Download as docx, pdf, or txt
Download as docx, pdf, or txt
You are on page 1of 47

UBUTUMWA

BW’ABAMARAYIKA
BATATU
Canditswe na Pasitori Jack SEQUEIRA

Gihindurwa mu Kirundi na KAREMA Ernest

(Tel.:+257 79489028/ 68909772).


Ibirimwo
Igice ca 1: Ubutumwa bw abamarayika batatu busigura iki?

Igice ca 2: Umumarayika wa mbere

Igice ca 3: Umumarayika wa kabiri

Igice ca 4: Umumarayika wa gatatu

Igice ca 5: Ivyamwa vy’ubutumwa butatu

Igice ca 6: Amashwabura abiri y’ubutumwa butatu


IGICE CA 1: UBUTUMWA BW’ABAMARAYIKA BATATU N’IKI?

Ivyahishuwe 14:6-12

Tugiye kwihweza uburyo bumwe bumwe bw’ubutumwa bw’abamarayika batatu nk’uko


tubusanga mu Vyahishuwe 14, ubutumwa mu vy’ukuri bugize urukurikirane rw’ubutumwa
bw’ishengero rya Lawodikiya. (Raba Kristo aburira Lawodikiya). Ubwo butumwa bwa
Lawodikiya bwahawe urunganwe rwa nyuma rw’abakristo kandi burimwo umuhamagaro wa
Kristo wo kwihana, guhinduka ukava mu kugororoka kwawe ugahindukirira ukugororoka kwa
Kristo.

Imana igomba ubwoko ishobora gushirako ikimenyetso kugira ngo ishobore kubwereka
isi maze ivuge iti: “Ng’ubu ubwoko bwanje”. Abashizweko ikimenyetso ni 144 000 kandi
ubutumwa butegura ubwo bwoko ni ubutumwa bw’abamaarayika batatu. Turaca ku mayange ico
ubwo butumwa buvuga hanyuma tuzobwihweza ido n’ido mu vyigwa bizokurikira.

Imirongo itanu ya mbere yo mu Vyahishuwe 14, isigura ivya bamwe 144000.


Ivyahishuwe 14:6-12 birimwo ubutumwa bw’abamarayika batatu butegerezwa kuvyara ubwo
bwoko. Ikintu ca mbere tuzovumbura, n’uko Atari ubutumwa butatu butandukanye ariko ni
ubutumwa bumwe mu mvugo zitatu. Ku murongo wa 8 na 9, ijambo ry’ikigiriki “akurikirako”
rishobora gusigura “guherekeza” canke “kwiyongerako”. Nk’akarorero umuntu agiye mu
gisagara runaka. Ari mu nzira agahagarara mu kindi gisagara runaka ngo atore uwo bafatanya
urugendo, kandi bagaca bafatanya urugendo rw’aho batumbereye kuja. Muri ubwo buryo nyene
umumarayika wa mbere afise mu biganza ubutumwa butazoshira, umumarayika wa 2 yifatanya
n’uwa mbere, hanyuma uwa gatatu akifatanya n’abo babiri ba mbere. Umumarayika wese avuga
ubutumwa butazoshira, ariko mu buryo butandukanye.

Ubutumwa bw’abamarayika batatu butangurwa ubwa mbere mu vyahishuwe 14:6 muri


ubu buryo: “Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yatiriye ijuru, afise ubutumwa bwiza
butazoshira bwo kubarira ababa mw’isi”. Imvugo “umumarayika wundi” risigura yuko
umumarayika akurikira uwavuzwe mu murongo wa 6, umwe wese afise igikorwa gitandukanye,
ariko ngaha tuhabona umumarayika wundi atari wa wundi wo gushirako ikimenyetso ariko
umumarayika afise ubutumwa butazoshira.

Ijambo “budashira” rishaka kuvuga yuko ari ubutumwa bw’Imana kuva mu bihe
bidashira. Bigomba gusigura yuko Imana ifise uburyo bumwe bwo gukiza umuntu, yoba
yabayeho mu gihe c’Isezerano rya kera canke Irisha, yoba umuyuda canke umunyamahanga.
Imana ni imwe kandi n’uburyo bwo gukiza ni bumwe. Hari uburyo bwinshi mw’isi, na Bibiliya
ubwayo ivuga bwinshi, ariko hariho uburyo bumwe rudende bw’ukuri.

Bibiliya yerekana yuko abayuda bagerageje kuronka ijuru bakoresheje ibikorwa


bibwirijwe n’ivyagezwe, ariko ntiyemera ubwo buryo. Imana ishira akatuzo ishimitse yuko
tudashobora guhindura canke kugoreka ubutumwa bwiza bw’ukuri: nta bundi bushobora kwigera
bubaho. Ubutumwa bw’abamarayika batatu ni ugusubiza itoto ubutumwa bwiza bw’ukuri
bwateguwe kuva mu bihe bidashira kandi tukaba twarabuhawe uyu munsi.

Ibisomwa bimwe bimwe birerekana ingene Imana yihariye kuri ico kintu. Tuzotangurira
mu 2Ab’i Korinto 2:11: “…Kugira ngo satani ntaronke ico adutsindisha, kuko tutayobewe
imigabo yiwe”. Abakristo b’i Korinto bari abagiriki, benshi muri bo, abahinga b’ivyiyumviro
bafise ivyiyumviro vy’ubwoko bwose.

Paulo yari arajwe ishinga n’ubutumwa bwiza basigurirwa ndetse n’ingorane bashobora
kuzimiriramwo. Havugwa mu 2Ab’i Korinto 11:3-4 ati: “Ariko ndiyubara yuko, nk’uko ya
nzoka yahendesheje Eva kwiyorosha kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa,
mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo. Kuko iyo hagize uza i wanyu akababarira
Yesu wundi, tutababariye canke iyo mwakiriye iyindi mpwemu mutakiriye, canke ubundi
butumwa mutemeye, we muramwihanganira neza!” Paulo avuga mu bisanzwe ati: “biroroshe
cane yuko mwohendwa kandi ivyo birampagaritse umutima”.

Ikete rya mbere rikaze rya Paulo mu yo yanditse yose n’iryo yandikiye abagalatiya kuko
ata kindi yakora ngaha atari ukugabisha, ariko yakankamiye ishengero ryari ryihenze. Mu
vy’ukuri yari ahagaritse umutima. Atanguza intangmarara ndende ariko muri ikigihe co, iyo
ntangamarara ni ngufi cane. Aravuga ati: “Singomba gukoresha amajabo menshi. Notangurira
kubamenyesha ikindaje ishinga”. Dushobora kubona icari kimuraje ishinga mu Bagalatiya 1:6, 8:
“Ndatangaye yuko muriko murareka mutyo iyabahamagaye kubw’ubuntu bwa Kristo, mukemera
ubutumwa bunyuranye n’ubwo. Paulo ariko aravuga ati: “Mwagerereye kure y’ubutumwa
bwiza”. “Ariko naho yoba ari twebwe canke umumarayika avuye mw’ijuru, ababarira ubutumwa
bunyuranye n’ubwo twababariye, arakavumwa”.

Ubutumwa bw’abamarayika batatu ntibutandukanye n’ubwo intumwa zavuga. Paulo


avuga ngaha yuko ari ubwo butumwa nyene. “Nk’uko twavuze ubwa mbere, na none nongeye
kubivuga (intumwa zari zaramaze kubivuga ku mugaragaro none nanje ndavyongeyeko), nti Ni
hagira umuntu ababwira ubutumwa bunyuranye n’ubwo mwemeye, arakavumwa”. (Abagalatiya
1:9).

Insiguro zimwe zivuga ziti: “Ubutumwa bwiza Imana yashinze mu bihe bidashira”, ariyo
nsiguro nziza y’ikigiriki. Dusoma insiguro ishigikira mu buryo butomoye ico ciyumviro.
Abanyefeso 1:4: “Muri We (Kristo) Imana yadutoranije itanguriro ry’isi ritarashirwaho”. Imana
yashinze icungurwa ryacu kuva ku kuremwa kw’isi. Ivyahishuwe 13:8: “Kandi ababa mw’isi
bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama
yatanzweko ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi”. Imana yateguye agakiza kacu muri Kristo
kandi Kristo yatanzweko ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi. Ubwo nibwo butumwa
butazoshira Imana yageze imbere yo kuremwa kw’isi kandi bushirwa mu ngiro mu Mwana
Wayo Yesu Kristo.
Mu Vyahishuwe 14:6, batubwira umumarayika afise ubutumwa bwiza butazoshira bwo
kubarira “ababa kw’isi n’amahanga yose, n’imiryongo yose, n’indimi zose, n’amoko yose”.
Ubutumwa butazoshira, ubutumwa bw’abamarayika batatu, ni ubutumwa buheruka bw’Imana
bwateguriwe isi iriko irononekara. Igihe ubwo butumwa buzovugwa, ijambo ryo muri Matayo
24:14 rizoshitswa: “Kandi ubu butumwa bwiza bw’ubwami buzovugwa mw’isi yose, ngo bube
ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maze umuhero uzoca uza”.

Ni igishingantahe ca nyuma, umuhamagaro wa nyuma w’Imana kw’isi yazimiye. Ubwo


butumwa bufise intumbero zibiri:

1. Gutegurira ubwoko gushirwako ikimenyetso;


2. Guha isi amahirwe ya nyuma imbere y’umuhero.

Mu 2 Petero 3:9, dusoma igituma Kristo ataragaruka yuko, Atari ukutitaho gushitsa isezerano
ryiwe nk’uko abantu babigira.

Murazi yuko uburyo bwo kubaho butandukanye n’ubwo mu buseruko bwo hagati. Umuntu
yikorera utwiwe ntazovuga na rimwe ati: “Murantunga, urutonde rw’ivyo ntegerezwa kurangura
ruruzuye, sinoshobora kubakorera ico gikorwa”. Muramubaza muti: “Muzogiheza ryari? Nari
ndabikeneye vyihuta”. Iyo musubiyeyo ku wa kabiri ukurikira, ntibaranabitangura kuko bari
bafatiriwe cane n’ivyo bariko barakora igihe mwaja ku baraba. Bakababwira ubu bati:
“Mwoshobora kurindira kandi gushika mu ndwi iza?” Maze bakabandanya kubarindiriza.

Imana ntimeze nk’abo bantu igihe ivuga iti: “Ndaza vuba”. Imana ntiteba gushitsa isezerano
ryayo. Hari imvo ituma ataragaruka. 2 Petero 3:9 hatubwira yuko ari ukubera yuko itagomba ko
hari n’umwe yohona. Imana yavuze ibisa n’ivyo igihe yabwira isi y’abapagani ndetse n’ihanga
ry’abayuda: “Ni kangahe nagerageje kubegeranya mu mababa yanje ariko mukaba
mwaravyanse? Mwampatiye guta inzu yanyu nk’umusaka, kuko muvyitumye, kandi
mubishishikaye n’ibigirankana, mwaranse ingabire nabahaye”.

Umumarayika wa mbere ashikiriza ubutumwa bw’abamarayika batatu mu gihe c’urubanza.


Ivyahishuwe 14:7 havuga ngo: “Kuko igihe c’urubanza gishitse”. Ivyo mu bisanzwe bishaka
kuvuga yuko igihe co kwemerwa kigiye kurangira inyuma yo gutangaza ubwo butumwa; ikindi
kandi, aho hose ubutumwa bwiza buvuzwe, ingingo igomba gufatwa ukemera canke ugahakana
Kristo.

Imana yamaze igihe kinni yirengagiza ukutamenya kwacu, ariko igihe ubutumwa bwiza
buvuzwe mu buryo butomoye gose, buherekezwa imisi yose n’ibimenyetso n’ibitangaza nk’uko
tubibona mu gitabo c’Ivyakozwe n’intumwa. “Bigisha Kristo n’ubushobozi bwinshi bakora
ibimenyetso n’ibitangaza”. Imana izoherekeza ubwo butumwa n’ubushobozi busa n’ubwo kuri
pentekoti ku buryo bw’uko ubuhinga bushobora kuvuga buti: “Ntibikiri mu bigereranyo, ni
icabaye: ubutumwa bwiza ni ubushobozi bw’Imana butanga agakiza”. Bose nta cireguzo na
kimwe bazogira.
Umumarayika wa kabiri ntiyongerako ubundi butumwa. Yifatanya n’umumarayika wa mbere
kandi “akongerako” (canke bakajana) bavuga bati, kirakomvomvotse Babuloni”. Babuloni
yasenyutse kubera yuko yanse ubutumwa bwiza. Babuloni yaranse ubwo butumwa bwiza kandi
yahamagariye isi yose kubwanka. Menya ico Ivyahishuwe 14:8 bivuga: “umumarayika wundi wa
kabiri akurikirako, ati kirasenyutse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose
vino niyo burake bw’ubusambanyi bwaco!”

Umumarayika wa kabiri akoresha Babuloni, igisagara gihambaye co mu gihe ca Daniyeli


nk’akarorero. Soma ibice vya 4 na 5 vya Daniyeli. Ivyabaye mu gihe ca Daniyeli muri kahise ni
ikigereranyo c’ibiyiye kubaho uyu munsi. Ubutumwa shimikiro bw’umumarayika wa kabiri ni
Babuloni yasenyutse kuko yagararije, Atari mu butamenya ariko mu bigirankana. Ubu naho
yipfuza yuko amahanga yose yoyikurikira. Ni ubutumwa bwo kugabisha kugira ngo ukuri
ntikubandanye kurondererwa mu ruhande rwa Babuloni.

Igihe umumalayika wa kabiri avuga ivya Babuloni, ntavuga amazina. Mu bisanzwe


turagereranya Babuloni n’umunara w’i Babeli ugereranya urudubi. Ariko iyo mubibajije abantu
bo mu buseruko bwo hagati ico Babeli canke Bab El bisigura, bazobishura yuko iryo jambo riri
mu majambo abiri, “bab” risigura “urugi” na “el” naryo risigura “imana”. Bab El, ni umuntu
agerageza gushikira urugi rw’Imana (canke rw’ijuru) kandi akoresheje inguvu ziwe.

Mu Vyahishuwe 14:9-11, umumarayika wa gatatu akurikira uwa kabiri “avuga n’ijwi rirenga
(avuga mu buryo butomoye neza) ati: Ni hagira umuntu asenga ca gikoko n’igishushanyo caco,
akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino,
niyo bureke bw’Imana yiteguye idafunguye, mu gakarabo k’uburake bwayo. Kandi
azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi.
Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira kandi ntibaruhuka ku murango no
mw’ijoro, abasenze ca gikoko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwako
ikimenyetso c’izina ryaco”.

Menya igihushane ca bamwe 144 000. Bafise ikimenyetso c’Imana mu ruhanga rwabo. Mu
vyahishuwe 14:1, abo 144 000 niko bavugwa: “kandi mbona Umwagazi w’Intama, ahagaze ku
musozi siyoni, ahagararanye n’abantu 144 000, bafise izina ryiwe n’izina rya Se yanditswe mu
ruhanga rwabo”.

Nk’igihushane c’ivyo ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu buvuga yuko iyo mwanse ku


bushake, n’ibigirankana kandi mubishishikaye imburi ya nyuma, muzoshirwako ikimenyetsao
c’igikoko. Hari impande zibiri zigerageza gukwega umuntu mur’iki gihe c’iherezo ry’isi:
Babuloni ku ruhande rumwe na Kristo ku rundi.

Iyo mwemeye kuja mu ruhande rwa Kristo, muzoshirwako ikimenyetso c’izina ry’Imana mu
ruhanga rwanyu. Ni mwanka ubutumwa bw’abamarayika batatu, muzoshirwako ikimenyetso
c’igikoko. None rero ubutumwa bw’abamarayika batatu busigura iki?
1. Ni ubutumwa bwiza butazoshira mu bweranda bwabwo bwose;
2. Ni ubutumwa bwiza butazoshira bwejejwe ubwenge bwose bw’umuntu, n’ivyiyumviro
vyose vya kimuntu;
3. Ni ukuri gutunganye kwigishijwe n’intumwa kandi kuzosubira kwigishwa imbere
y’umuhero;
4. Butegurira ubwoko ibizoba mu minsi ya nyuma y’ubuzima bw’umuntu;
5. Ni imburi ya nyuma y’Imana kw’isi yaciriwe urubanza rwo gupfa.

Abakristo ba mbere bizera yuko kugaruka kwa Yesu kuzoba mu gihe cabo, igihe abakristo
bamwe b’i Tesalonike bareka kurima ibiraya ntibarime na kimwe. Bavuga bati: “kuki
dutegerezwa guteragira? Kristo ashobora kuza umwanya uwo ariwo wose!” Igihe babona Kristo
atagarutse, batanguye gusaba gufashwa n’abandi bakristo.

Paulo aravuga rero ubu, ivyo kugaruka kwa kabiri kwa Kristo mu 2Ab’i Tesalonike 2:1-
3: “Turabinginga, kubwo kuzoza k’Umwami wacu Yesu Kristo no kuzokoranirizwa kuriwe
kwacu, ntimushoke munyiganyiga ngo mugwe igihumura, canke ngo muhagarike imitima, naho
mwoba mubitewe n’impwemu canke n’ijambo canke n’ikete rimeze nk’irivuye kuri twebwe,
rivuga yuko umunsi w’Umwami wacu uhejeje gushika. Ntihagire umuntu abahenda mu buryo na
bumwe, kuk’utazoza kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w’umugarariji
atarahishurwa, niwe mwana wo kuranduka”. Babuloni yayoboye ishengero mu nzira itari yo.
Ivyo vyatanguye mu gihe ca Paulo kuko avuga mu 2Ab’i Tesalonike 2:7 ati: “Kuko ibanga
ry’umugararizo n’ubu ririko rirakora”.

Imana yahaye intumwa ubutumwa bwiza butunganye kandi bw’ukuri bigishije. Hanyuma
haza abigisha b’ibinyoma. 2Ab’i Tesalonike 2:4 havuga ngo: “Umurwanizi yishira hejuru
y’icitwa Imana cose canke igisengwa cose, nukw’azokwicara mu rusengero rw’Imana,
yiyerekana ngo n’Imana”. Mu yandi majambo: “Ni jewe mukwiye kurindirako agakiza”; haciye
hakurikira ubuhakanyi. Paulo avuga muri iryo kete nyene yuko ukugaruka kwa Kristo kwa kabiri
kutazobaho hatabanje kubaho kugarariza ubutumwa bwiza butazoshira. Paulo avyita ibanga
ry’umugararizo kuko mu bigaragara biboneka nka vyiza, ariko ni bibi mu vy’ukuri. Avuga
ingene ubutumwa bwiza buzogorekwa, ariko Imana ntizokwemera yuko ubutumwa bwiza
buguma bugoretse. Ni co Yesu yashaka kuvuga muri Matayo 24:14. Imbere yuko umuhero uza,
ubu butumwa bwiza bw’ubwami yategetse yuko butangazwa n’intumwa, iyo nshingano
yabahaye, izosubira kandi gushitswa ndetse ubutumwa bwiza bubwirwe isi yose. Ubutumwa bwa
Kristo igihe yari kw’isi bwari: “Ubwami bw’Imana buri hafi”.

