingabirano tubona ku bayoborwa na bashaka kuba intungane mu bantu buzuye uburyarya,
Mutima. Abari mu marira, umubabaro, ni ivyo n’abantu buzuye ikinyoma. Uruhamo abakristu
dukunda kubona ku bantu b’intungane bababazwa bagirirwa rutegerezwa kava ku butungane bagerageza
n’akarenganyo n’ububisha n’uburyarya biri kw’isi, gukurikiza mu buzima bwabo. Abo bose rero, batorana
kandi bakabona ko igikorwa cabo ata cogihindura. ubuhirwe. Muri iki kiringo nyene barahiriwe.
Abanyakigongwe ni barya babura amahoro mu mutima Bazotorana kandi ubuhirwe budahera. Noneho rero
babonye abantu bari mu kaga, bakarondera uburyo inyigisho ni iy’ugukurikira Kristu kuko ivyo atwigisha
bwose bw’ukubarwanako ngo babafashe. vyose tubibona muri We tukabirabira kuri We.
Abanyakigongwe na bo kandi ntibacira abandi imanza, Bazohozwa abababazwa n’ibintu bitamezeko vy’iyi isi,
ntibihora. Ni abantu bagabiye kurekurira n’abo bita bababazwa n’ubwicanyi, n’urwanko, n’biterasoni
abansi babo. Abafise umutima mwiza ni barya batagira vyose bigirwa kuri iyi isi ubu. Abigishwa ba Yezu
agatosi mu mutima kobabuza guseruka mu maso bazoteba bahozwe. Ng’aho ahari ubuhirwe nyakuri.
y’Imana. Ni barya baheba inabi, baikirinda igicumuro. Uwushize ku muzirikanyi iyo nyigisho-bwirizwa ya
Ni bo bazobona Imana. Hariwe abahamwa, abahamwo Yezu Kristu, azoharurwa muri ba batobato n’abicisha
bahorwa ko ari intungane, ko barwanira bugufi Imana izosigaza mu gihugu, bagaheza
uburenganywa; ko barwanira iteka ry’umuntu, ko bakaruhukira ku mitumba y’Imana ata kibakakaza.
bamira abanyanganya abandi. Umukristu yigenza
gurtyo, akora ibitunganye, akurikiza ukuri, ntazoreka

Ingo Mukama Yezu, wewe « Muco uboneshereza mu ntara zose »


Imisi 40 iheze Yezu avutse, Bikira Mariya yaragiye kumuhereza mu gisengero nk’uko nk’uko umugirwa w’aba-
yahudi wabitegekanya ku mwana wese w’imfura kandi w’umuhungu...Uko italiki 2 z’ukwezi kwa kabiri zigeze,
Ekleziya katolika irahimbaza iherezwa rya Yezu mu gisengero nk’« umusi
mukuru w’umuco ». Kukaba nkako, kur’uwo musi twibuka amajambo umu-
tama Simeo yavuze yohejwe na Mutima Mweranda, igihe yakira Yezu mu ma-
boko yiwe ngo amuhereze Imana amushikirijwe na nyina wiwe.. Nayo n’aya :
« …amaso yanje yihweje ubukiriro wateguriye intara zose , wa muco ubo-
neshereza mu ntara zose… » (Luka 2, 29-32). Ahatari hake, imisa yo kur’u-
wo musi itanguzwa n’urugendo. Imbere yo kwinjira mw’isengero Umusaser-
doti n’abakristu baba bakoraniye hamwe bafise amatara (bougies). Bamaze ku-
yadomeka, baca baririmba ururirimbo rwo gusanganira uwo muco, utwibutsa
koYezu yaje n’ububasha bwiwe ngo adukure mu muzimagiza. Umusaserdoti
aratumirira ishengero kwinjira mu ntumbero y’uwo musi ugira 40 duhimbaje
umuzo wa Yezu, ariwe muco w’isi. Umusaserdoti amaze guhezagira ishengero
n’amatara, baca bagira urugendo bagana Altari bafise n’amatara yaka ; bage-
nda bararirimba uturirimbo two guhayagiza umuco uva ku Mana, uwo muco
nawo ukaba ari Yezu we nyene yaje gukiza igihugu ciwe, akagikura mu muzimagiza. Yezu mu maboko y’umutama
Simeo, yarasanganiye igihugu ciwe, naco kiramusanganira giciye kur’uwo mutama nyene. No muri iki gihe, Yezu
arabandanya atwitangira igihe cose habaye inkuka y’imisa ; aba aje gusanganira abagendanyi biwe nabo bakamu-
sanganira mu kumwakira mw’Isakramentu ry’ukaristiya. Tubandanye tumusanganira, tumuha ikaze mu buzima
bwacu mu kuba umugendandi wiwe w’intahemuka.