Ndizera yuko yaduhaye ubutumwa ariko dukwiye gutahura ico buzodusaba. Turaraba
abandi tukavuga yuko bari muri Babuloni kandi ko “dufise ukuri”. Ariko rero birashoboka kandi
ko twubaka Babuloni umuntu wese ku giti ciwe. Nico gituma dukwiye gufata nka nkama
ubutumwa bw’abamarayika batatu mu buryo bwagutse.
Ubwo butumwa butazoshira bwavuzwe n’intumwa kera, butegerezwa gusubizwa itoto no
gutunganywa. Niyo ntumbero yo kwezwa ku biraba iyi si. Ikindi gikorwa kibangabanganye naco
mw’ijuru kiriko kirakorwa. Ubwo butumwa buzoba bwejejwe kandi buzotangazanywa
ubushobozi. N’ubutumwa bw’umumarayika wa kane wo mu vyahishuwe 18. Buzovugwa
butomoye kandi bose bazobutahura ndetse buzobwirwa isi yose.

Uyu musi turafise uburyo bwo gutangaza inkuru kw’isi yose, mu mihingo yose mu kanya
isase. Naratangaye cane igihe nari muri Afirika, ndetse no mw’ishamba, ahantu hadateye imbere
mu kintu na kimwe, abantu barafise amaradiyo mato mato. Barazumviriza kandi ndibuka yuko
n’igihe umukuru w’igihugu Kenedi yagandagurwa, n’abamasayi bo muri Afirika barabimenye.
Ntibari bazi uwo ariwe, ariko bamenye ko yari umukuru w’igihugu gihambaye citwa Leta Zunze
Ubumwe za Amerika gusa. Iyo nkuru yaravuzwe kw’isi yose. Nk’uko kw’ico gihe, Imana irafise
ubuhinga buzodufasha gukwiragiza ubwo butumwa mu kanya isase, ariko ingorane iriho ubu
s’iyo kubuvuga ariko n’iyo kubusubiza akaranga.

Ubuhakanyi buza buriho kandi bwatanguye mu gihe c’intumwa. Nico cari gihagaritse
umutima wa Paulo igihe yandikira ab’I Korinto ati: “Ndatinya yuko muzohava mwemera ubundi
butumwa”. Ni naco yagirije abagalatiya: “Ndi n’ubwoba yuko mwoba mwarakiriye ubutumwa
bugoretse”. Mu bagalatiya 3:1, Paulo avuga ati: “Yemwe bagalatiya b’ibijuju ni nde yabaroze,
kandi ari mwebwe mweretswe Kristo Yesu abambwe mu maso yanyu?” Ijambo ry’ikigiriki
ryakoreshejwe ryasiguwe na “b’ibijuju” risigura “igipfu”.

Paulo yakoresheje ijambo riremereye cane, ndetse twovuga yuko yahatswe kurenza
urugero, ariko abahinduye Bibiliya y’umwami Yakobo, ntibashimye gukoresha ijambo
riremereye cane bakoresheje ijambo “umukehabwenge”. “Ni nde” mw’ijambo ry’inkomoko riri
mu rudende; ariko rero abantu bari bahenze abagalatiya bari benshi, ntiyari umuntu umwe. Kuko
Paulo yaraba kure yarabona ko atoba umuntu buntu. Yashaka kuvuga isoko y’uko kugoreka nayo
yari satani. Ijambo “nde” rishaka kuvuga satani. Ni se w’ibinyoma. Ni we yahenze Eva mu
kwiyoberanya. Ni we yayobeje ishengero rya gikristo kandi ashaka natwe kutuzimiza.

“Ni nde yabaroze?” bishobora kandi gusigura ni “nde yabazimije?” Biratangaje kubona
satani azimiza abanyabwenge bahambaye. Kuba umuntu afise ubwenge bwinshi ntibimukingira
ubuhendanyi bwa satani. Dukwiye kugumana n’Imana kugira ngo ntitwihende. Abagalatiya 3:1
havuga ngo: “Yemwe bagaratiya b’ibijuju, ni nde yabaroze kugira ngo ntimwumvire ukuri?”
Menya yuko igihe Paulo avuga ukuri, yishimikiza ku kuri nk’uko kuri muri Yesu Kristo.
“Mwebwe mweretswe Yesu Kristo (mwagaragarijwe, mwashizwe imbere) nk’uwubambwe?”
Canke ati: “Nabasiguriye ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo yabambwe ariko mwahindukiriye
ibindi bintu”.

Abagalatiya 3:2 hati: “Iki conyene nico ngomba ko mumbwira: mbega Mpwemu
(isezerano ry’Imana kuri abo bizera ubutumwa bwiza) mwamuronkeshejwe n’ibikorwa
vy’ivyagezwe canke kwumva gufatanije no kwizera? (Imana yabahaye isezerano rya Mpwemu
yera kuko muri beza canke kuko mwemeye ingabire yayo?). Mbega mwakabaye muri ibijuju
mutyo? Mwatanguye mu vya Mpwemu mbega none musozereye mu vy’umubiri?” Abizera
b’Abayuda bari bemeje abagalatiya ingingo yo kwisunga mu gakiza ivuga ngo: “Kristo
wongeyeko jewe”. Bari bagerereye kure y’ubutumwa bwiza buvuga ngo: “Si jewe, ariko ni
Kristo”. Kwaba ukugororoka duharurwako kudutsindanishiriza, canke kugororoka duhabwa
kutweza, vyose biva kuri Kristo. Yesu yavuze ati: “Ntaco mushobora gukora mutamfise”.

Ikibazo n’ico kumenya asangwa Imana ishobora gutegura ubwoko bufise kwizera kwa
Kristo kukaba ntabanduka muri bo. Ubutumwa bw’abamarayika batatu n’ubwo gushirwako
ikimenyetso. Kugira ngo tubwemere dukwiye gusohoka muri Babuloni. Bitagenze uko Imana
ivuga iti: Ndatinya yuko umwanya wanyu wo kugeragezwa wohera kandi ntegerezwa gukuraho
imbabazi zanje zose. Imiyaga y’intambara ntizongera gufatwa ku bwanyu. Sinzosubira
kubashirako uburinzi bwanje kandi mutegerezwa guhura n’uburake bwuzuye bw’Imana”.

Yesu yahaye abigishwa biwe ubutumwa butatu bukwiye kwigishwa. Ni yo nshingano


yabahaye. Ivyo ntibishobora gukorwa mu nkomezi zacu bwite, ariko ni ubutumwa tuvugwa
kubw’ubushobozi bwa Mpwemu Yera. Dufatiye muri Yohana 16:8 hari ibintu bitatu isi ikwiye
gutsindwamwo:

1. Icaha
2. Kugororoka
3. N’urubanza

Ngaha Yesu ntasigura icaha nko kwica ivyagezwe. Ntanabivuguruza. Kuko mu 1Yohana
3:4 havuga ngo: “umuntu wese akora icaha akora ivy’ubugarariji; kanki icaha nico mugararizo”.
Ariko arasigura icaha kizotubuza kwinjira mw’ijuru nk’icaha co kutizera. “Ivy’icaha kuko
batanyizeye”. (Yohana 16:9). Ubu ni ubutumwa bw’abamarayika batatu. Iyo tutemeye
ubutumwa bwiza tuba muri ubwo buryo dukoze icaha kitababarirwa. Imana ntishobora kuturinda
iyo ducumuye ku butumwa bwiza. Yohana 16:10 havuga ngo: “Azotwemeza ivyo kugororoka
kuko nja kwa Data”. Data yarungitse Yesu ngaha, ataje kuducirako iteka ariko ngo dukizwe
nawe. Yamubwiye kw’atazosubira mw’ijuru imbrere yo kurangiza igikorwa ciwe. Kuba
yarasubiye rero kwa Data bisigura yuko ibikenewe vyose mu gakiza kacu, atari ibiraba
ibigabitanyo vyacu gusa n’igihano cavyo, ariko ibikenewe vyose vyarangiriye mu Mucunguzi
wacu Yesu Kristo. Ng’uyo umushinge w’ubutumwa bw’abamarayika batatu.

Yohana 16:11 ati: “…ivy’amateka kuko umwami w’iyi si yaciriweko iteka”. Mwibuke
yuko umwami w’iyi si ariwe nkomoko nyakuri, yinyegeza inyuma ya Babuloni. Hari ibisagara
bibiri kandi kimwe cose muri vyo ni umugwa mukuru. Yerusalemu y’ukuri yo mw’ijuru ni
umugwa mukuru w’Imana. Babuloni ni umugwa mukuru w’isi ya satani. Hariho rero ubwami
bubiri mw’Isezerano risha, Ubwami bw’Imana ubwo Kristo abereye Umwami, n’ubwami bw’iyi
si ubwo satani abereye umwami. Imirwa mikuru y’ubwo bwami bubiri ni Yerusalemu yo
mw’ijuru niwe mawe wa twese (ab’i Galatiya 4:26), Babuloni nayo niyo nyina w’abatizera bose.
Muri ubwo bwami bubiri, imirwa mikuru igereranya uburyo bubiri bwo gukora. « Iyo
mwanse ubutumwa bwiza butazoshira, niko umumarayika wa gatatu avuga, nzokuraho uburinzi
bwanje kandi muzohwana n’uburake bw’Imana butarimwo imbabazi». Matayo 25:41 herekana
ko Kristo azobwira abatizera ku musi w’imanza, kw’iherezo ry’ibihe ati: « Mva i ruhande mwa
bivume mwe, muje mu muriro utazima… ». Ni co kimwe n’ivyo tubwirwa mu butumwa
bw’abamarayika batatu.

Iryungane ryongerako riti: « Wateguriwe satani n’abamarayika biwe ». Umuriro utazima


ntiwateguriwe twebwe, ariko satani n’abamarayika biwe; ariko iyo twanse ubutumwa bwiza
tubishatse, tukabandanya n’ibigira nkana, dutegerezwa guca tumusanga muri uwo muriro. Gutyo
rero ubutumwa bw’abamarayika batatu si ubutumwa bwo kudushirako ikimenyetso gusa, ni
n’imburi ya nyuma, ukwinginga guheruka kw’Imana: « Yooo, ntimube ibijuju; nibwo buryo
bwonyene bwo kubishikako! ».

Imana ntikoresha abamarayika mu buryo bw’inyuguti, kuko ijambo « umumarayika »


risigura « intumwa ». Ikoresha ibiremwa muntu nka mwebwe na jewe. Ntaragaruka gushika ubu,
kuko tutashoboye kwigisha ubwo butumwa kandi icatumye tunanirwa n’uko tutitayeho mu buryo
buzuye ubutumwa bwa Lawodikiya.

Dutegerezwa kwihana, tukava mu kugororoka kwacu maze tukagura izahabu


yatunganirijwe mu ruganda n’umuriro, impuzu zera n’umuti wo gusiga ku maso. Ubutumwa
bw’abamarayika batatu nibwo butumwa isi ikeneye. Uko tuzobandanya tubwiga niko
tuzobandanya kubutahura, maze tuzoca tubwemera kandi gutyo rero twizigira yuko kutazoba mu
bagize Babuloni.
IGICE CA 2: UMUMARAYIKA WA MBERE

Ivyahishuwe 14:6-7

Mu matohoza babajije abantu ico barondera mu mashengero rukristo. Iciyumviro


nyamukuru cavuye mu bagiye bishura bose cari iki: “Ntidushaka ivyizerwa. Tugomba ikintu
cotuzanira ivyizigiro n’amahoro”. Kandi nico ubutumwa bw’Imana biciye mu ngingo zitatu
ziteguwe neza buduha.

Mu gice giheze, twabonye yuko ubutumwa bw’abamarayika batatu atari ubutumwa


butatu ariko ari ubutumwa bumwe mu mvugo zitatu. Twabonye yuko ubwo butumwa ari
ubutumwa bwiza butazoshira. “Butazoshira” bisigura yuko ari bumwe kuva kuntango gushika
kw’iherezo. Imana ifise inzira imwe gusa yo gukirizamwo umuntu.

Mu Vyahishuwe 13:8, twabonye yuko Kristo ari Umwagazi w’Intama


yatanzwekw’ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi. Mu Banyefeso 1:4, dusoma yuko Imana
yadutoranije itanguriro ry’isi ritarashirwaho. Ubutumwa bwatanzwe butegerezwa kuba
ubutumwa bwiza butazoshira busigurwa nk’ubutumwa bwo gutsindanishirizwa kubwo kwizera.
Ijambo ubutumwa bwiza risigura inkuru nziza. Mu baroma 1:16, 17 na 3:21, Paulo avuga yuko
ubutumwa bwiza butazoshira ni ukugororoka kw’Imana kwabonetse biciye mu kubaho, gupfa no
kuzuka kwa Yesu Kristo, ukugororoka kwahawe ikiremwa muntu kandi kugashirwa mu ngiro
kubwo kwizera. Ng’iki igituma ubutumwa bwiza ari inkuru nziza!

Muri iki gice, tugiye gushimikira ku butumwa bw’amumarayika wa mbere. Mu


Vyahishuwe 14:6, tuvumbura yuko umumarayika wa mbere avuga ubutumwa bwiza butazoshira
mu mvugo y’urubanza rw’Imana: “Kandi mbona uwundi mumarayika aguruka yatiriye ijuru,
afise ubutumwa butazoshira bwo kuburira ababa kw’isi n’amahanga yose n’imiryango yose
n’indimi zose n’amoko yose”.

Imana ifise ubutumwa bumwe ibihe vyose, ni ubutumwa bumwe ku bantu b’amoko yose.
“Avuga n’ijwi rirenga, ati mwubahe Imana muyihimbaze kuko igihe c’amateka yayo gishitse;
musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko y’amazi”. (Ivyahishuwe 14:7).

Tugiye rero kubwihweza mu buryo bwagutse. Yohana yabanje kubona umumarayika, ni


ukuvuga intumwa, aguruka yatiriye ijuru. Ni intumwa ivuye ku Mana. Si ubutumwa burambitse
ariko ubutumwa bushinze buvuye ku Mana. Imana iha ubutumwa uwo mumarayika “Genda
kandi utangaze ubwo butumwa”.

Uwo mumarayika ntabikora we ubwiwe; ahubwo abikora abicishije mw’Ishengero ariko


ubutumwa bwiza n’ubw’Imana kandi n’ubutumwa bwiza butazoshira, kugororoka kw’Imana
kwagizwe ukuri kubwo kwizera; ni ukuvuga mu vy’ukuri gutsindanishirizwa kubwo kwizera.
Ubwo butumwa butegerezwa kubwirwa amahanga yose, imiryango yose, indimi zose n’amoko
yose. Ni ubutumwa bushira mu ngiro ubuhanuzi bwo muri Matayo 24:14 aho Yesu yerekana
kimwe mu bintu bizoshika imbere y’umuhero: “Kandi ubu butumwa bwiza bw’ubwami,
buzovugwa kw’isi yose, kugira ngo bube ikimenyetso kibera icabona amahanga yose, maze
umuhero uzoca uza”. Ni umuhamagaro wa nyuma w’Imana kw’izina muntu wese kugira ngo
yemere ingabire y’agakiza.

Igitigiri kinini c’abakristo b’abakaluviniste bizera yuko ubutumwa bwiza atari


ubw’abantu bose, ariko kw’ari ubw’abatoranijwe gusa kandi kw’Imana yateguriye bamwe
agakiza abandi guhona. Ishingiro ry’ivyo vyizerwa ni Imana umugenga wa vyose: Ico Imana
itegetse gitegerezwa gushika. Imana ifashe ingingo yo gukiza abantu bose, abantu bose boca
bakizwa. Ariko turazi biciye mw’Isezerano risha yuko abantu bose batazokizwa. Kubw’ ivyo
rero, biyumvira yuko Imana yagenye yuko abantu bose batazokizwa; yatoye bamwe ngo bakizwe
abandi bahone. Ivyo tuvyita impongano ifise aho igarukira canke gutoranywa kabiri.

Nta hantu na hamwe mu Vyanditswe Vyera higishwa ico kintu. Ubutumwa ni


ubw’abantu bose, kuva kuri muto cane gushika ku wuhambaye, ariko kuko Imana ari urukundo,
ntizohatira umuntu n’umwe kwemera iyo ngabire yahawe abantu. Itegerezwa kwemerwa,
kwakirwa. Imirongo myinshi dukura mw’Isezerano Risha yigisha mu buryo bwumvikana yuko
biraba umuntu wese. Uwa mbere ukaba n’umenyerewe cane ni Yohana 3:16: “Kuk’urukundo
Imana yakunze abari mw’isi (Atari abatoranijwe gusa) ni rwo rwatumye itanga Umwana wayo
w’ikinege”. Yatanze Umwana wayo ku bari mw’isi bose ariko abantu bose ntibazokizwa kuko
yongerako ati: “kugira ngo umwizera wese” akizwe.

Inshingano Yesu yahaye abigishwa biwe muri Mariko 16:15-16 yari iyi: “Ni mugende
muje mu bihugu vyose, mubwire abaremwe bose ubutumwa bwiza. Uwizera akabatizwa
azokizwa, ariko utizera azotsindwa n’urubanza”.

Yesu yarasiguye neza muri Yohana 3:17-18 na 36 yuko igituma hari umuntu azozimira
atari ukubera ari mubi ariko n’ukubera yuko azoba yaranse Ingabire y’Imana. Yohana 12:32
havuga ngo: “Nanje ni nanamanikwa hejuru y’isi nzikwegerako abantu bose”. Harimwo
ubushobozi bukwega mu gusigura ubutumwa bwiza, mu gusigura Yesu Kristo kandi Yesu Kristo
yabambwe. Yohana 12:33 hasigura ico Yesu yashaka kuvuga muri ayo majambo: “Ni
namanikwa hejuru y’isi”. “Mu kuvuga gutyo, kw’ari ukubamenyesha urupfu yagira apfe.” Mu
yandi majambo ubutumwa bwiza bwategerezwa gutangazwa ni: “Ng’uyu Umukiza w’isi,
Ingabire y’Imana ku bantu bose”.

Ubutumwa bwiza burakwega umuntu wese; ntibuhata umuntu n’umwe. Mpwemu yera
yemeza abantu mu kubabwira ati: “Ntube ikijuju; ni vyo vyizigiro vyawe rudende!
N’umwemere!” Ndabizi kuko vyambayeko. Umwami yarankweze kandi aranyikwegerako nanje
nararwanije ukwo gukwega. Mu nyuma, naribwiye nti: “Mana yanje, asangwa ugomba ko
nemera ubwo butumwa birakwiye yuko umpagurutsa”; cari igihe umusiguzi yariko arahamagara
abagomba kwemera Kristo ngo bahaguruke. Maze gufata iyo ngingo, numvise ubushobozi
buhambaye; narahagurutse kandi sinigeze nibagira na rimwe yuko ari Imana yampaye inkomezi
zo guhaguruka. Nari nafashe ingingo yo kwemera, ariko sinari mfise inkomezi zo guhaguruka.
Vyari bigoye kuko ata n’umwe yari bwahaguruke muri uwo mwanya kandi vyari bingoye cane
guhaguruka ndi umwe imbere y’abo bantu bose, kuko nariraba cane. Muri Yohana 12:47,
Umukiza wacu avuga ati: “Si jewe ndabacirako iteka; kuko ntazanywe no gucirwako iteka isi,
ariko nazanywe no gukiza isi”.

Mu 2Ab’i Korinto 5:14, herekana yuko ubutumwa bwiza butazoshira bwerekeye umuntu
wese. “Kuk’urukundo rwa Kristo rutugobera, kandi ico tuzi tudakekeranya n’uko umwe
yapfiriye bose, nuko rero bose barapfuye “muri Kristo” kugira ngo batsindanishirizwe.
Umurongo wa 19: “Niko kuvuga yuko Imana yari muri Kristo yiyuzuza n’abari mw’isi,
ntiyabaharurako ibicumuro vyabo, kandi yatubikije amajambo y’umwuzuzo”. Imana ivuga iti:
“Mubikunze, genda mumenyeshe isi yose yuko Imana yabikoze vyose. Yaratsindanishirije
abantu bose uburyo bwose bwemewe n’amategeko”. Hanyuma yongerako ku murongo wa 20:
“Ni co gituma turi intumwa mu gishingo ca Kristo”.

Igihe Yohana umubatizi yitegurira igikorwa ciwe, yaraje mu bantu kugira ngo abigeko,
ashobore kumenya ingene yobabwira ubutumwa bwiza. Hariho imirongo itomoye twokoresha
kugira ngo tumenye abo twipfuza ko twoshingira intahe. Kimwe muri ivyo bisomwa ni
1Timoteyo 2:5-6: “Kuko hari Imana imwe, kandi hari umuhuza mwe hagati y’Imana n’abantu,
nawe nyene ni umuntu, ni Yesu Kristo; yitanzekw’incungu ya bose. Kandi bishingirwe intahe
mu bihe vyavyo”.

Kristo ntiyaje kugira asigure ubutumwa bwiza, yaje kuba ubutumwa bwiza. Yagarukiye
ku bayuda gusa, ariko igikorwa ciwe nticaraba abayuda gusa ariko cari ic’abantu bose. Kandi ico
gikorwa yagihaye ishengero. “Mutegerezwa kujana iyo nkuru nziza mw’isi yose. Naje kugira
ngo haboneke inkuru nziza yo kwigishwa”, ariko ni Ishengero ryahawe ico gikorwa.

Imana yadutegetse twese gusigura, Atari mu buryo bw’umubiri gusa, ariko n’imiburiburi
mu gushinga intahe. Igihe turiko turasigura, canke dushinga intahe, tuzohura n’abaturwanya
kuko dusigura ubutumwa bwiza mu gihugu c’umwansi. Isi iracari musi y’ubutware bw’umubi.
Ni co gituma dusoma mu 1Timoteyo 4:10: « Kukw’igituma dutama tukama mu ntambara ariko
twizigiye Imana nzima (atari ubutwari bwacu), niyo Mukiza w’ abantu bose cane cane
w’abizera ».

Muri Tito 2:11, havuga ngo: « Kuk’ubuntu bw’Imana bwaserutse (menya umwanya
wakoreshejwe wa kahise, uri ngaha), buzanira abantu bose agakiza ». Ingorane, nuko abantu
batabizi bose kuko tutarabishingira intahe. Mu kwihweza igisomwa gikurikira, abantu benshi
baragisoma ariko ntibasoma igice cose kugira ngo batahure insiguro yaco. Ni co gituma
badashobora kugitahura neza.

Ubutumwa bwiza bufise abansi babiri: umwe muri bo ni ukwikirisha amategeko


(legalisme) ari iciganano c’ivy’ukuri. Biboneka neza ariko ni bibi. Uwundi ni ukurwanya
amategeko (ubuntu buzimbutse) avuga yuko Kristo yadukoreye vyose, yuko inyifato yacu ata na
kimwe imaze. Yohana mw’ikete ryiwe rya mbere na Yakobo mw’ikete ryiwe bariyamiriza uwo
mwansi w’ubutumwa bwiza.

Mu 1Yohana 1:7 havuga hati: « Iyo tugendeye mu muco ». Umuco ni Yesu Kristo. Iyo
twemeye Yesu Kristo nk’Umukiza, tuba dufise ibintu bibiri: “Ariko tugendeye mu muco nk’uko
nayo iri mu muco, tuba dufatanije ubwacu, kandi amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha
cose”. Uwikirisha amategeko ntiyatura ivyaha vyiwe avuga ati: “Ndagushima Mwami kuko
ntameze nk’urya mutozakori; jewe ndi umuntu mwiza”. Ariko umuntu akozweko n’ubutumwa
bwiza avuga ati: “Yesu Kristo yazanywe mw’isi no gukiza abanyavyaha, muri bo ndi
agahebuza” (1Timoteyo1:15).

Mu 1Yohana 2:1, atangura avuga ati: “Bana banje bato mbandikiye ivyo, kugira ngo
ntimukore ivyaha”. Mu yandi majambo, ubutumwa bwiza ntibushobora gutera ubwete icaha.
Paulo avuga ibimeze gutyo nyene mu Baroma 6:1: “Mbega twame dukora ivyaha kugira ngo
ubuntu bugwire?” Paulo avuga ati sindabibukije iyo nkuru nziza musanzwe muzi, kugira ngo
mushigikire icaha”. Akoresha umwanya wa kubu kabandanya kavuga mu nkomoko: “Kugira ngo
mubandanye kwikorera ivyaha”.

Ariko arazi yuko abakristo bagifise kamere y’icaha ikirwana namwe. Kandi avuga ati:
“Ni hagira ukora icaha, dufise umuhuza kuri Data, ni Yesu Kristo umugororotsi”. Kure cane
yongerako ati: “Ni we mpongano y’ivyaha vyacu, ariko s’ivyacu vyonyene, ariko n’ivy’abari
mw’isi yose”.

Paulo atandukanya abizera n’abatizera. Itandukaniro, mu vy’ukuri n’uko abizera barazi


mu gihe abatizera bavyirengagiza. Babona haje igicu mu kirere ariko ntibazi yuko umutaka
wamaze gutegurwa kandi ko bashobora kuwugamamwo.

Ubutumwa bw’abamarayika batatu buvuga yuko Imana yahaye abantu bose agakiza
kandi agakiza kuzuye. Ubwo butumwa ntibushobora kwigera buvangwa n’ibindi bihimbano
canke ubwenge bw’abantu; vyose biva ku Mana. Ni co gituma umumarayika ava mw’ijuru.
Dusubire mu vyahishuwe 14:7 kugira ngo twihweze ikindi kintu: “Yavuga n’ijwi rirenga”. Ubwo
butumwa butegerezwa kuvuganwa “Ijwi rirenga”. Ayo majambo “ijwi rirenga” ntakwiye
kwigera afatwa mu buryo bw’inyuguti, kuko igitabo c’ivyahishuwe ni igitabo c’ibigereranyo.
Ijambo “rirenga” risigura ku “mugaragaro”. Ni ubutumwa bwo ku mugaragaro. Mu buseruko
bwo hagati, igihe bashaka gutangaza ubutumwa ku mugaragaro, bakoresha ibikwiragiza amajwi;
ariko mu gihe ca Yohana, ntivyari bwabeho. Ivyo bisigura gusa kw’ari ubutumwa bwumvikana,
mukwiye kubwitaho ntimubufate minenerwe.

Ubwo butumwa bwo ku mugaragaro buvuga buti: “Mwubahe Imana”. Ico gisomwa
catahuwe nabi kuko ijambo “gutinya” ntirisigura “kujuguma”. Risigura ibintu bibiri, yuko Imana
idakina, dukwiye kuyubaha. Birakenewe cane kumenya ico bisigura “kubaha Imana”. Igisomwa
codufasha ni Imigani 8:13: “Kwubaha Uhoraho ni kwo kwanka ikibi. (Ijambo UHORAHO mu
ndome nkuru risigura Yehova canke Yahweh mw’Isezerano rya kera). “Ubwibone n’amanyama
n’inzira y’ikibi; n’akanwa k’ibidadi ndavyanka”. Imana iranka ikibi kuko idukunda. Imana
ntishobora kudukunda ngo ireke kwanka ikibi kuko ikibi kidukomeretsa, icaha kirica. Asangwa
hari ikintu ico ari co cose cica abo dukunda, turacanka.

Dukwiye kandi kwanka ikibi kuko gikomeretsa Imana. Imana ntiyoshobora kuvuga ati:
“Ndi Umugenga wa vyose, umutware wa vyose. Ndashora gukora ico ngomba. Nta n’umwe
yobimbuza. Nzobababarira.” Oya, kuko Imana ari Imana y’ubucamanza. Igihe Kristo yasenga
agasubiramwo gatatu “Asangwa bishoboka, iki gikombe kindengane”, Imana yavuze iti “Oya”.
Abaroma 8:32 avuga ati: “Itimanye Umwana wayo, ikamutanga ku bwacu twese…” (Iki ni
igisomwa c’agakiza kuri bose!).

Igihe buvuze gutinya ikibi, ubutumwa bw’abamarayika batatu bushaka kuvuga yuko ikibi
gishobora gutanga umunezero mu gihe runaka, kizobajana kw’iherezo mu kiyaga caka umuriro.
Ntimuhendwe n’umubi bo n’icaha. Satani bo n’icaha ni ababeshi. Mwubahe Imana mu nsiguro
yuko mutegerezwa kwanka ikibi kuko Imana yanka ikibi.

Mu vyahishuwe 14:7, dufise uruhande rwiza n’uruhande rubi. Ni mwatinya ikibi, ivyo
bishaka kuvuga yuko mwanka icaha ku co kiri; ni uruhande rubi. Ariko uruhande rwiza, ni:
“Guha icubahiro Imana”. Kwubaha Imana no kuyiha icubahiro. Mu 1Ab’i Korinto 1:30-31,
turabona ico bisigura guha icubahiro Imana: “Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye
ubwenge buva ku Mana, n’ukugororoka no kwezwa n’ugucungurwa. Kugira ngo nk’uko
handitswe ngo uwirata yirate Uhoraho”. Vyose biva ku mana ni muyihe ishimwe, irabikwiye.
Mu yandi majambo icubahiro gisigura “ishimwe”.

Haraciye igihe, mu rugendo twarimwo muri Kenya twagendeye uwundi muryango.


Umuhungu wabo yari akiri mutoya, ubu yari umusore yugaye neza. Yari yaronse akamodoka ko
kunonora imitsi k’abatariyano, kagize isanganya, kari kasanuwe kandi gasubira gusigwa irangi,
kari gafise ishusho ya gashasha. Yambwiye ati: Muragomba kuraba imodoka yanje ya siporo?
Namwishuye nti: cane nyene. Yaciye anjana kuyiraba kandi igihe nabona irangi rikayangana,
nagomvye kurikorako ngo ndabe iherezo ryavyo. Yambwiye ati: Oya ntukoreko! Navuze nti:
kuki? Riracakanye? Yaranyishuye ati: Oya, oya mwosigako ibimenyetso vy’intoke! Yafashe
umushwaro wiwe ahungura ibimenyetso vy’intoke nari nasizeko. Yaranezerererwa imodoka
yiwe ya siporo. Yari vyose kuri we.

Ubutumwa bwiza butegerezwa kuba vyose kuri twebwe. Ni vyo vyizigiro vyacu rudende.
Duhe icubahiro Imana kandi twibuke yuko icubahiro ari ic’Imana atari icacu. Nagumye ngira
ingorane yo kuririmba indirimbo ivuga iti: “Kizoba icubahiro canje”. Kumbure si yo yari
intumbero y’umwanditsi kuko, turazi ikizoba kigize icubahiro ca Yesu Kristo. Nzofata igitsibo
canje ndagishire ku birenge vya Yesu Kristo mvuga nti: “Ukwiriye icubahiro”. Ab’I Filipi 2:6-8,
hatubwira yuko Kristo yiyambuye vyose kugira ngo aducungure, kandi kubw’iyo mvo, Imana
ivuga iti: “Ndagukunda mwana wanje kubw’ico wakoze, kubera yuko wacunguye isi”. Abafilipi
2:9: “Ni co catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye amazina yose:
kugira ngo amavi yose az’apfukame mw’izina rya Yesu Kristo, ay’ivyo mw’ijuru, n’ay’ivyo
mw’isi, n’iy’ivy’i kuzimu, kandi indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ari Uhoraho ngo
biheshe Imana Data wa twese icubahiro.

Dukwiye kwibuka yuko Data ari mu ruhande rwacu. Yarakunze isi cane arico catumye
itanga Umwana wayo. Yesu ntiyigeze atakambira Data avuga ati: “Noshobora kujayo?” Hariho
ingwano, atari ukubera ko Data atadukunda, ariko kubera yuko yari azi ico bizosaba Yesu.
Vyarababaje cane Data. Ariko yabwiye Yesu ati: “Mwana wanje, ndakunda isi nk’uko uyikunda.
Turi umwe muri ico gikorwa hamwe na Mpwemu Yera. Genda, urafise umugisha wanje.” Igihe
Yesu yarangiza igikorwa ciwe, mu buryo butunganye kandi atsinze, Imana yaramushimagije.
Dushimire Imana kandi tuyihe icubahiro.

Dusoma mu vyahishuwe 5:11-12: “Ndaraba numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikije


ya ntebe na vya binyabugingo na ba bakuru: igitigiri cabo cari amasinzi n’amasinzi, n’ibihumbi
n’ibihumbi.” Harimwo abamarayika hamwe n’abakuru muri bo. Ibinyabugingo bigereranya
abakerubi. Bifise imitwe y’ibikoko. Kristo ntiyacunguye abamarayika, yaraducunguye ariko
n’igiki abamarayika bakora mu vyahishuwe 5:12: “Bavuga n’ijwi rirenga bati: Umwagazi
abereye guhabwa ububasha n’ubutunzi n’ubwenge n’ubushobozi n’icubahiro no guhimbazwa
n’umugisha.” Yesu niwe wenyene akwiye gusengwa. Niwe wenyene akwiye gushimwa, nta
wundi n’umwe. Tumuhe icubahiro.

Ngivyo ibizoshika igihe tuzotahura yuko ubutumwa bwiza ari inkuru nziza itazoshira
y’Imana yaducunguriye mu mwana wayo. Ntidusabwa guterera muri uko kugororoka: ni ingabire
kuva ku tango gushika kw’iherezo. Vyose biva ku Mana, ni co gituma Kristo abironka
nk’umutahe.

Tugaruke mu vyahishuwe 14:7: “Mwubahe Imana muyihimbaze kuko igihe co gucira


abantu urubanza gishitse.” Imvugo “gishitse”isigura yuko ari ubutumwa buheruka. Ubutumwa
bwavuzwe busubirwamwo kenshi ariko uyu n’umuhamagaro wanyuma kw’isi. Bisigura mu
bisanzwe “igihe c’amateka yayo gishitse” mu kuvyerekeza ku rubanza rugenzura. Ivyo bitera
ingorane kuko urubanza rugenzura arwo abizera atari urwo abatizera. Igisomwa kiraba mu
vy’ukuri isi: “Ntimwanke ubu butumwa kuko igihe c’imbabazi kigira gihere.”

Igihe ubutumwa buvuzwe mu buryo bwumvikana neza umuntu wese ategerezwa


guhitamwo kwemera canke kwanka Imana. Iyo baturengukije mu rubanza dutanga ivyemezo
hanyuma abagize intahe bamaze kwumviriza ivyabona bakemeza canke bagahakana ko twagirwa
n’icaha. Imana ntifise ivyabona vyinshi mu rubanza. Ifise kimwe conyene nk’uko tubibona muri
Matayo 24:14: “Kandi ubu butumwa bwiza bw’ubwami buzovugwa mw’isi yose, kugira ngo
bube ikimenyetso kibera icabona amahanga, maze umuhero uzoca uza.” Mu gihe c’urubanza
Imana izobaza abatizera iti: “N’igiki mwakoresheje Umwana wanje nabahaye bidusavye igiciro
kidashira?”
Ni ubutumwa bwiza butazoshira k’uwutizera kuko ubutumwa bwiza buvuga buti:
“Narabitangiye nk’ingabire ariko mubishaka, mubigira nkana kandi mubandanije,
mwaranyanse!” Hanyuma Imana izovuga iti: “Ni igiki kindi nari kubakorera? Nabakoreye vyose.
Ndabarekeye mu bwigunge.” Ni ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu. Iyo twanse ubwo
butumwa bwiza, tuzohura n’uburake bw’Imana butarimwo imbabazi (ni ukuvuga ata
burinzi).Imana ivuga iti: “Mwaranse inkizo imwe rudende nabahaye ariyo butumwa bwiza.
Ikintu kimwe rudende cari kubakiza, mwaracanse.”

Igihe cose ubutumwa bwiza buzoba butaravugwa mu buryo bwuzuye kandi butomoye,
igihe co gucira urubanza abatizera ntigishobora gushika. Iyo tubabwiye tuti: “Mukwiye
kwitondera isabato kugirango mukizwe”, ntituba tubabwiye ubutumwa bwiza. Kwubaha isabato
ni icamwa co kwemera ubutumwa bwiza.

Yohana 16 ni igisomwa kivyerekana mu buryo butomoye rwose. Igikorwa ca Mpwemu


Yera mu gukwiza ubutumwa mw’Isezerano risha kijanye no kwemeza isi ibintu bitatu biciye mu
gusigura. Muri Yohana 16:8, tubona yuko Imana itegerezwa kwemeza isi icaha, kugororoka
n’ivy’urubanza. Ku murongo wa 9, ku vy’ “icaha” atari ukubera yuko bacumuye ku vyagezwe
ariko “kuko batanyizeye”.

Ubutumwa bwiza burababarira ivyaha vyose vyacumuwe ku vyagezwe. Nta caha tuba
dukoze ku vyagezwe Imana itoshobora kubabarira, mu yandi majambo ubutumwa bwiza
ntibugumisha ivyagezwe. Ariko ubutumwa bwiza ntibushobora kubabarira icaha co kutizera
kuko kitababarirwa. Isi ikeneye kumenya yuko abantu bazimiye atari ukubera ari babi ariko
kubera yuko badafise Kristo. “Ivy’icaha kuko batanyizeye”.

Igihe abantu bumva insiguro ya mbere yasiguwe n’ishengero rya gikristo mu gitabo
c’Ivyakowe n’intumwa, bavuze bati: “Bagabo bene data, tugire dute?” Bategerezwa kuriha
amahera kubw’ivyo bakoze n’ukuvuga kubamba Umukiza? Oya, bari bakwiye kwihana, kwizera
no kubatizwa. Mu Vyakozwe 7:51, Mpwemu yera avugiye muri Sitefano abwira Abayuda
batizera ati: “Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebwa mu mitima no mu matwi! Na ntaryo
murwanya Mpwemu yera. Uko ba sogokuruza banyu bakora, niko namwe mukora”. Ni igiki
twokora kugira ngo dukire ni mwizere Umwami Yesu Kristo.

Yohana 16:10: “Ivy’ukugororoka kuko nja kwa Data”. Imana yarungitse Umwana wayo
aha kw’isi atari ugucirakw’iteka isi ariko kugira ngo isi ikizwe nawe. Yarungitse Yesu Kristo
hano kw’isi kugira ngo abe kugororoka kwacu. Kristo ntiyashobora kuduga mw’ijuru
ataraheraheza igikorwa ciwe. Igihe yavuga ati: “Data nonosoye igikorwa wampaye gukora”;
kandi igihe yavuga ku musaraba ati “vyose birarangiye”, Data yamubwiye ati: “Mwana wanje
urashobora kugaruka I muhira. Igikorwa cawe kirarangiye ku bijanye no kuronkera agakiza isi
yose”.