Mukunzi wanje Yezu, Mfasha gukwiza hose akamotera kawe, aho ndi hose. Ni wuzuze Mutima
Mwe-randa mu mutima wanje, n’ubuzima bwawe bunyuzuremwo. N’ushware muri je-we, gushika aho
ubuzima bwawe bwiserura mu bwanje. N’uce kuri jewe maze uboneshereze
isi, n’ufate icicaro muri jewe gushika aho umutima wose uje ungana wumva ko
uri muzima muri jewe. N’umpe ngo ni nararamura amaso nti babone jewe,
ah’ubwo babone Yezu. Gumana nanje, ntangure kuba umuco nk’uko uri
umuco, gushika aho murikira abandi. Yezu mwiza, umuco uzoba ari rwawe,
ntu-zoba ari rwanje. Ni wewe uzomurikira abandi unciyeko. N’uninahazwe ku
buryo wewe nyene uzoshima gukoresha ngo umurikire abankikije bose. N’umpe kukumenyesha ata
rwamo, ata majambo menshi ndinze kuvuga; ariko n’umpe kukumenyesha mu bikorwa, n’umpe
ubushobozi bwo gukwe-gakwega abantu mu bwitonzi, n’umpe ngo ivyo nkora bigire ingaruka nziza
ku bantu, bikore ku mitima yabo, maze vyibonekeze ko urukundo ndagukunda runshikana ku bu
buzima bwuzuye.
Usabire bagenzawe bitiranwa n’abo beranda
Umusi Aberanda dusaba Injili y’uno musi
Kuw’Imana, 30/1 Aldegonda Mt 5. 1-12 Muzoba muhiriwe ni babatuka bakabaremea amabi yose ku bwanje.
Ku wa 1, 31/1 Yohani Bosko Mc. 5, 1-20 Wa mutima uhumanye, va muri uyo muntu.
Ku wa 2, 1/2 Pionius Mc. 5, 21-43 Ukwemera kwawe kuragukijije, mwananje, igire amahoro ukire neza..
Ku wa 3, 2/2 Iherezwa ry’Umukama Lc 2, 22-40 Amaso yanje yihweje ubukiriro, wa muco uzoboneshereza intara zose.
Ku wa 4, 3/2 Bleze, Anchaire Mc 6, 7-13 Ahamagaye bamwe 12, arabarungika, abaha n’ububasha ku mitima...
Ku wa 5, 4/2 Adelino, Gilberto Mc 6, 14-29 Ntibikunda ko ugumya umugore wa mwenewanyu.
Ku wa 6, 5/2 Agata, Avito Mc 6, 30-34 Ni muze ahiherereye muruhuke gatoyi.
UMWERANDA YOHANI BOSKO YARANZWE N’IKI ?
Igenekerezo rya 31 Nzero, Ekleziya ihimbaza umweranda Yohani Bosko.
Yavukiye mu gihugu c’Ubutaliyano bwo mu buraruko mu mwaka wa
1815, avyarwa na Fransisko hamwe na Margarita. Mu buto bwiwe yaran-
gwa n’ubwenge, urweze n’ukunonoka mu nkino, ivyo bigatuma aronka
abagnzi benshi. Igihe kimwe , mu ndoto ziwe yaboye akikijwe n’ibinya-
maswa vyo mw’ishamba, haheze akanya abona bihindutse imyagazi y’in-
tama itekereza. Mu kurotora, mukuruwe yamubwiye koazoba umwungere,
uwundi bavukana amubwira ko azoba umukuru w’ibisuma. Yohani Bosko we yategereye ko Imana ya-
muhamagariye kwigisha no kurera urwaruka rwiziziwe n’ingeso mbi. Mu numa yahavuye aba umusa-
serdoti, akaza araremesha abari mu ngoyi n’abandi bagowe; yahavuye abona ko hariho abandi batitaweho
kandi bageze habi: urwaruka rwayerera mu gisagara ruganzwa n’ingeso mbi na cane cane ubusuma.