Yohana 16:11, “Ivy’amateka kuko Umwami w’iyi si yaciriweko iteka”. Ku musaraba,


satani n’ubwami bwiwe bwaciriwe urubanza rwo gupfa rw’ibihe vyose. Abatizera ntibaronse ico
gihano ariko satani n’abamarayika biwe barakironse. Matayo 25:41, atubwira ico Imana
izotubarira ni twanka iyo Ngabire: “Ni mumve i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro
utazima (umuriro utarimwo imbabazi uzobatongora rwose) wateguriwe satani n’abamarayika
biwe (ntiwari uwanyu, ariko mwahisemwo kuja mu ruhande rwiwe)”.

Isi ikeneye kuburirwa biciye mu butumwa bwo ku mugaragaro: “Ndabinginze muve mu


kintu ic’ari co cose cobaranduza. Imana yabaronkeye agakiza kuzuye kandi gashitse. Ni mu
muhimbaze. Kuko igihe c’urubanza rwiwe gishitse, ni imburi ya nyuma”. Ivyahishuwe 14:7:
“Musenge iyeremye ijuru n’isi n’ikiyaga c’amasoko y’amazi”. Iryo ryungane risigura yuko
dutegerezwa gusenga Imana y’ukuri nk’igihushane co gusenga imana z’ibinyoma.
IGICE CA 3: UMUMARAYIKA WA KABIRI

Ivyahishuwe 14:8

Muri iki gice tuzokwiga ubutumwa bujanye n’umumarayika wa kabiri. Igisomwa cacu
kiva mu Vyahishuwe 14:8: “Umumarayika wundi wa kabiri akurikirako (aramuherekeza), ati
kirasenyutse, kirasenyutse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino ni yo
burake bw’ubusambanyi bwaco.” Urufunguruzo rw’umurongo wavuzwe ni “Babuloni
hahambaye”. Ngaha Yohana akoresha isenyuka ry’igisagara ca kera Babuloni nk’ikigereranyo
co kugwa kwa Babuloni y’impwemu. Ingorane yayo s’ukugwa kwayo gusa, ariko n’uko
yanaboreje amahanga yose vino y’uburake bw’ubusambanyi bwayo.

Kugira ngo dutahure gusenyuka kwa Babuloni ya mpwemu, dukeneye kubanza gutahura
gusenyuka kwa Babuloni y’inyuguti. Duzokwihweza Daniyeli 4 na 5 muri rusangi, hanyuma
tuzokwerekana ico bishaka kuvuga. Daniyeli 4 n’igishingantahe. Ni inkuru y’ihinduka
ry’umwami ahambaye w’ico gihe, Nebukadineza.

Raba ingene igice ca Daniyeli 4:1-3 havuga: “Jewe umwami Nebukadineza


ndabandikiye, amoko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe mwese, muri kw’isi yose:
amahoro agwire muri mwebwe! Mbonye kwari vyiza guserura ibimenyetso n’ibitangaza Imana
isumba vyose yankoreye. Ese ukuntu ibimenyetso vyayo ari ibikomeye n’ibitangaza vyayo ari
ibihambaye! Ubwami bwayo ni ubwami butazoshira, kandi ingoma yayo izohangama ukw’ibihe
bikuranwa”.

Ni igishingantahe ca Nebukadineza, ariko Daniyeli 4:4-37, atwiganira ingene yahindutse.


Ni inkuru itangaje. Mu mirongo ya 4 kugeza 18, yigana indoto yahawe, ivuga ivy’igiti
c’inganzamarumbu. Mu mirongo ya 10 na 11: « Ivyo nerekewe mu mutwe ndi ku kigwa n’ibi:
Nagize ntya, mbona igiti c’inganzamarumbu gitabamye mw’isi hagati. Ico giti kirakura,
kirakomera, ubushorishori bwaco bushika mw ijuru, kibonwa nabo ku mpera y’isi bose». Avuga
ivy’ico giti mugabo ntazi ico izo nzozi zisigura. Muri Daniyeli 4:18, umuhanuzi yongeye
guhamagarwa kugira ngo asigure izo nzozi nk’uko yari yarasiguye inzozi z’umwami zaheruka
muri Daniyeli 2.

Turabe ico umurongo wa 19 uvuga: « Nuko Daniyeli, ariwe Beluteshaza, amara akanya
yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagarika umutima». Daniyeli yari azi ko bigoye yuko umwami
yihanganira insiguro y’izo nzozi kuko zitari nziza. Yaribwira ati: « Ni gute nokwubahuka
gusigurira umwami izo nzozi? ». Ariko Daniyeli yari umukozi w’umwizigirwa; kandi mu
mirongo ikurikira atangura gusigura izo nzozi. Umurongo wa 22: « Ico giti ni wewe, mugenzi;
warakuze, urakomera… ».

Igiti cagereranya Nebukadineza. Yari yarakuzuze; ubwami bwiwe bwari bwaragutse,


ubwami bwiwe bwarakuze bushika kw’ijuru kandi inganji yiwe yashika ku mpera y’isi. Ariko
ingorane n’uko ubwo bushobozi bwari bwatumye aduza umutwe. Maze Imana ibwira Daniyeli
mu nzozi yuko Nebukadineza n’aticisha bugufi, azoca mu buzima bubabaje. Azotakaza ubwami
bwiwe. Si ubwami buzosenyuka, ariko n’umwami azogwa. Azoja mw’ishamba kandi azorisha
ivyatsi nk’ibikoko.

Daniyeli 4:25: « Ng’uzokwirukanwa mu bantu; ubane n’ibikoko vyo mw’ishamba,


uzorisha nk’inka …gushika aho uzomenyera kw’Isumba vyose ariyo iganza ubwami bw’abantu,
ikabugabira uwo igomba ». Nebukadineza yategerezwa guha Imana icubahiro kuko inkomezi
ziwe atari zo zari zamuhesheje ico cubahiro; vyari vyemewe n’Imana.

Umurongo wa 27, Daniyeli yinginga umwami: « None mugenzi, wemere inama nkugira;
reka ivyaha vyawe ukore ibigororotse, kandi ureke ibigabitanyo vyawe ugirire akagongwe
impahazwa; kugira ngo kumbure kuroranirwa kwawe kube kuramaze kabiri!” Bisa naho
Nebukadineza yumvirije impanuro kumara igihe runaka, inyuma y’amezi nka 12, yari yibagiye
impanuro ya Daniyeli. Nuko igihe yariko aragendagenda mu rugo rwiwe i Babuloni, umwami
aravuga ati: « Mbega aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye, ngo habe umurwa wanje
niberamwo, ndahubakishije inkomezi n’ububasha bwanje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?
» (Daniyeli 4:30). Yariko arihimbaza ubwiwe.

Daniyeli 4:31 havuga hati: « Iryo jambo umwami akirikura mu kanwa haza ijwi rivuye
mw’ijuru, riti: yewe mwami Nebukadineza ni wewe ubarirwa; ubwami ubukuwemwo! ».
Twibuke yuko atari babuloni yasenyutse, ni umwami yaguye» (Daniyeli 4:33). Maze ako kanya
ijambo riba kuri Nebukadineza: yirukanwa mu bantu, asigara arisha nk’inka gushika aho
ubwenge bwiwe bugarukiye mu nzira nziza…. Umurongo wa 36: « Nuko uwo mwanya ubwenge
bwanje buragaruka, ubwiza bw’ubwami bwanje n’igitinyiro canje, n’ugukayangana
kw’icubahiro canje bingarukako. Maze abaganwa banje n’abajenama banje bansubizako
umutima, ndaheza ntsimbatara mu bwami bwanje »…

Ku murongo wa 34, arihana : « Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza,


nunamurira amaso yanje mw’ijuru, akenge gaca karagaruka, nca mpimbaza Isumba vyose, kandi
nshima Ibaho ibihe bidashira, ndayubaha ; kuko ingoma yayo ari ingoma itazohangura, kandi
ubwami bwayo buzohangama ukw’ibihe bizokuranwa ».

Nebukadineza ubu ni umuntu yoroheje kandi yahindutse. Arangiza inkuru yiwe ku


murongo wa 37: « Noneho jewe Nebukadineza nshima umwami, ndamutazira, ndamwubaha;
kukw’ibikorwa vyiwe vyose ari ivy’ukuri; kandi inzira ziwe zose ari iziroranye; ariko
abagendera mu bwibone ashobora kubacisha bugufi. »

Imyaka 32 inyuma y’ivyo, Belushaza, umwuzukuru wa Nebukadineza, yagiye ku ngoma.


Sekuru yarapfuye. Daniyeli 5:1 « Umwami Belushaza arondeza amazimano menshi, atumira
abaganwa biwe igihumbi, nawe yuhira igiturire ari imbere yabo. » Yagize isabukuru. Bishoboka
ko vyoba vyari ibirori vyiwe vya mbere kuva agiye ku ngoma. Umurongo wa 2: « Maze
Belushaza ahimvye igiturire, ahamagaza ibintu vy’imbombovu vy’izahabu n’ifeza, ivyo se
Nebukadineza yari yaranyaze mu rusengero rw’i Yerusalemu, kugira ngo umwami n’abaganwa
biwe n’abamikazi biwe n’incoreke ziwe z’intoni babinyweremwo».

Inkuru y’ivyashitse ivugwa muri Daniyeli 5:3, kubandanya. Umurongo wa 5: « Buno


nyene haboneka intoke z’umuntu zandika ku gihome c’igisika mu ngoro y’umwami, aharabana
n’igiterekwako amatara; umwami abona ico gikonjo n’ikiganza candika ». Ni Imana yanditse
ayo majambo: « mene, mene, tekel, ufarsin ». Umwami n’abaganwa biwe bahagarika umutima.
Ntibari bazi ico ayo majambo asigura kuko ntiyari yaditse mu rurimi rwabo.

Muri Daniyeli 5:11-12, tubwirwa ivya Danieli ati: « Kuko mu gihugu cawe har’umuntu
arimwo impwemu z’imana zera. Kandi ku ngoma ya so umuco no gutahura n’ubwenge
buhwanye n’ubw’izo mana vyabonetse muri we. Kandi so umwami Nebukadineza, umwami so
yakuvyaye yamugize umukuru w’abanyamareba n’abapfumu n’abakaludaya n’abamenyi; kuko
muri uwo muntu Daniyeli uwo umwami yise Beluteshaza, habonetsemwo ubwenge
bw’agahebuza no kumenya no gutahura no gusigura inzozi no kumenya amajambo ahiritswe,
yabaye gasobanuzi k’ibisobanye.”

Mu yandi majambo, hariho ngaha umuntu ashobora kugufasha gutahura insiguro y’ayo
majambo. Nuko Danieli azanwa imbere y’umwami. Ku murongo wa 14, atwiganira ivy’umwami
yavuze: “Numvise bavuga ngo impwemu z’Imana ziri muri wewe, kandi ngo umuco no gutahura
n’ubwenge bw’agahebuza bikubonekamwo”.

Umurongo wa 16: “Ariko weho numvise yuko ushobora gusigura ibintu, kandi k’uri
gasobanuzi k’ibisobanye: nuko rero ni washobora kunsomera iyo nyandiko, no kumenyesha ivyo
isigura, urambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’izahabu mw’izosi, kandi uzoba uwa
gatatu mu bakuru baganza iki gihugu”.

Ako kari akaryo keza kuri Daniyeli ko gushirwa hejuru imbere y’isi. Ariko raba ingene
Daniyeli yavyifashemwo mu mirongo ya 18 na 19: “Zirikana mugenzi, Imana Isumba vyose
yahaye so Nebukadineza ubukuru n’ubwami n’ubwiza n’igitinyiro. Kandi kubw’ubukuru
yamuhaye, amako yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bahindira agashitsi imbere
yiwe bakamutinya; yica uwo agomvye kwica, agakiza uwo agomvye gukiza; yashira hejuru uwo
agomvye, agacisha bugufi uwo agomvye.

Umurongo wa 20 kubandanya, Daniyeli yibutsa Belushaza ingene sekuru yihanye:


“Ariko yishize hejuru, yikomantaje umutima bimuteye gukoresha ubugabo, ataramurwa ku
ngoma, kandi bamwaka icubahiro ciwe”. Hanyuma ku murongo wa 21, abandanya insiguro yiwe
kubijanye no kwihana kwa Nebukadineza. Ku murongo wa 22, avug’ati: “Ariko nawe,
Belushaza, umwana wiwe (abuzukuru babita abana), ntiwicishije bugufi mu mutima wawe, naho
wari uzi ivyo vyose. Ariko winantaje ku Mwami Nyene ijuru; uzanirwa ibintu vyo mu ngoro
yiwe kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intonyi ngo
mubinyweremwo ibiturire, maze uhimbaza imana z’ifeza n’iz’izahabu n’iz’imiringa n’iz’ivyuma
n’iz’ibiti n’iz’amabuye zidashobora kubona canke kumva canke kumenya; ariko Imana Rureme
ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ariyo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro.”

Umumarayika wa mbere avuga ati: “Mwubahe Imana muyihimbaze”. Nebukadineza


amaze gucishwa bugufi yahaye Imana icubahiro. Belushaza ntiyabikoze. Daniyeli ati wari uzi
ivyo vyose, s’uko utari usanzwe ubuzi. Ivyo sogokuru wawe yaciyemwo vyari bikwiye kugira
ngo bikwigishe yuko udakwiye gukengera Imana yo mw’ijuru. Ntiwategerezwa guhumanya
ibikoresho vyayo. Kubw’ivyo rero, kuko uvyitumye, n’ibigirankana kandi ubandanije wigije
kure Imana yo mw’ijuru kandi ko utayihaye icubahiro, ibintu bitatu biragushikiye:

1. Mene: Imana yaharuye imyaka yawe umaze uri ku ngoma, iyishize kw’iherezo
(umurongo wa 26).
2. Tekel: wapimwe ku munzane, basanga ntushitse. Igihe c’urubanza kirashitse kuko
wishize hejuru ukanakengera ubwami bw’Imana, bitavuye ku kutamenya. Wabikoze
n’ibigirankana kandi umaze kumenya ukuri (umurongo 27).
3. Peres (canke ufarisin): ubwami bwawe buragabanganywe kandi buhawe Abamedi
n’Abaperesi (umurongo wa 28).

Umurongo wa 30 na 31: “Maze muri iryo joro nyene Belushaza umwami w’I Bukaludaya
aricwa. Ubwo bwami buhabwa Dariyo umwami w’Ubumedi, yari amaze imyaka nka 62
y’amavuko.”

Babuloni yaraguye kuko yanse n’ibigirankana, ibishaka, Imana yo mw’ijuru. Aha niho
yakoreshejwe nk’ikigereranyo. Mu butumwa bw’umumarayika wa kabiri, “Babuloni iraguye”
ifitaniye isano n’ubukristo bwagararije n’ibigirankana kandi buvyitumye bukanka ubutumwa
bwiza, bumaze gutangazwa ku mugaragaro mu buryo butomoye kandi bwumvikana.

Kugira ngo dutahure ibivugwa ngaha, mu buryo bwagutse, tuzosoma mu Vyahishuwe 13,
havuga ubusambanyi bwa Babuloni. Duhereye k’umurongo wa mbere gushika gatandatu,
tuhavumbura inkuru y’igikoko. Menya yuko ibigereranyo vyakoreshejwe k’umurongo wa kabiri
biva mu gitabo ca Daniyeli. “Ico gikoko nabonye casa n’ingwe, amajajnja yaco yar’ameze
nk’ay’idubu, akanwa kaco kari kameze nk’ak’intambwe (yar’amahanga y’abapagani). Igisato
(Ivyahishuwe 13:2 hatubwira yuko igisato ari Satani) kigiha ububasha bwaco, no kuja ku ngoma
yaco n’ubutware buhambaye.”

Imvugo imenyerewe mu Vyahishuwe 13:3, itubwira uruguma rwariko rurakira, kandi mu


gice canyuma c’umurongo avuga ati: “Isi yose ikurikira ico gikoko bagitangarira”. Aha havugwa
ubukristo bwagararije, buhamagarira isi kutemera ubutumwa bwiza butazoshira. Mu yandi
majambo, avuga ati: “Ntimuhange amaso Imana yo mw ijuru, ni jewe nzobaha agakiza. Ni muze
kuri jewe. Icubahiro, ubushobozi n’ubutware buri mu minwe yanje.” Uku ni ukurogota.
Umurongo wa gatandatu: “Giteranura akanwa kaco, kirogota ku Mana, kirogota no kw’Izina
ryayo, no kwihema ryayo, no ku baba mw ijuru (nka kurya nyene kwa Belushaza)”.
Muri Yesaya 14, hatubwira ishimikiro nyamukuru ry’isenyuka rya Babuloni: “niho
uzokwitamba ku muvyimba umwami w’ I Babuloni” (umurongo wa 4). Ku murongo wa 12,
havuga hati: “Ewe ukuntu ukorotse uvuye mw ijuru, wa nyenyeri yo murubungubungu we, wa
mwana w’umutwenzi!” Uwo murongo nyene muri Bibiliya yitwa Inkuru Nziza, handitswe hati:
“Mwami wa Babuloni, wa nyenyeri yo mu mutwenzi, ewe ukuntu ukorotse uvuye mw ijuru!
Ewe ukuntu uciwe ugashika hasi wewe watsinda amahanga! Wari waribwiye mu mutima wawe
uti: “Nzoduga nje mw ijuru, nkuze ingoma yanje, isumbe inyenyeri z’Imana; uti nzovyagira ku
musozi w’ikoraniro ku ruhunde rw’ impera y’uburaruko, aho imana zikoranira. Uti nzoduga
ndenge aho ibicu bigarukira; nzoba nk’Isumba vyose. Yamara uzomanurwa, ushike i kuzimu, mu
bwigobeko bwa rwa rwobo.”

Ku ntimatima yo kurwa kwa Babuloni hari inarije, inarije ishimagizwa mu gishingo


c’Imana. Twibuke ko ubutumwa bwiza butazoshira, ari “Si jewe, ariko ni Kristo”. Ubutumwa
bwiza butazoshira ni ukugororoka kwa Kristo, n’ubutumwa bwiza bwo gutsindanishirizwa
kubwo kwizera. Ubwo butumwa butegerezwa gufata icubahiro c’umuntu bukagishira mu
mukungugu. Ingingo yo kwisungwa y’ubutumwa bwiza ni: “Si jewe. Ariko ni Kristo”. Kandi
ikintu kigoye cane kuri twebwe ni ukuvuga ngo: “Si jewe”. Inzitizi ihambaye ku bushobozi bw’
ubutumwa bwiza ni inarije. Umumalayika wa kabiri avuga ati: “Raba inkuru ya Babuloni, ihanga
rihambaye ryo mw’isi y’ico gihe, ingene yaguye kuko yashimagije inarije”.

Nuko rero, umumarayika wa 2 agabisha umuntu wese aticisha bugufi kugira ngo yemere
Imana n’ubutumwa bwayo bwiza anayihe icubahiro. “Irasenyutse, irasenyutse Babuloni ca
gisagara gihambaye cateretse amahanga yose vino, ni yo burake bw’ubusambanyi bwaco”. Ivyo
bisigura ko Babuloni ihatira isi yose gushira hejuru inarije aho guha icubahiro Imana. Nivyo
bishika neza na neza igihe tubonye hinjiyemwo gushira hejuru agateka ka zina muntu. Umuntu
yiyumvira yuko afise ububasha bwo gutorera umuti ingorane ziwe zose. Ubwibone bwishira
hejuru kandi nico gituma dukwiye kwemera yuko intumbero y’ubutumwa bw’abamarayika
batatu ari zibiri:

1. Guha Imana icubahiro kuko ariyo vyizigiro vyacu rudende,


2. Gufata icubahiro c’umuntu kigatabwa mu mukungugu.

Ubutumwa bw’umumalayika wa 2 bushingiye kur’iyi ntumbero “si jewe” kandi akoresha


kugwa kwa Babuloni nk’ikigereranyo c’imburi. Asangwa ihanga rihambaye ryarashobora
kugwa, natwe turashobora kugwa. Twibuke yuko Daniyeli yabwira Belushaza ati: “wari uzi ivyo
vyose ariko ntiwicishije bugufi mu mutima wawe”. Umumalayika wa 2 avuga ati: “murazi
kugwa kwa Babuloni, ivyo biri muri kahise. Ndabinginze, ni muvyigireko kandi mwicishe
bugufi, kugira namwe ntimuhave mugwa”.

Kw’ iherezo ry’ibihe isi izoba igabanijwemwo imirwi ibiri: abaha icubahiro Imana kandi
ntibizigire mu buryo na bumwe umubiri, n’abandi bizigira cane umubiri kandi ntibahe icubahiro
Imana. Dutegerezwa kuhiyubarira kuko ni imburi yanyuma y’Imana. “Ntimube imburabwebge,
niko umumalayika wa 2 avuga… ni murabe ivyashikiye Babuloni yaraguye. Cari igisagara
gihambaye, ariko ico gisagara kiracari imisaka naho haciye imyaka ingana gutyo bacukumbura.
Irazwi nk’igisagara cari gihambayye gifise uturima twenene mu kirere, ni kimwe mu bibanza
indwi vy’agatangaza kw isi (Merveilles du Monde), ariko ni igisagara c’umusaka. Ni imburi kuri
twebwe y’ibizodushikira ni twahitamwo kuja muri urwo ruhande”.

Ijambo Babuloni riva mu majambo 2 “Bab” (urugi) na “el” (imana). Ivyashikirijwe


n’umuhinga wo kurondera mu butaka w’umwongereza yakoze kuva 1899-1913 I Babuloni
atwiganira ati: “Ivyavumbuwe ntivyari ibintu bisanzwe: muri vyo harimwo imishinge n’uruzitiro
rw’umunara wa Babeli uzwi nka “Atakamakin” n’inzu iringaniye iduga ihuza isi n’ijuru, bemera
ko ari isenyuka ry’umunara w’i Babeli ku bw’uburake bw’Imana”.

Umunara w’ I Babeli kw’ari ukugerageza kw’umuntu gushikira Irembo ry’Ijuru. Muri


ubwo buryo nyene Nebukadineza avuga ati: “naraduze gushika mw ijuru”. Imana yamucishije
bugufi arihana. Belushaza asanzwe abizi yanka icigwa maze agerageza kwishira hejuru, ngo
ashikire Imana yo mw ijuru. Hanyuma Imana ivuga iti: “Birarangiye! Wakoze ivyo
n’ibigirankana kandi ubishaka, ntushobora kubibabarirwa. Nico gituma imisi yawe yaharuwe,
irarangijwe kandi waciriwe urubanza.”

Kwihana kwa Nebukadineza cari igishingantahe kuri Belushaza. Nebukadineza yari


umwami w’umupagani, yar’afise imbabazi kuko yari akiriko arigishwa. Ariko igihe Imana
yamuhishurira ko ari Imana yo mw ijuru ako kanya yaricishije bugufi arihana. Avuga ati:
“Ndazi ko ari wewe wenyene ukwiye guhabwa icubahiro”. Belushaza ntacireguzo na kimwe yari
afise. Yari asanzwe azi ivyo vyose ariko abirengako.

Igihe ubwo butumwa bwiza buzosubizwa akaranga kabwo kandi bukavugwa ku


mugaragaro kw isi yose maze bakabwanka bavyitumye n’ibigirankana, Kristo azovuga ivyo
yavuze kuri Yerusalemu yo kw isi yahindutse umugarariji: “Ewe Yerusalemu, Ewe Yerusalemu,
ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe nkuko inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira?
Narakurinze, ndaguhezagira ariko ntiwabishaka. Waranyanse ubishaka kandi uvyitumye. N’ico
gituma inzu yawe uyitanywe ari umusaka.”

Ikimenyamenya gihambaye Imana yahaye abayuda y’uko Yesu ari Mesiya ni ukuzuka
kwiwe. Imana yagomba no kubababarira kuko babamvye umwana wayo. Ariko igihe imva bari
bashizeko ikimenyetso yuguruka, hanyuma umwana wayo akazuka, maze abasoda b’abaroma
bakabwira abayobozi b’abayuda bati: “Ategerezwa kuba ari Mesiya, yazutse”. Bategerezwa
guhitamwo mu bintu bibiri: kwicisha bugufi, kwemera yuko bamenje kandi yuko babamvye
umwana w’Imana, canke kunyegeza ivyabaye.

Turazi ivyo bakoze. Igihe batera Stefano amabuye batanze icemezo kigaragara co
kwanka Mesiya babishaka kandi bavyitumye. Imana ivuga iti: “Inzu yanyu muyisigiwe ari
umusaka”. Imyaka inyuma y’aho, Yerusalemu yarasambuwe kandi irasangangurwa gushika ku
gataka. Kuva ico gihe batakambira Imana bati: “Asangwa ubishaka, sanura ingoro yacu”.
Yerusalemu ntizokwigera isubira kwubakwa kandi Isirayeli ntizosubira kuba ubwoko bw’Imana
kuko Imana yayatse igiterekwako amatara kandi ikagiha ishengero rya Kristo.

Ikibabaje, turiko dusubiramwo kahise kabo kandi Imana iraduhaye amahirwe yanyuma.
Ntitugararize ubutumwa bwiza. Ntituvange inarije n’ubutumwa bwiza ari bwo: “Si jewe, ariko ni
Kristo”, kuko nta ntererano n’imwe y’umuntu. Agakiza kose kava ku Mana. Ni ukugororoka
kw’Imana ata ntererano n’imwe y’umuntu. Ni ingabire kandi turashobora kuvuga tuti warakoze.

Ni isengesho ryanje yuko twese twoja mu murwi umwe na Nebukadineza. Bizoba


binejereje kumubona mw’ijuru hanyuma tukiga ingene Imana yamucishije bugufi kandi
yamwigishirije mu mubabaro ko hariho Imana mw’ijuru irongora amasi n’ibibaho vyose.
Turafise amahirwe. Turafise imbere yacu inkuru ya Nebukadineza, inkuru yo gusenyuka kwa
Babuloni, inkuru y’Abayuda; ikibabaje twama imisi yose dusubiramwo amakosa yabo.
Ntibitwigisha kandi twama duca mu buzima busa n’ubwabo. Ariko ndasenga ngo
ntituzokwifatanye na Babuloni.

Birashoboka ko woba umwizera w’Ishengero kandi ukongera ukaba muri Babuloni.


Ahantu hose hari inarije, hategerezwa kubaho kuba muri Babuloni. Nico gituma dukwiye
kwicisha bugufi kandi tukavuga tuti: “Mwami, nta ciza na kimwe kimbamwo, mu kameremere
kanje. Ariko urakoze Mana yanje, mfise vyose mu Mwana wawe. Mfise agakiza, ubushobozi
n’amahoro, kandi ivyo ntibiva muri jewe.”

Nk’uko Paulo abivuga mu 1Ab’i Korinto: “Asangwa hari umuntu agomba kwishima, ni
yishimire mu vyo Imana yakoze”. Reka Imana itwambure ubwibone, ubwibone bw’umuntu ku
giti ciwe, n’ubwibone rusangi nk’Ishengero! Imana yabwiye Paulo iti: “Uri mu kaga ko kwishira
hejuru kuko naguhishuriye ibihambeye vyinshi, kubw ivyo rero nzoshira igisata mu mubiri wawe
kugira ngo ugume ucishijwe bugufi”. Ntituzi natwe igisata izoduha, ariko igihe Imana iducishije
mu kigeragezo kandi ikaducisha bugufi, s’uko iba itwanka. Irazi yuko inarije ariwe mwansi
wacu ahambaye ku bijanye n’agakiza. Ikindi kandi igihe ibikoze, mubiyishimire mufatanije na
Paulo muti: “Nzokwirata intege nke zanje kugira ngo nshobore kunezererwa mu Mana”.

Imana iduhezagire kugira ngo tumenye ukwo kuri kandi twamburwe ubwibone, inarije ari
yo Babuloni ihambaye isenyuke!
IGICE CA 4: UMUMARAYIKA WA GATATU

Ivyahishuwe 14: 9-11

“Umumarayika wundi wa gatatu akurikirako, avuga n’ijwi rirenga ati, Ni hagira umuntu
asenga ca igikoko n’igishushanyo caco, akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke ku
kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino, ni yo burake bw’Imana, yiteguwe idafunguwe mu
gakarabo k’uburake bwayo. Kandi azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika
bera n’imbere ya wa Mwagazi. Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibiha bitazoshira,
kandi ntibaruhuka ku murango no mw’ijoro, abasenze ca gikoko n’igishushanyo caco, umuntu
wese yemeye gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco”. Ni ubutumwa bwose kandi tuzobwihweza
mu buryo bwagutse.

Tubona yuko ubwa mbere babuloni y’impwemu ivugwa ku murongo wa 9. Mu butumwa


bwa marayika wa kabiri, twabonye yuko babuloni yaguye, ariko ngaha babuloni y’impwemu
igereranywa mu bintu bibiri: igikoko n’igishushanyo caco. Mu Vyahishuwe 13:1-10, tuvumbura
ic’ari co igikoko n’igishushanyo caco ico bisigura. Igikoko ni ubukristo bwasubiye inyuma
bwavuye mw’isi yakera (Uburaya). Imirongo ya 11-18 ivuga igishushanyo c’igikoko naco ni
ubukristo bwasubiye inyuma bwavuye mw’isi nshasha (Amerika).

Twahuje igikoko ubutegetsi bw’Ubupapa, atari ngombwa abakristo b’abagatorika b’i


Roma ariko ubutware bwabo, kandi igishushanyo gifatwa nk’abaprotesitanti b’Abanyamerika.
Ariko yuko ubwo butware bubiri, bwaronse ububasha buvuye ku gisato cavuzwe mu
Vyahishuwe 12:9 nka satani, ya nzoka ya kera. Nk’inkurikizi igikoko n’igishushanyo c’igikoko
ni ibikoresho vya satani kw’isi ari vyo, mu bihe vya nyuma, bizokoreshwa na satani kugira ngo
birwanye ubutumwa bwiza butazoshira maze bakarenganya abazobwemera kandi bakabuvuga.

Ku murongo wa 9, ikimenyetso c’igikoko kivugwa uku gukurikira: “Ni hagira usenga


(ucunamira, ukigamburukira) igikoko n’igishushanyo caco, akemera gushirwako ikimenyetso
caco mu ruhanga canke ku kiganza”. Ico kimenyetso gitandukanye n’ikidodo c’Imana
kizoshirwa ku 144 000 bivugwa mu vyahishuwe 7:3-4 na 14:1. Gutyo rero hari ibimenyetso
bibiri canke ibidodo bibiri: ikidodo c’Imana ku bizera n’ikimenyetso c’igikoko n’igishushanyo
caco ku batizera.

Ikimenyetso c’Imana kigereranya kugororoka kw’Imana kuboneka kubwo kwizera, canke


gutsindanishirizwa kubwo kwizera. Ikimenyetso c’igikoko naco gica gisigura ukwiwe
kugororoka canke ukwigenga ubwiwe. Dufise ngaha ingingo ngenderwako zibiri: kugororoka
kw’Imana n’ukugororoka kw’umuntu. Dufise urukundo rw’Imana no kwikunda canke inarije.
Izo ngingo zibiri zirahushanye. Igihe ubutumwa bw’abamarayika batatu, ubutumwa bwiza
butazoshira, buzovugwa ku mugaragaro ku bantu bose, isi izogabanywamwo imirwi ibiri
yonyene, itarenga. Nta muntu n’umwe azosigara yicaye ku ruzitiro.
Abazokwemera Kristo nko kugororoka kwabo, ntibabe bacizigira umubiri, bazoshirwako
ikimenyetso c’Imana. Abazokwanka n’ibigirankana bavyishakira ubwo butumwa bwiza
butazoshira, kandi bagakurikira inzira yabo, bazoshirwako ikimenyetso c’igikoko. “Uwo nawe
azonywa kuri vino, ni yo burake bw’Imana yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bwayo.
Kandi azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa
Mwagazi”. (Ivyahishuwe 14:10).

Ikibazo gishobora kuvyuka ni iki: Isabato na Dimanche navyo ni ibiki? Tuvuga yuko
isabato ari ikimenyetso c’Imana kandi ko dimanche ari ikimenyetso c’igikoko. Hariho ibiriho
bimwe bitegerezwa gutomorwa mu bwenge bwacu. Iyo misi ibiri igereranya uburyo bubiri
butandukanye mu kwizera; ariko ubwo buryo bubiri ntiburatandukanya isi ku mugaragaro.

Hinge tubisigure: twabonye yuko gutsindanishirizwa kubwo kwizera ni uburyo


bwateguwe n’Imana kubw’agakiza kacu. Gutsindanishirizwa n’ibikorwa ni uburyo bw’umuntu.
Isabato ntiraba ikimenyetso c’Imana kandi na Dimanche ntiraba ikimenyetso c’igikoko kuko iyo
misi ibiri ntirahuzwa n’uburyo bubiri bwo kwizera. Haracariho gushika ubu amadidane amwe
amwe.

Haracariho mur’iki gihe cacu abakristo benshi bubaha dimanche, baruhukiye muri Kristo.
Haracariho n’abubaha isabato baruhukiye mu bikorwa vyabo. Ubutumwa bw’umumarayika wa
gatatu ni bwaheza gusigurwa mu buryo bwumvikana neza, maze imigenderanire bufitaniye n’iyo
misi ibiri ikerekanwa neza, ico gihe rero iyo minsi ibiri izogereranya uburyo bwo kuronka
agakiza. Ariko ntidushobora kwagiriza abaruhuka dimanche uyu munsi yuko bashizweko
ikimenyetso c’igikoko…

Ubwa kabiri, dukwiye kwibuka yuko iyo misi ibiri igereranya ukuri; kandi mu bisanzwe
uko kuri ni kwo kuri no mu bikorwa. Ariko imbere yuko umuhero uza, isabato izohuzwa neza na
neza no gutsindanishirizwa kubwo kwizera kandi dimanche izokwerekana mu buryo
budaharirwako abishimikije ibikorwa vyabo. Ivyo ntibirashirwa mu ngiro uyu munsi kuko
hakiriho amadidane no kudatahura.

Ivyahishuwe 14:10: “… uwo nawe azonywa kuri vino niyo burake bw’Imana yiteguwe
idafunguwe…” Ivyo ni vyashika, igihe ubwo buryo bubiri, ivyo vyizerwa bibiri bigereranywa
n’iminsi ibiri, ni vyatangazwa neza ku mugaragaro, umuntu uwo ariwe wese azohamagarirwa
guhitamwo kwemera Kristo canke kumwanka. Ni ubwo buryo bwo guhitamwo bwonyene
buzoba bushoboka kandi nta sindabibazwa azobaho muri ivyo. Bizoba ari ibigirankana. Twibuke
yuko Babuloni yasenyuwe kuko yanse n’ibigirankana, ibishaka, ukuri kw’ Imana yo mw’ijuru.

Igihe ubutumwa bwiza buzotangazwa ku mugaragaro, nta kudatahura kuzosigara kandi


umuntu wese azoba yarahisemwo mu bumenyi bwose no mu mwidegemvyo nta ngere.
Abazokwanka n’ibigirankana Imana n’ubuntu bwayo bazobikora ku giti cabo. Ni bo ubwabo
bazokwiyugarirako urugi rw’imbabazi mu vy’ukuri. Bazoba bahisemwo urupfu aho guhitamwo
ubugingo.
Hariho uturorero twinshi twerekana yuko iyo ariyo nyigisho y’Isezerano risha. Gutyo
insiguro yo muri Yohana 3:16: “Kubw’urukundo Imana yakunze abari mw’isi, arirwo rwatumye
itanga Umwana wa Yo w’ikinege, kugira ngo umwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe
ubugingo budashira”. Umurongo wa 17 uvuga yuko Imana itatumye Umwana wayo gucira abari
mw’isi urubanza, ariko abari mw’isi bakizwe nawe. Umurongo wa 18: “Umwizera ntazotsindwa
n’urubanza, ariko utamwizera aramaze gutsindwa, kuko atizeye izina ry’umwana w’Imana
w’ikinege”. Umurongo wa 36: “Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, ariko utumvira
Umwana ntazobona ubugingo, ariko uburake bw’Imana buguma kuri we”. Igihe ubutumwa
bwiza butazoshira buzovugwa ku mugaragaro mu buryo butomoye neza, hazobaho amahitamwo
abiri yonyene: kwizera canke kutizera. Ivyo bibiri bizoba ku bushake, ivyo bibiri
bizokwerekanwa neza kandi bizotahurwa neza n’uw’ari we wese imbere y’uko ahitamwo.

Ikete Paulo yandikiye Abaheburayo riratomoye cane kuri ico kibazo. Abaheburayo
10:26: “Kuko namba dukora ivyaha n’ibigirankana”. Menya neza ijambo “ibigirankana”. Nivyo
bizoshikira neza na neza, abazoshirwako ikimenyetso c’igikoko nk’uko vyashikiye Belushaza
yanse Imana n’ibigirankana. Hariho insiguro nyamukuru y’icaha mw’Isezerano Risha. Insiguro
dusanzwe tuzi, kwica amategeko, ariko ngaha muri iki gihe, havuga icaha nko kutizera: “Kandi
tumaze guhabwa kumenya ivy’ukuri”. Umurongpo wa 14 usigura ico ari co ukuri: “Kuko
ikimazi kimwe arico yatunganishije rwose abezwa, akazoshitsa ibihe bidashira”. Ukuri ni
ikimazi ca Yesu Kristo. Yesu yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo.” (Yohana 14:6).

Iyo ukuri kwirengagijwe n’ibigirankana, bamaze guhabwa kumenya ivy’ukuri, ntihaba


hagisigaye ikimazi c’ivyaha. Ni mwibuke ico Daniyeli yabwiye Belushaza: “Wari uzi ivyo vyose
ariko waranse n’ibigirankana”. Ni co kimwe no ngaha. Ubutumwa bwiza bwarumviswe
butangazwa ku mugaragaro, ubushobozi bwariyerekanye, ariko bwanswe n’ibigirankana. Si
ikimazi c’amaraso y’amapfizi n’amasuguru, ariko ni ikimazi ca Kristo gihanagura ivyaha. Iyo
ikimazi canswe n’ibigirankana, nta kimazi kiba kigisigaye c’ivyaha. Igisigaye cavuzwe ku
murongo wa 27: “… kwitegana ubwoba gucirwakwo iteka, no kwitega umuriro w’inkazi,
uzorigata abansi b’Imana”. (Abaheburayo 10:26-27).