Yaciye atangura kubarera, arabakoranya, abigisha kubarira ibirato hamwe no kubaza, aranabasabira inda-
ro kugira ngo ashobore kubarera bamwegereye. Ishimikiro ry’indero yabaha ryari: “urweze, ubutwari mu
bikorwa, kwisunga Bikira Mariya n’uguhabwa isakramentu ry’ikigongwe”. Ni muri iyo ntumbero yaci-
ye atanguza umuryango w’abihebeye Imana bitwa Abasaleziyano, n’umuryango w’ababikira wakira aba-
zitwararika kurera urwaruka. Muri ba basore yari areze, harimwo bamwe bamwe batahinduye ingeso. Aba-
ntu b’i Turino bashegeshwe n’uruhagarara babatera, baca babwira Yohani Bosko ko yobigiayo, babonye
bitabaye nk’uko babishaka, baca batangura kurondera kumwica. Ariko we yama akingirwa urupfu n’ikibin-
gira atawamenya iyo kivuye kandi atawamenya iyo kinyikiye mu nyuma. Yohani Bosko yari afise ingabira-
no yo gukora ibitangaro mu gukiza abantu; kandi yararwanira isakramentu ry’ikigongwe nka Yohani Via-
nney Mweranda. Muri iki gihe tugezemwo, urwaruka nk’urwo ruriho, twambaze umweranda Yohani Bo-
sko adusabire ingabirano yo kwitaho n’ukwitwararika indero yarwo. Yohani Bosko Mweranda dusabire.
INYISHU Z’IBIBAZO. Mu nº3 yo ku wa 16/1/2011 twarabashikirije inyishu
Patiri Ildefonse MISIGARO yashikirije ku kibazo cerekeye ukuja gusengera
mu rindi shengero uri umukatorika. Muri iyi nº naho yishura ku bijanye no
gusoma ibitabu vyo mu yandi madini no kwubakana n’uwo mu yidi dini.
1. Mbega umuntu arashobora gusoma igitabu kirora kuri Yezu-Kristu canditswe mu yandi
madini? Yobanza kuraba muri rurya rutonde rw’ibivugwa muri ico gitabu ko ivyo
bavuga kuri Yezu ari ivy’ukuri, bidatuka Yezu, canke bidatirimutsa ukewemera kwiwe.
Yoba ari umuntu azi gusobanura neza ibirimwo vy’ukuri n’ibinyoma ng ntapfe ivyo
ayoye. Nibaza ko ukumenya ivyo abo mudasangiye idini bavuga kuri Yezu Kristu atari
bibi. Ubimenye woshobora mbere n’ukubabera umuco ukababwira ukuri kuri Yezu
Kristu; ukongera ukarwanira ukwemera kwawe. Ico abantu bose banditse si itegeko ngo ucemere. Turafise
nk’Ibibiriya yitwa TOB, yanditswe n’abagatorika bari kumwe n’abandi bakristu atari abagatorika. Nk’ico ni
ikintu ciza kiduhuza.
2. Mbega umugatorika arashobora kwubaka n’umukristu w’iyndi dini? Ego birashoboka. Ariko ni ukubanza kura-
ba iryo dini iryo ari ryo. Hariho uruhusha rusabirwa umugatorika ashaka kuja kwu-bakana n’uwutari umuga-
torika, ndetse n’uwushaka kuja kwubakana n’uwutaramenya Imana nk’u-mupagani ata dini na rimwe arimwo.
Ivyo vyose ni ukuja kubimenyesha Patiri Mukuru w’iparu-wasi uba uri mwo kugira ngo agusabire urwo
ruhusha hakiri kare. Patiri Mukuru wa paruwasi ni we amenya ubwoko bw’uruhushaagusabira urwo ari rwo.
DUCISHEMWO DUTWENGE: Umunsi umwe gucana umuriro kandi muba
umusazi yaturiye inzu yabamwo. Bugingo iriko irasha, mukanye! Aho mwese mwari muje
abantu barashwabaduka baje kuzimya. Noneho ngo murakinagira kwota umucanwa
abakubite ijisho, aca atangura kubatera amabaye, wanje? Hoshi genda gucana
arabirukana, abatukagura ati: Bwabundi, mureka iziwanyu.
Basomyi, mushaka kuronka iki kinyamakuru ukwanyu ni amafranga 3000 ku mwaka gusa.

You might also like