Ngico ikimenyetso c’igikoko: kwanka n’ibigirankana ubutumwa bwiza. Kandi


bigereranywa vy’ukuri n’umusi we mbere (dimanche). Menya neza ko atari umusi uteye
ingorane. Ikibazo n’uko uyo musi werakana ukwigenga kw’umuntu aho kugengwa n’Imana.
Twibuke ingingo yo kwisunga y’ubutumwa bwiza: “Si jewe, ariko ni Kristo”. Ntibirashirwa mu
ngiro uyu munsi kuko haracariho ukudatahura neza.

Twize Abaheburayo, tubona neza yuko umwitwarariko nyamukuru w’umwanditsi


n’ukudusaba ntitwanke ubutumwa bwiza. Raba ico Abaheburayo 2:3 havuga: “Tweho tuzokizwa
gute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gutyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu,
kagakomezwa kuri twebwe n’abakumvise”.
Muri Matayo 24:14, Yesu avuga ati: “Kandi ubu butumwa bwiza bw’ubwami buzovugwa
kw’isi yose, kugira ngo bube ikimenyetso kibera icabona amahanga”. Icabona mu rubanza
kizoba ubutumwa bwiza; kandi Imana izobaza umuntu wese (mu buryo budasanzwe abatizera)
iti: “Ni igiki mwakoresheje ingabire nabahaye binsavye igiciro kidahera, ariko kuri mwebwe cari
ingabire?” Ntibazoba bagishobora kwagiriza Adamu kuko Kristo yarasubije mu buryo
ivyononywe na Adamu vyose. Ni bo ubwabo bazokwitako impfane kuko bazoba baranse
n’ibigirankana ingabire y’Imana.

Umumarayika wa gatatu avuga ati ni hagira uwifatanya na Babuloni, akemera


n’ibigirankana kandi avyigombeye kwanka ubutumwa bwiza kwa Babuloni, nawe azonywa kuri
vino, niyo burake bw’Imana yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bwayo. Ngaha ijambo
“igikombe” (agakarabo) rirafise insiguro idasanzwe. Ni mwibuke yuko mu Baroma 8:32, Pawulo
avuga yuko Imana itimanye Umwana wayo ariko yamutanze ku bwacu twese.

Muri Matayo 26:38-42, hatubwira ico igikombe kigereranya bo n’ico Imana itarenganije
Umwana wayo. Vyose bishikira mu vyabereye i Getsemani, igihe Yesu yabwira abigishwa biwe
ati: “Umutima wanje uri n’akabonge kagomba kunyica; ba muragumye aha, mubane maso nanje.
Yunguruza imbere gatoya, arunama, arasenga ati: Data, asangwa vyoshoboka iki gikombe ni
kindengane!” Tubona ngaha ijambo “igikombe”. Igikombe yavuga ntikwari ukubabazwa
kw’umubiri ku musaraba, ariko uburake bw’Imana bwasutswe budafunguye. Asubiramwo ivyo
nyene ku murongo wa 42: “Yongera kugenda ubwa kabiri, asenga ati: Data, asangwa
bidashoboka kw’iki kindengana, shiti nkinywereko, ni bibe nk’uko ugomba!”

Ku murongo wa 44, yongera gusenga nk’ubwa mbere. Tubona yuko igikombe kwari
ugutandukana n’Imana. Matayo 27:46, yavuze ati: “Nko kw’isaha y’icenda, Yesu arasemerera
n’ijwi rirenga, ati Eli, Eli, lama sabakatani? Risigura ngo: Mana yanje, Mana yanje, ni igiki
kikumpebesheje?” Mwibuke yuko mu kwigira umuntu no mu kwiyanka kwiwe, yagengwa na Se
muri vyose no kugira ngo azuke. Igihe Se yamuheba ku musaraba, Yesu yapfuye urupfu rwa
kabiri kubw’umuntu wese, uburake bw’Imana bwasutswe kuri we atambabazi.

Ubu naho ni kuki Imana itakirenganije Umwana wayo? Ntiyamukunda? Yaramukunda,


ariko igituma n’uko natwe yadukunda…. Yavuze iti: “Mwana wanje, ngomba yuko uca muri
ivyo vyose kugira ntibazobicemwo”. Ariko igihe iyo nkuru nziza yanswe n’ibigirankana,
bishatse kuvuga biti: “Mwami, ngomba kwibako jenyene”.

Mu Kuvayo, Imana yashikirije abaheburayo imigisha n’imivumo. Abagalatiya 3:13,


hatubwira yuko, “Kristo yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe, kuko yacitse ikivume ku
bwacu”. Ng’ubwo uburake bw’Imana! Yipfuza yuko ata n’umwe yopfa rubi kandi ni co gituma
yipfuza yuko ubu butumwa bwiza bwovugwa mu buryo bwumvikana neza. Ababwanka
n’ibigirankana, bazovuga bamaze kwihitiramwo bati: “Ewe Mana, singomba agakiza kawe!”
Imana nayo izobabwira nka Belushaza iti: “wapimwe ku munzani usangwa uhwahutse,
uratsinzwe n’urubanza”.
Ivyahishuwe 14:10 bivuga biti: “Kandi bazobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere
y’abamarayika bera n’imbere yawa Mwagazi”. Tuzi yuko ibisagara vy’i Sodomu n’i Gomora
vyatongowe n’umuriro n’amazuku. Twihweze ijambo “abamarayika bera”. Muri Yohana 8:38,
Yasu yavuze ikintu giteye igomwe: “Kuko umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera
amajambo yanje mur’iki gihe c’ubusambanyi kandi c’ikinyavyaha, n’umwana w’umuntu
bizomutera isoni kumwemera, aho azozira afise ubwiza bwa Se, azananye n’abamalayika bera”.
Tubona yuko ngaha, mu rubanza rwa nyuma, abamarayika bazoba ivyabona kuko abatizera,
ababi, bazimiye bazokwanka n’ibigirankana ako gakiza. Bazorandurwa n’uburake bw’Imana
n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi.

Hanyuma ku murongo wa 11 avuga ati: “Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka


ibihe bitazoshira, ntibaruhuka ku murango no mw’ijoro, abasenze ca gikoko n’igishushanyo
caco, umuntu wese yemeye gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco”. Tugomba twihweze uwo
murongo intambuko ku ntambuko. Menya yuko “umwotsi wo kubabazwa kwabo” ufitaniye
isano n’umuriro n’amazuku bivugwa ku murongo wa 10. Nariko ndaharira kuri ivyo umusi
umwe n’umwigisha w’iyobokamana w’umubatisita muri Kenya. Yari umwigisha w’Isezerano
risha mw’Iseminari nkuru. Hanyuma ambwira Ivyahishuwe 14:11 kugira ngo yemeze yuko ababi
bazobabazwa mu muriro utazima “ibihe bitazoshira”.

Namweretse muri Yuda 7 havuga ngo: “… kandi n’abantu b’I sodomu n’I Gomora bo
n’ibisagara vyari bihereranye na ho, kuko bitanze bakiha ubusambanyi nka babandi, ukwendana
ukw’imibiri itaremewe, ivyo bisagara vyashiriweho kuba akabarore, bibabazwa n’igihano
c’umuriro utazima”. (Ibindi bisomwa bivuga yuko wari umuriro n’amazuku). Naciye
ndamubwira nti: “Asangwa “ibihe bidashira” bisigura ibihe, gutyo rero Sodomu na Gomora
hategerezwa kuba hagisha gushika uyu munsi.” Nk’umuhinga wa Bibiliya, yari abiziko vyinshi
kuruta abalayike kandi namubwiye nti: “Murazi yuko Sodomu na Gomora hacukumbuwe. Musi
y’ikiyaga c’umunyu (mer Morte), batoyemwo amatanguriro 12 y’umunyota. Isi yari yaraturiwe
gushika ku ntambuko 12, igihe bariko barashakashaka muri ico gikorwa. Nk’inkurikizi bigomba
kuvuga iki “kubabazwa ibihe bidashira”?

Mu Vyahishuwe 14:11, ijambo “umwotsi” ni ikigereranyo c’akamo. “Akamo” ko


kubabazwa kwabo kaduga ibihe bidashira, ntibaruhuka ku murango no mw’ijoro, abasenze ca
gikoko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco”.
Kugira ngo dusigure ibi, hinge twihweze amajambo anyuranye. Abaheburayo 3:18-19, havuga
ngo: “Ni bande yarahiye ko batazoshika mu buruhukiro bwayo? S’abatayumviye? Kandi tubona
ko batashoboye kubushikamwo, kuko batizeye”. Ijambo “uburuhukiro” rishaka kuvuga ngaha
amahoro, ivyizigiro vya Kanani, ijuru ryasezeraniwe abizera. Iyo mirongo ibiri itubwira abayuda
mu Kuvayo bidodomvye mu bugaragwa.

Abaheburayo 4:2-3, hatubwira hati: “Kuko natwe twabwiwe ubutumwa bwiza nka bo”.
Ngaha hari imirwi ibiri y’abantu. “Twebwe” igereranya abayuda bo mu gihe ca Paulo “bo” nayo
ivuga Abayuda bo mu Kuvayo. Iyo mirwi ibiri yarumvise kandi irakira ubutumwa bwiza, ariko
ntaco bwabamariye.

“Ariko ijambo bumvise ntiryabagiriye ikimazi, kuko ritavanzwe no kwizera, mu mitima


y’abaryumvise” (bisigura ngo n’ibigirankana kandi babishaka, banse ubutumwa bw’Imana).
Umurongo wa gatatu uvuga abizera: “Ariko abizeye bashika muri ubwo buruhukiro”. Ubwo
buruhukiro n’amahoro ava mu gutsindanishirizwa kubwo kwizera, ubu no mu bihe bidashira
Kristo ni yagaruka. Yesu yari yabwiye abigishwa biwe ati: “Amahoro yanje ndayabasigiye,
amahoro isi idashobora gutanga. Ndabahaye uburuhukiro”. Isabato ni ikimenyetso c’ico
kiruhuko. Abaruhuka isabato ntibategerezwa kuronka amahoro, kandi kuba wubahiriza uwo
munsi ntibica biguha amahoro. N’umwami w’uwo munsi (isabato) atanga amahoro.

Kugira ngo twumve iryo tandukaniro, dukwiye gusoma Ivyahishuwe 20 na 21. Yesu
agaruka ari kumwe n’abigishwa biwe muri Yerusalemu nshasha yururuka kw’isi. Abatizera
barazuka. Babona abagenzi babo bari muri wa murwa ukayangana mu gihe bobo bari hanze.
Barazi yuko bakoze ikosa rihambaye cane mu buzima bwabo. Igihe c’imbabazi caraheze. Ubu,
bamaze kubona Kristo agarutse, hamaze kubaho urubanza rw’abanyakibi. Satani azobegeranya
hanyuma batere igisagara (ntituzi igihe ivyo bizomara, igisomwa kivuga “umurango n’ijoro”);
muri ico gihe, ntibazoronka ikiruhuko, nta n’ubwishingizi, nta n’icizigiro na kimwe, umurango
n’ijoro.

Mu gihe c’umwuzure, igihe umuryango w’ubwato bwa Nowa wugarwa, maze imvura
igatangura kugwa, ntituzi igihe vyatwaye kugira ngo amazi ashike ku mpinga y’imisozi, aho
abanyakibi bari bahungiye. Ivyo vyatwaye imisi myinshi kandi abo ntibigeze baronka amahoro
ku murango no mw’ijoro. Amajambo “ibihe bidashira” mu giheburayo no mu kigiriki ashobora
gusigura ibihe canke inkurikizi.

Sodomu na Gomora hatongowe n’umuriro “utazima” canke mu “bihe bidashira” mu


mvugo yuko hatasanuwe kandi yuko ugusambuka kwaho kwagumyeho. Imana ivuga muri
Yuda7 iti: Nabahaye ivyo kugira ngo bibabere “akarorero”.

Gutyo rero, ku mwuzure, ibiti n’ibimera vyose vyakuweho n’amazi, vyarasubiye kubaho.
Twibuke yuko inuma Nowa yarungitse yagarutse ifise ishami rya eleyo. Ariko muri ukwo
kurandurwa n’umuriro, nta kintu na kimwe kizima kizosigara. 2Petero 3:10 havuga hati:
“Ivy’itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo
bigatongorwa”. Umurongo wa 13: Ariko nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha,
ivyo kugororoka kuzobamwo”.

Dufise imirwi ibiri y’abantu bamwe batazoronka ikiruhuko ku murango no mw’ijoro,


ariko bazokwatura bati: “Mwami si ikosa rya Adamu, si n’ikosa rya We, n’iryacu. Twaracumuye
n’ibigirankana kandi tubishaka”. Nka kurya nyene kwa Belushaza yatuye ko yacumuye, ariko
igihe caramaze guhera. Tubona yuko ari ubutumwa bwo ku mugaragaro. Igihe ubutumwa bwiza
buvuzwe ku mugaragaro mu buryo bwumvikana neza, umwe wese muri twebwe akwiye
guhitamwo: kuba canke kutaba uwa Kristo. Ariko guhitamwo s’ukuvuga gusa ngo “ndizeye
Kristo”. Birimbitse cane kurusha ivyo. Ng’ibi ico bisaba guhitamwo neza: Kubambanwa na
Kristo canke kubamba Kristo. Ubwo ni bwo buryo bubiri duhabwa guhitamwo. Paulo avuga ati:
“Nabambanywe na Kristo”. Kandi ivyo bisigura yuko ubuzima bwiwe busigaye azobabara. Niko
bikwiye no kuba kuri twebwe. Abarwanya ubutumwa bwiza bashobora gusa n’abateye imbere
mu gihe runaka. Bashobora kuduhama, ariko ikizova mu guhitamwo kwacu kw’iherezo
gitegerezwa kuzoba ciza cane mu vy’ukuri.

Ikindi gisomwa kidufasha gutahura “ibihe bidashira” ni Yona 2. Ico gisomwa kitubwira
ivyashitse mu mutima wa Yona igihe yari mu nda y’urufi: “Ndamanuka nja mu mizi y’imisozi;
isi n’ibihindizo vyayo vyaranyugaranye ibihe bidashira”. Ntivyari ibihe bidashira ariko ni ivyo
yiyumvamwo. Igihe rero abanyakibi bazobona uburake bw’Imana butavanze n’imbabazi,
bazotahura neza ico bisigura gusezera ku buzima ibihe bidashira. Ni ingero y’icaha. Si ukuvuga
yuko bazobabazwa ibihe bidashira, ariko bazohura n’uburake bw’Imana, bazobabazwa kandi
ntibazoronka amahoro ku murango no mw’ijoro. Ivyo ni vyashika, bazokwibaza yuko ari ibihe
bidashira.

Uwo murongo wo muri Yona 2:6 n’umwe mu yikoreshwa n’abavuga yuko Yesu
yabambwe ku kane (mercredi). Menya neza: “Ibihindizo vy’isi vyaranyugaranye” bishaka
kuvuga uko Yona yiyumvisemwo. Muri iyo misi itatu, Yona yiyumvamwo kw’ari mu mutima
w’isi. Bihuye neza na neza n’ivyo Yesu yiyumvisemwo kuva i Getsemani. Umutima w’isi
warakomerekeje ivyo yiyumvamwo ariko si imva. Yona 2:6 herekana ivyo Yona yiyumvisemwo
kandi agacamwo ariko si imva. Ikindi kandi, guhera igihe Imana yakura uburinzi bwayo kuri
Kristo, ni ukuvuga i Getsemani, We yiyumvisemwo ibimeze nk’ivyo Yona yiyumvisemwo i
bwina mu rwobo, nta vyizigiro, nta mahoro. Dukwiye gutangura guharura guhera ico gihe kugira
ngo turonke imisi itatu n’amajoro atatu.

Iyo ubutumwa bwiza bwanswe n’ibigirankana, harashobora kubaho igihe kimeze neza,
ariko igihe ivyago n’urubanza bizoshika, ntihazobandanya urubeya rw’uburake bw’Imana.
Ntibikora kuko ibishaka. Ihitamwo ryarabaye kandi iremera iryo hitamwo, n’ukuvuga umuvumo.

Isi irakeneye kunyinyurana n’ubwo butumwa ku mugaragaro. Si ikibazo co guhitamwo


kwonyene kwanyu nanje. Abantu bategerezwa kumenyeshwa yuko bafise ihitamwo bakwiye
gukora. Ivyo dutegerezwa gukora uyu munsi, ni ukubiba ubutumwa bwiza. Umusi umwe, igihe
ico dusabwa kizoshirwa ku mugaragaro, maze ivyago bizoshika; ntituzokwerekana ikibazo
c’isabato canke ic’umusi wa mbere; ivyo bizoba vyaramaze kuba.

Ico gihe rero, bose bazotahura ico basabwa kandi benshi bazosohoka bifatanye
n’abaruhuka isabato. Kandi benshi mu baruhuka isabato, ariko mu mitima yabo, baranse
ubutumwa bwiza, bazokwifatanya n’isi. Twibuke yuko icangombwa c’ishimikiro ni Kristo
kugororoka kwacu igihushane c’ukugororoka kwacu. Uyu munsi iyo ntambara ntirashirwa
ahabona neza ariko akarongo ko kwitandukanya kazokwibonekeza vuba cane, kandi
tuzohamagairirwa guhitamwo tubishaka kuja ku ruhande rwacu canke ku rundi. Ni isengesho
ryanje yuko umwe wese yohitamwo neza. Twifatanije na Yosuwa tuzovuga duti: “Ariko jewe
n’abo mu rugo rwanje, tuzokwama tugendanira Uhoraho”. Dushaka gukora ivyo duhitamwo uyu
munsi. Gutyo rero, igihe ivyago bizozira, tuzoba twaramaze gufata ingingo.
IGICE CA 5: IVYAMWA VY’UBUTUMWA BUTATU

Ivyahishuwe 14:12-13

“Aho niho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana no kwizera


Yesu. Numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: Andika, ut’uhereye none hahirwa abapfa
bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati: Ego me, ngo baruhuke ubutame bwabo kuko
ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye”.

Ivyahishuwe 14 bitubwira yuko igihe ubutumwa bw’abamarayika batatu buzoba buhejeje


kuvugwa mu buryo bwuzuye, iyi si, abantu bose bazogaburwa mu mirwi ibiri: abizera
n’abatizera, abizigirwa n’abatizigirwa. Inkurikizi yavyo, hazobaho amayimbura abiri.

Ivyahishuwe 14:12-13 bidondora ivyamwa ubwo butumwa butatu buzozana mu


bizigirwa. Ni ngirakamaro cane ko tuvyiga kuko dushaka kuba mu bizigirwa. “Aho niho
ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe vy’Imana no kwizera Yesu”. Ivyamwa
vy’ubutumwa bwiza butazoshira mu buzima bw’abizigirwa bizoba bitatu:

1. Kwihangana;
2. Kwitondera ivyagezwe vy’Imana; no
3. Kwizera kwa Yesu.

Ijambo “no” ryerekana yuko batazokwitondera ivyagezwe vy’Imana gusa, ariko bazokwitondera
kandi kwizera kwa Yesu.

Mu bisanzwe ijambo “kwihangana” risigura umuntu yigumya ubwiwe. Ijambo


ry’ikigiriki rifise kandi insiguro yo kutarambirwa n’imibabaro, umwete, kutananirwa no
kutaruha. Mu baroma 2:7, iryo jambo ryarakoreshejwe igihe yavuga ati: “Abo bahora bakora
ivyiza bihanganye”. Ngaha ijambo kwihangana ryakoreshejwe mu nsiguro yo “kubandanya
gukora ivyiza”. Biroroshe gukora ivyiza igihe abantu bagushima, igihe tubona umwimbu wavyo.
Ariko biragoye igihe abantu batagushima kandi ugakora ahantu utabona umwimbu. Mu 2Ab’i
Koririnto 1:6, tuhabona kandi iryo jambo ry’ikigiriki: “Iyo tubabazwa, kuba ari ukugira ngo
bibazanire ukwirurwa bo n’agakiza; kandi iyo twirurwa, kuba ari ukugira ngo bibazanire
ukwirurwa nyene, guserukira mu kwihanganira imibabaro imwe n’iyo tubabazwa”.

Igihe kandi mu Vyahishuwe 14:12 havuze ngo: “Aho niho ukwihangana kw’abera”,
igisomwa co muri 2Timoteyo 3:12 kiduha insiguro. Turakwiye gutahura mu buryo bwumvikana
yuko igihe ubushobozi bw’ubutumwa bwiza butazoshira buzokwumvikana mw’isi, ivyo
bizovyura agahamo. “Mbere abagomba kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu,
bazohamwa”. Ivyo nivyo bizovyagwa n’ubutumwa bw’abamarayika batatu: Ubuzima bwubaha
muri Yesu Kristo.

Nk’igihushane, Yesu yabwiye abayuda igituma isi itwanka muriYohana 7:7 “Ab’isi
ntibabanka ariko jeho baranyanka, kuko mbavugira yuko ibikorwa vyabo ari bibi”. Yesu yavuze
yuko igihe cose, isi ikibona abakristo bakora nk’ivyo ab’isi bakora, abo bazokwemerwa. Ariko
igihe isi izobona abakristo bakora ivyo badashobora gukora, ico gihe bazoca bashavura.
Bashavuriye Kristo kuko batashobora kwigana ibikorwa vyiwe, yakora. Ariko iyo wigereranije
n’isi, ugafata ubutungane bw’abantu nk’urugero, nta ngorane izobaho. Ariko igihe ukugororoka
kw’Imana kugereranijwe n’ukugororoka kw’umuntu, uko guca kubonekana nk’impuzu zanduye.
Ivyo bikomeretsa ubwibone bw’umuntu ingaruka ni uburake buca buvyuka. Ni co gituma igihe
isi izobona Kristo muri twebwe, izoduhama.

Tugifise ivyo mu bwenge, turonka amakuru akomeye cane ku birabana c’icirwa cacu ku
vyo kwihangana kw’abera muri Yakobo 1:2-4: “Mwiyumvire kwari ivyo kunezererwa rwose
bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe; mumenye yuko ibigerageza ukwizera
kwanyu bitera ukwihangana. Ariko kwihangana gukwiye guhingura igikorwa cakwo, ngo
mubone gutungana rwose, muhinguwe mudahajije na kamwe”. Gutyo rero igihe Imana yemeye
yuko mugeragezwa, siyo ibizana, ariko iremera yuko bibaho kugira ngo kwizera kwanyu
gukomere. Irazi yuko umubabaro mwinshi ugiye kuza vuba kandi igomba gutegura ubwoko
buzoshobora guhagarara mur’iyo mibabaro. Ntihakwiye kwigera habaho kwidodomba imbere
y’ibigeragezo. Umubiri uridodomba ariko dukwiye gutahura yuko ibigeragezo vyose bifise
intumbero.

Imana irazi yuko ubwoko bwayo butazoshobora kwihanganira imibabaro mu kureka


ibintu bikagenda nk’uko bisanzwe. Itegerezwa kubategura. Ivyo biri mu bigize igikorwa cayo co
gutunganya. Ni co gituma Yakobo atubwira kunezerwa, Atari ukubera yuko dukunda imibabaro,
ariko kuko ivyo bidutera kutarambirwa. Iyo tudakoresheje imisoso yacu, duca tugenda tuba
abanyantege nke. Muri ubwo buryo nyene turakwiye kwibuka yuko Imana izokwemerera
ibigeragezo gushika ku muntu no ku mashirahamwe yacu kugira ngo bikomeze imico yacu.

Abaroma 5:1-2 hatubwira yuko ivyamwa bitatu vyo gutsindanishirizwa kubwo kwizera
ari: “kugirana amahoro n’Imana, gushikama mu buntu n’ivyizigiro vy’ubwiza”. Intambuko zo
kuronka icamwa “c’ivyizigiro vy’ubwiza” zivugwa mu mirongo ya 3 na 4. “Kandi si ivyo
vyonyene, ariko kandi tunezererwe n’amarushwa yacu (imvugo “kunezererwa” isigura
“kwishimira” canke “kwirata” kandi ni co gituma tunezererwa imibabaro yacu n’ibigeragezo
vyacu), kuko tuzi yuko amarushwa atera kwihangana, kandi ukwihangana kugatera kudatsindwa
no kugeragezwa, kudatsindwa no kugeragezwa kugatera kwizigira ibitaraba”. Ivyizigiro bivyara
ubwoko bugizwe n’abantu badaterwa isoni n’uko ari abakristo kuko urukundo rw’Imana
rwasutswe mu mitima yacu na Mpwemu yera twahawe.

Yesu abwira amasi yose, satani n’abamarayika biwe ati: “Ng’uku ukwihangana
kw’abera! Iki nico ubutumwa bw’abamarayika batatu buzovyara. Ng’ubu ubwoko bwanje!”
Hanyuma satani avuge ati: “Noshobora kubagerageza?” Imana ikishura iti: “Egome ariko
ntuzobice”. Ni igihe c’umubabaro, ubwa mbere umubabaro muto, hanyuma umubabaro mwinshi.
Harabayeho agahamo mu gihe c’ishengero ry’intumwa, kuko abizera berekana ubuzima
bwa Kristo. Ni twabaho dutunganye muri Kristo Yesu, mumenye neza yuko tuzobabazwa
n’agahamo. Muri Matayo 10:16-22, Yesu yagabishije abigishwa biwe kandi natwe iyo mpanuro
iraturaba: “Raba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubwenge
nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe. Mwirinde abantu. Bazobashengerana mu manza,
babatonagurire mu masinagogi yabo. Bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampora,
muzoba ikimenyetso kibere icabona, bo n’abanyamahanga. Ariko babashengeranye, ntimuze
muhagarike imitima ico muvuga n’ingene muzokivuga, kuko ivyo muvuga muzobihabwa muri
ako kanya. Kuko atazoba ari mwebwe muvuga, azoba ari Mpwemu wa So avugira muri
mwebwe. Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w’umwana
azomushengerana, n’abana bazoshengerana abavyeyi ngo babicishe. Muzoba mwanswe
n’amahanga yose babahora izina ryanje; ariko uwihangana agashitsa kw’iherezo ni we azokira ».

Nk’ingaruka, « Mwiyubare nk’inzoka kandi mwiyoroshe nk’inuma ». Turashobora


kubabazwa n’akarenganyo ariko ntidushobora kwigera twihora. Inuma ntiyihora na rimwe.
Ntikuzoba ugusa n’Imana. « Mwirinde abantu. Bazobashengerana mu manza babatonagurire mu
masinagogi yabo. Bazobajana imbere y’abaganza, n’abami babampora, muzoba ikimenyetso
kibabere icabona, bo n’abanyamahanga. Ivyo vyarabaye mw’ishengero rya mbere (Efeso) kandi
ivyo bizosubira kubaho mu buryo budasanzwe mu gihe c’iherezo. « Ariko babashengeranye
ntimuze muhagarike imitima ico muvuga n’ingene muzokivuga, kuko ivyo muvuga
muzobihabwa muri ako kanya » (umurongo wa 19). Igihe tuzoca muri ivyo bihe, tureke Imana
yikorere kandi tureke ituyobore muri ico gihe. Gutegura ico tuzokora muri ico gihe nta na kimwe
bizotumarira. Dutegerezwa kuguma muri Kristo kandi tukishimikiza kw’isezerano ryiwe
ryonyene: « Kuko ivyo muvuga muzobihabwa muri ako kanya ».

Matayo 10:20-21: « Kukw atazoba ari mwebwe muvuga, azoba ari Mpwemu wa So
avugira muri mwebwe. Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w’umwana
azomushengerana, n’abana bazogabagabira abavyeyi babicishe ». Muri Etiyopiya, abavyeyi
babwiye leta ya gikominisite yuko abana babo bari abakristo kandi abana baciye bihakana
abavyeyi babo. Ivyo bishobora kuba aho ariho hose. Igihe Yesu yavuga ivyo muri Matayo yagize
ati: « Mwoye kwiyumvira ngo naje gutera amahoro mw’isi; si naje gutera amahoro atari inkota »
(Matayo10:34), ashaka kuvuga yuko ubutumwa bwiza butagabura ubwoko bw’abantu mu mirwi
ibiri gusa, ariko kandi n’imiryango. Umwana umwe arashobora kuba mu murwi uyu uwo
bavukana nawe akaba mu wundi murwi. Kandi mu gihe c’imibabaro bazohangana. Ivyo bisa
n’ibigoye kwemera, ariko ivyo bizoshika.

« Muzokwankwa na bose babahora izina ryanje; ariko uwihangana agashitsa kw’iherezo


niwe azokira » (Matayo10:22). Imana irashobora gutegura uwoko buzoshora guhangana
n’inkomezi za satani kandi bakihangana no gushika kw’iherezo. Igihe twiga ivya 144 000,
ikibazo cabajijwe ni iki: « Ni nde azohagarara? » Muri Luka 18:8, Yesu arabaza ati: « Igihe
Umwana w’umuntu azozira, mbega azosanga ukwizera mw’isi? » Inyishu ni « Egome ». Kuko,
mu vy’ukuri ivyahishuwe 14:12 bidondora 144 000 bivugwa mu Vyahishuwe 14:1-5. Ubwo
bwoko bufise kwihangana atari ukw’abantu ariko ukw’abera; kandi bufise kwihangana
kutarambirwa. Ntitwoshobora kukwizanamwo ubwacu. Ivyo biva k’isano ryo kwizera dufitaniye
na Yesu.

Icamwa ca kabiri ni ukwitondera ivyagezwe vy’Imana. Bibiriya ivuga uburyo bubiri bwo
kwitondera ivyagezwe. Mu maso yabo, abayuda baritondera ivyagezwe. Mu b’i Filipi 3, Paulo
atubwira ivyamubayeko nk’umufarisayo atari nk’umukristo. Mu mugabane wa nyuma
w’umurongo wa 5, arivuga ubwiwe « ku vyo gushimikira ivyagezwe nd’umufarisayo ».
Umufarisayo yari umuntu afise umwete mwinshi mu kumvira ivyagezwe, baherezayo inguvu
zabo zose, batanga ibigira cumi vy’imbwija na kumino. Yari umufarisayo atunganye (Umurongo
6). « Kuvyo kugororoka kuzanwa n’ivyagezwe nta wogize ico angaya ». Yarashobora kwibwira
kandi yibwira nk’umuyuda ati: « Nitondera ivyagezwe ». Ariko si uko kwitondera ivyagezwe
kuvugwa mu Vyahishuwe 14:12.

Igisomwa gisigura ubwo buryo bubiri bwo kwitondera ivyagezwe buri mu Baroma 7:6
« Ariko noneho ntitukiganzwa n’ivyagezwe, kuko twapfuye ku camye kidufashe, ni co gituma
turi abagurano, dukorera Mpwemu adukoresha uburyo busha, tudakoreshwa bwa buryo bwa kera
bw’inyuguti ». Asangwa mwibaza k’ari ivyagezwe vy’imihango, soma umurongo w’indwi aho
duhabwa iciyumviro ku vyagezwe Paulo yavuga. Ivyigwa vyacu mir’iki gice ntivyerekana
kutaganzwa n’ivyagezwe ico bisigura, ariko novuga iki conyene: ni ukubaho ufise ubwoba igihe
cose ucumuye kuko ivyagezwe bivuga yuko ukwiye gupfa. Ni co kimwe no gutinya umupolisi
umaze kurenza umuvuduko. Kuba musi y’ubuntu n’ukubaho mu migenderanire y’urukundo.

Dukwiye gutahura yuko umukristo ari musi y’ubuntu, arivyo bisigura yuko dukorera
Imana atari mu buryo bw’inyuguti ariko mu bw’impwemu. Gukorera Imana mu nyuguti, ni
ukumvira ivyagezwe kubwo gutinya igihano canke kubwo kurondera inyungu. Hari aho
vyavuzwe yuko: « Urukundo rw’Imana nirwo shingiro ry’idini nyakuri. Iyo umukristo akorera
Imana canke akitondera ivyagezwe vyayo kubwo gutinya igihano canke kubwo kwipfuza
impembo, idini bene iryo nta na kimwe rimaze ».

Ni ngombwa gutahura ico bisigura kumvira ivyagezwe mu mpwemu. Abayuda bumvira


ivyagezwe mu nyuguti. Kuri bo ivyagezwe vyari amabwirizwa ya: « Kora ibi canke ntukore
birya ». Bakoze uko bashoboye ngo bigishe urwaruka rwacu bakoresheje « kora canke ntukore »
ariko barabihaze. Uburyo bubiri bwo kumvira ivyagezwe bushoboka gusa mu bigaragara, ariko
dukwiye kwihweze ibintu vy’imbere atari ivy’inyuma. Kwikirisha ivyagezwe (legalisme),
ivyagezwe ni icangombwa gitegerezwa kuzuzwa. Arabaza ati: « Ntegerezwa kuvyitondera? »
Bamwishura bati: « Egome, ahandiho nta juru muzojamwo ». Canke uti: « Imana ntizogukunda».
Ivyo bicika ivya ngombwa kandi igihe binaniranye, avuga ati: « Ivyo ntaco bimaze».

Paulo yabwiye abagalatiya bari bahevye gutsindanishirizwa kubwo kwizera maze baja
mu gutsindanishirizwa n’ibikorwa bibwirijwe n’ivyagezwe ati: « Nabajanye kuri Kristo ariko
mwateye umugongo ubutumwa bwiza kandi mutanguye kuziririza imisi n’amezi n’ibihe
n’imyaka » (raba Abagalatiya 4:10-11). Paulo ntiyarwanya ivyo ariko yarwanya ingene
babiziririza.

Nk’igihushane, soma abagalatiya 5:1: « Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvo.


Nuko muhagarare mushikamye, ntimukongere kuzingitirwa no gutwazwa intuntu n’ubuja ».
Gutwazwa intuntu n’ubuja ngaha ni ukwikirisha ivyagezwe (legalisme), kumvira ivyagezwe ku
bw’ubwoba bw’igihano canke kwipfuza ingabire.

Ariko Paulo arazi yuko ashobora gusunikira abantu mu murwi unyuranye wa


antinomiyanisme (ubuntu buzimbutse) kandi aravuga ati, ku murongo wa 13 na 14: « Bene Data
mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo
rw’akameremere kanyu, ariko urukundo rubatere gukorerana. Kuko ivyagezwe vyose bihurira
muri iri jambo ngo, mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda ». Paulo atera intege kumvira
ivyagezwe mu buryo bw’impwemu.

Uku ni ko Paulo asuzuma abasubiye mu vyizerwa vya kiyuda mu Bagalatiya 6:12


« Abagomba bose kwiha igikundiro mu vy’umubiri nibo babagoberera gukebwa, nta yindi
nyanduruko, n’ukugira ngo ntibahamwe bahorwa umusaraba wa Kristo ». Paulo avuga ngaha
yuko abikirisha amategeko bigisha « gukora no kudakora » kugira bashobore kwishimira ivyo
bakoze mu mashengero y’i Galatiya. Paulo avuga yuko hadakwiye kubaho kwirata igihe cose
hatariho umusaraba. Ku murongo wa 14 avuga ati: « Ariko, jeho sinkirate ikindi, atari umusaraba
w’Umwami wacu Yesu Kristo, watumye isi imbera nk’ikibambwe, nanje isi nkayibera
nk’ikibambwe ».

Avuga ibihe vya nyuma (2Timoteyo 3:1-5), asesangura kumvira ivyagezwe mu nyuguti:
« …bafise ishusho yo kubaha Imana ariko bahakana ubushobozi bwakwo ».

Nk’igihushane hariho imirongo myinshi ivuga ivyo kumvira ivyagezwe mu mpwemu.


Paulo yari umunywani yuzuye wavyo (atari mu Nyuguti). Kumvira ivyagezwe mu mpwemu
bisesangurwa mu Baroma 13:5-10. Ni ivyagezwe ubwavyo. Itandukaniro ntiriri mu vyagezwe,
riri mu wumutuma kuvyumvira. « Ntihakagire uwo mugirira umwenda utari ugukundana ». Uwo
murongo ntuvuga yuko atawogurana amahera; yavuga yuko niyo mwayaguraywe mukwiye
kuyishura. « … atari ugukundana: kuko uwukunda uwundi aba ashikije ivyagezwe ». Hanyuma
Paulo akavuga bimwe mu vyagezwe 10 bivuga imigenderanire yacu n’abandi. « Uwufise
urukundo ntagirira mugenzi wiwe nabi; nico gituma urukundo ari rwo rushitsa ivyagezwe ».
Ngaha Paulo ariko arasigura ivyagezwe mu mpwemu. Uwundi muntu yashimitse cane ku
vyagezwe mu mpwemu ni Yohana. « Kandi uwitondera ivyagezwe vyayo aguma muri We.
Kandi ikitumenyesha kw’iguma muri twebwe ni Mpwemu yaduhaye » (Yohana 3:24).

Igihe umuntu yihanye vy’ukuri Imana imuha Mpwemu wayo yera kandi Mpwemu ashira
muri we AGAPE, agape yerekeye mugenzi wiwe. Bose rero barashobora kubona urukundo
rw’Imana rwerekanywe na Mpwemu yera aba muri wewe. Ni co bisigura «urukundo rw’Imana
rwasutswe ». Mu 1Yohana 4:7, tubona inkomoko yo kumvira ivyagezwe vy’urukundo: « Abo
nkunda dukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana,
kandi az’Imana ». Hanyuma ku murongo wa 12 ati: « Nta wigeze kubona Imana. Dukundanye
Imana iguma muri twebwe (kuko yaduhaye Mpwemu wayo)…no kuyikunda kuba guhinguwe
muri twebwe ».

Mu 1 Yohana 5:3 « Kuko gukunda Imana ari uku ». Si ugusobanura kwiza mu rurimi
rw’inkomoko. Igisomwa kivuga mu vy’ukuri giti: « Iki ni icemeza yuko mufise urukundo
rw’Imana ». « Twitondera ivyagezwe vyayo (menya ingingo yanyuma) kandi ivyagezwe vyayo
ntibigora » kuri abo bafise Mpwemu, mu vy’ukuri. Ivyagezwe vyayo biragoye mu mubiri.

Ng’iyi imfashanyigisho yavuye muri Afrika. Kimwe mu ngorane twari dufise muri
Afrika, kwari ugutanga ikigira cumi. Na hano twarahuye nayo, ariko hariya ho vyari biteye
ubwoba. Ingorane n’uko abanyafirika benshi, na cane cane abakuze, ntibatahuye ubutumwa
bwiza. Bafata gutanga ikigira cumi nk’uburyo bwo kuriha itike yo kuja mw’ijuru no kugira ngo
baronke imigisha y’Imana.

Malaki 3, havuga ngo: “nzobagomororera ingomero zo mw’ijuru”. Akaranga


k’umunyafrika ni ugucirirana ku buryo babwira Imana bati: “Ndatahura yuko ukeneye 10%
c’ivyo ndonka, ariko umenga birarenze”. Baracirirana n’Imana bavuga bati: “Ndazi yuko abo
bamisiyonari baronka ibifaranga vyinshi kandi bashobora kubikora, ariko jewe, sinobishobora.
Urazi ko wampezagije abana 10 kandi ntegerezwa kubigisha; naho igiciro c’amashure caraduze,
n’igiciro c’indya nuko. Ndakwinginze, Mwami sinoguha 10%. Ndazi k’uri n’urukundo kandi ko
utahura ingorane zanje. Ndabishima kandi ndashaka kuriha ikigira cumi. Akira amakuta atanu
(icakane c’ifaranga)”. Batanga amakuta atanu. Bose baratanga ikigiracumi, ariko batanga ibice
bitanu gusa.

Ikindi amashengero akenye yo muri Afrika arasaba imfashanyo muri Amerika kandi
turarungika uburyo bwo gufasha ishengero ryo hiyo. Ukwo gucirirana ntigukorwa na bose ariko
benshi batanga ikigiracumi muri ubwo buryo. Ayo twaronka muri afrika y’ikigira cumi ku
mwaka yaba hafi amadorare 100 y’abanyamerika. Ariko n’idorare rimwe ku mwaka mu bice
bimerewe neza, n’igice c’idorari mu bice bigowe. Baratanga ibigira cumi vyose ariko mu
gucirirana. Asangwa Imana itegerezwa gutanga agakiza ku buntu, bazovuga bati « singikeneye
gutanga ikigira cumi ».

Dufatiye kuri iyo mfashanyigisho, tubona yuko ivyagezwe bicika umutwaro kuri abo
bavyumvira mu nyuguti, ariko umukristo w’ukuri anezererwa ivyagezwe vy’Imana. Kuri we, ni
kintu gihimbaye. Arakunda kuvyumvira. Igihe naho umubiri umugwishije, aca yiyanka ubwiwe
ati: « Ewe jewe ndagowe ! Ni nde yonkiza umubiri untera urupfu ? Nezererwa ivyagezwe
vy’Imana mu mutima wanje ». Kristo arishura ati: «Jewe gusa, ndashobora kugucungura
umubiri ».

Ni mwibuke yuko Ivyahishuwe 14:12, igihe bivuze ngo bitondera ivyagezwe vy’Imana »,
ivyo bivuga aberekana urukundo rw’Imana. Muri Matayo 22, umusore yaje kuraba Yesu maze
aramubaza ati : « Ibwirizwa risumba ayandi yose mu vyagezwe ni irihe? » Yesu ntiyishuye
ati: « Isabato », « kutica », canke ikindi cose kimeze gutyo.

Ibwirizwa rikuru ni ugukunda Imana kandi irya kabiri ni ugukunda mugenzawe nk’uko
wikunda. Yavuze ati: kuri ayo mabwirizwa yompi (ni rimwe mu bisanzwe) ivyagezwe vyose
n’amajambo y’abavugishwa n’Imana niyo vyenenako. Twibuke yuko kumvira ivyagezwe, ni
icamwa ca Mpwemu yera aba mu mwizera yatsindanishirijwe kubwo kwizera.

Hinge twihweze icamwa ca gatatu ubu naho. Ntibitondera ivyagezwe vy’Imana gusa,
ariko kandi bafise kwizera kwa Yesu. Iryungane risa n’iryo riri mu vyahishuwe 12:17 “Bitondera
ivyagezwe n’Imana”, ariko umugabane wa 2 w’uwo murongo wongerako ati: “Bafise ibishingira
Yesu intahe”. Mu bisanzwe bahuza ibishingira Yesu intahe na mpwemu y’ubuhanuzi bishimikije
ivyahishuwe 19:10. Ariko rero hariho iyindi mirongo yerekana ico arico ingabire y’ubuhanuzi.
Dukwiye kwiyubara mu gukoresha ivyahishuwe 19:10 mu gihe cavyo. Ngaha ibishingira Yesu
intahe bingana no kugira Kwizera kwa Yesu, kuko ivyo bibiri bivugwa vyose mu buryo buhuye.

Ivyahishuwe 19:10 havuga hati: “Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe (twibuke
yuko Yohana yikubise imbere y’ibirenge vy’umumarayika) no kumusenga (dusenga Imana
gusa); ariko arambwira ati: oya sigaho; ndi umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene
so bafise ivyo gushingira Yesu intahe: Imana abe ariyo usenga! (Ntusenge jewe sinkwiye
gusengwa, senga Imana). Kuko ibishingira Yesu intahe, ni Mpwemu y’ubuhanuzi”. Hari Bibiliya
nyinshi zasiguwe zerekana insiguro y’itsitso ry’ikigiriki.

Gutyo rero:

 “Abashingira Yesu intahe baba bahumekewe nk’abavugishwa” (New Engish


Bible).

 “Gushingira intahe Yesu bisaba guhumekerwa nk’abahanuzi” (Tyndale Bible).


 “Kuko ukuri kwahishuwe muri Yesu, ni uguhumekerwa n’ubuhanuzi bwose”
(Wey mouth Bible).
 “Kuko ukuri Yesu yahishuye ari kwo guhumekera abahanuzi” (Today’s Enghish
version).
 “N’ukuri ku biraba Yesu guhumekera abahanuzi bose” (Good speed Bible).

Ubwo buhanuzi buvuga mu vy’ukuri yuko gushingira intahe Yesu, ni ubuzima


bugenzurwa na Mpwemu yera, nk’uko vyagenze mu buzima bw’abahanuzi. Abavugishwa bari
abagabo n’abagore bagenzurwa n’Imana, nico gituma ataco wobagaya. Bari biteguye guhangana
n’ababarwanya ubwabo. Umuhanuzi Yeremiya, Elisa na Yesaya bari abagabo bahagarariye
ukuri, naho ijuru ryari kugwa. Ni muri iyo nsiguro Ivyahishuwe 14:12 havuga hati: “Abafise
kwizera kwa Yesu”.
Kristo yarahamwe n’abayuda. Yiyumvisemwo ko yaretswe n’Imana ku musaraba, ariko
abandanya kwihangana mu kwizera gushika kw’iherezo. Ni kubwo kwizera yabaye Umuneshi.
Ni co bisigura kugira kwizera kwa Yesu. Ivyo bisigura gushobora guhagararira ukuri kuko
mugenzurwa na Mpwemu w’Imana, nk’uko yagenzura abahanuzi. Imana izotegura ubwoko
buzogenzurwa na Mpwemu bazokwihangana naho boshikirwa n’ibirenze urugero. Bazoba bafise
kwihangana, bazokwerekana imico ya Kristo. Ntibazokwihora, bazokunda kandi bahagarare
bashikamye mu kuri. Maze Imana izovuga kuri bo iti: “Ng’ubu ubwoko bwanje”.

Igihe abana b’Imana bazogeragezwa nk’uko Kristo yageragejwe, bazokwerekana


ubushobozi bw’ubutumwa bwiza. Satani ni yamara kunanirwa vyonyene, mu kugerageza
guhindura aho bahagaze ngo abakure mu bwizigirwa, azoshavura, arenge amasezerano (yo
kutabica) hanyuma hatangazwe itegeko ryo kubica. Ariko Imana izobatabara kandi izovuga iti:
“Oya”. Imana irazi kandi yuko hariho ibiremwa, nk’abana n’abashaza batazoshobora
kuvyihanganira. Ivyahishuwe 14:13 bivuga kandi biti: “Numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira
kandi riti: Andika, ut’uhereye ubu hahirwa abapfa bapfira mu Mwami! Kandi Mpwemu aravuga,
ati Egome, ngo baruhuke ubutame bwabo kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye”.

Bamwe bashobora kuzoruhuka, ariko icipfuzo cacu gihambaye ntikizoba ico kuruhuka
ariko ico guhagararira ubutware bw’Imana. Mu gihe c’umubabaro tuzonezerwa no kubabazwa,
atari mu kwinezereza, ariko kuko tuzoba dushaka ko Kristo aregurwa. Ubutumwa bwiza bwiwe
buzobikora. Ubutumwa bwiza bwiwe burashobora kuvyara ubwoko buzoshobora kwihanganira
ubushobozi bwose bwa Satani n’ubw’abamarayika biwe babi?

Inyishu nuko Imana ishobora gutegura ubwo bwoko. Inyishu y’Imana ku kibazo: “Ni nde
ashobora guhagarara?” ni “Ngaba”. Imana izobwira abamarayika bayo iti: “Ni mugumye
imiyaga y’intambara kugeza maze kubashirako ikimenyetso”. Ashira ikimenyetso ku kwizera
kwacu ku buryo gucika ntabanduka. “Kandi umugororotsi azobeshwaho no kwizera”.

Imana iduhezagire kugira dushobore kuba muri uwo murwi uzokwerekana ubushobozi
bw’ubutumwa bwiza ari nabo Imana izobwira iti: “Murakoze kunyemerera ngo ndabakoreshe
mu kumurikira isi n’ubwiza bwanje!” Ni vyashika ntitube muri uwo murwi, ntidukwiye
guhagarika umutima. Ntituzorandurwa. Tuzoja kuruhuka gushittsa Yesu agarutse.
IGICE CA 6: AMAYIMBURA ABIRI Y’UBUTUMWA BUTATU

Ivyahishuwe 14:14-20.

Iki gice ca nyuma cerekana amayimbura abiri y’ubutumwa butatu bwo mu vyahishuwe
14:6-20. Igihe ubwo butumwa buzoba bumaze kuvugwa mu mahanga yose, n’imiryango yose,
n’indimi zose, n’amoko yose; igihe buzoba buhejeje igikorwa cabwo kw’isi yose, isi yose
izogaburwamwo imirwi ibiri. Ntiwoshobora kubwumva, kubwakira hanyuma ukaguma uko
umeze. Ikiremwa muntu cose kizotegerezwa guhitamwo kuja canke kutaja ku ruhande rwa
Kristo.

Iyo mirwi ibiri izoba igizwe n’abizera ku ruhande rumwe, n’abatizera ku rundi ruhande.
Iyo mirwi ibiri izoba yarashitse mu bigero, umwe mu kwizera uwundi mu kutizera. Ni co gituma
abazoba bariho bazoshirwako ikimenyetso. Abazoba bashitse mu bigero mu nurwi w’abizera
bazoshirwako ikimenyetso c’Imana, mu gihe abazoba bashitse mu bigero mu kutizera
bazoshirwako ikimenyetso c’igikoko. Igihe kurunguriza kuzoshikwako, kizoba rero ari igihe
c’iyimbura.

Amayimbura abiri avugwa muri ico gisomwa c’ivyanditswe: iyimbura ry’abizera


n’iry’abatizera. Umurongo wavuzwe ntutandukanya amayimbura abiri, ariko tuvumbura mu
gusoma ibindi bisomwa yuko atandukanye igihe azobera. Iyimbura ry’abizera rizoba mu
kugaruka kwa kabiri kwa Kristo ariko iyimbura ry’abatizera rizoba kw’iherezo ry’imyaka 1000.
Kuko Imana ibaho ibihe bidashira, igihe ni ikintu ataco gitwaye. Kuri Yo, “imyaka 1000 ni
nk’umusi umwe”, ni “nko gukubita urugohe”; uko niko biri mu bijanye no guhoraho kw’Imana.

Ivyahishuwe 14:14-16 bivuga biti: “Kandi mbona igicu cera; no kuri kino gicu
ukivyagiyeko, asa n’Umwana w’umuntu, yambaye igitsibo c’izahabu mu mutwe, kandi afise
umuhoro ukarishe mu kuboko. Umumarayika wundi ava mu rusengero, asemerera n’ijwi rirenga,
abwira uvyagiye kuri ico gicu, ati ni urungike umuhoro wawe, wimbure, kuko iyimbura rishitse,
kandi ivyimburwa vy’isi vyumye (vyashikanywe ku rugero). Uvyagiye ku gicu arekurira
umuhoro wiwe mw’isi, isi irimburwa”. Iryo ni iyimbura rya mbere.

Iyimbura rya kabiri turisanga mu Vyahishuwe 14:17-20: “Umumarayika wundi ava muri
rwa rusengero rwo mw’ijuru, nawe nyene afise umuhoro ukarishe. Umumarayika wundi ava ku
gicaniro, ni we aganza umuriro, asemerera n’ijwi rirenga, abarira ufise umuhoro ukarishe, ati
rungika umuhoro wawe ukarishe, uce inzabibu zo ku muzabibu w’isi, kuko inzabibu zawo
zirungurije. Umumarayika arekurira umuhoro wiwe mw’isi, azitemera mu bwato bunini
bw’uburake bw’Imana. Ubwo bwato buganishirizwamwo ibirenge inyuma ya ca gisagara,
amaraso ava mu bwato ashitsa sitadiyo 1600, agera ku mijiginya y’amafarasi”.

Intumero y’ubutumwa bw’abamarayika batatu n’iyo gutangariza isi imburi ya nyuma,


yuzuye kandi inengesereye y’ubutumwa bwiza. Ubwo butumwa ntibuzosubira inyuma ataco
bukoze, buzovyara umwimbu. Muri Matayo 24:14, Yesu yavugishijwe ivy’ukugaruka kwiwe
ubwa kabiri muri aya majambo: “Kandi ubu butumwa bwiza bw’ubwami buzovugwa mw’isi
yose ngo bube ikimenyetso kibera icabona amahanga, maze umuhero uzoca uza”. Ni co kimwe
no kuvuga ati: ubu butumwa bwiza buzovugwa buzoba ari ubutumwa bwiza butazoshira,
ubutumwa bw’abamarayika batatu.

Umugani uhuye mu buryo bwimbitse n’amajambo yo mu butumwa bw’abamarayika


batatu uri muri Matayo 13:24-30: “Ubwami bwo mw’ijuru busa n’umuntu yabivye imbuto mu
ndimiro yiwe. Abantu basinziriye, haza umwansi wiwe abiba urwamfu mu buro hagati, arigira.
Bumaze gusesa no kuyangika, urwamfu ruca ruraboneka. Abashumba ba nyene urugo baraza
baramubaza, bati: mbega mutungwa, ntiwabivye imbuto nziza mu ndimiro yawe? None urwamfu
rwavuye hehe? Nawe ati: ni umuntu w’umwansi yagize atyo. Ba bashumba baramubaza, bati
none uragomba ko tugenda tukarutororokanya? At’oyaye, kumbure mu kurandura urwamfu
mworandurana n’uburo. Mureke bikurane vyose gushika mw’igenya. Maze mu gihe c’igenya
nzobwira abagendanyi banje, nti ni mubanze mutororokanye urwamfu, muruhambire imikama,
muruturire; ariko uburo mubwimurire mu kigega canje”.

Ni umugani yaciye, ariko dusoma ku murongo wa 36-40 ati: “Maze asezera ishengero,
yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baza kuri We, bati dusobanurire umugani w’urwamfu mu
ndimiro. Nawe arabishura ati ubiba imbuto nziza ni umwana w’umuntu. Indimiro ni isi. Imbuto
nziza nibo bana b’ubwami. Urwamfu ni abana ba wa mubi. Umwansi yarubivye ni wa
murwanizi. Igenya ni umuhero w’isi. Abagenyi ni abamarayika. Nk’uko urwamfu
rutororokanywa rugaturirwa mu muriro, ni ko bizoba ku muhero w’isi”. Ngaha tuhabona
iciyumviro c’amayimbura abiri kw’ari umuhero w’isi.

Igihe ubutumwa bwiza buzovugwa, ubutumwa bw’abamarayika batatu bwemeza ku


mugaragaro ko buzogabura abantu bose mu mirwi ibiri, kandi nico gituma tudakwiye gufata
minenerwe ubwo butumwa. Mu 2Ab’i Korinto 4:3-4, dusoma ngo: “Ariko namba ubutumwa
bwiza twahawe butwikirwa, butwikirirwa abahona, nibo batizera bamwe imana y’iki gihe
yahumye imitima, ng’umuco ntubakire w’ubutumwa bwiza bwa Kristo, niwe shusho y’Imana”.
Satani agerageza guhuma amaso abumva ubutumwa bwiza.

Ubutumwa bwiza buzovurwa hose mw’isi. Umuntu wese azobwumva, ariko si abantu
bose bazobwemera. Ni ngirakamaro cane ko twiyubara kuko satani azotwegera akoresheje
uburyo bwose bw’ubwenge n’amajambo y’abantu maze azotubwira ati : « Ntimube abasazi ! »
Ariko mwibuke cane yuko twegereje iyimbura ry’isi.

Tumenye ngaha yuko igihe Kristo azogaruka (ivyahishuwe14 :14), ntazoza azanywe


n’ingorane y’icaha ariko aje kujana abiwe mw’ijuru. Abaheburayo 9 :28 habisigura gutya : « …
Kristo yamaze gutangwa rimwe ngo yishireko ivyaha vya benshi, azoboneka ubwa kabiri
atazanywe n’ivyaha abonekere gukiza abamwiteze. Yaramaze gutorera umuti ingorane y’icaha
mu gikorwa ciwe kw’isi, biciye mu kubaho kwiwe no mu rupfu rwiwe. Mu yandi majambo
yaronse agakiza kuzuye kandi gasesekaye biciye mu vyo yakoreye kw’isi. Nta citwazo na kimwe
ku wo ari we wese yozimira. Ico umuntu cose akeneye gukora ni ugutahura ubutumwa bwiza no
kubwemera. Gutyo rero, igihe azogarukira, ntazokiza umuntu kuko yaramaze kubikora, ariko
azoza azaniye impera abamwizeye.

Hari ingorane dukwiye guhangana igihe dushingira intahe ubutumwa bwiza. Bibiriya
yigisha yuko urubanza rugenzura rwabayeho imbere yo kugaruka kwa Kristo. Igihe Kristo
azozira, ntazoza nk’umuhuza. Azoza nk’Umwami w’ubwiza yambaye igitsibo mu mutwe. Gutyo
rero, tuvuze yuko urubanza rw’abizera ruzoba Kristo amaze kugaruka, uko bamwe bavyizera,
ikibazo gica kivyuka ni ukumenya umuvugizi mu rubanza. Kuko Kristo yaheraheje vyose ku
ngorane y’icaha. Igihe azozira, urubanza rw’umwe wese ruzoba rwaheze mw’ijuru: “Ugabitanya
n’ashishikare agabitanye; uwanduye mu mutima n’ashishikare yandure, ugororotse n’ashishikare
agororoke, uwera n’ashishikare yezwe. Ehe ndaza vuba!” (Ivyahishuwe 22:11).

Imirwi ibiri izoba yamaze gushirwako ikimenyetso: umwe ikimenyetso c’Imana uwundi
ikimenyetso c’igikoko. Ni co gituma Kristo atazoza kugira ngo atange amahirwe ya kabiri, canke
ngo acire urubanza abizera, nk’uko bamwe bavyigisha. Uruhande rw’abizera rwaraheze kandi
rwarashinzwe. Ubu nico gihe cacu co kwemera ubutumwa bwiza. Imana nta yandi mahirwe
izoha abayuda canke abanyamahanga kuko amahirwe yanyuma yaratanzwe mu butumwa
bw’abamarayika batatu aribwo muhamagaro wa nyuma w’Imana”.

“Ubwo bwato buganishirizwamwo ibirenge inyuma ya ca gisagara” (Ivyahishuwe 14:20).


Ico gisagara ni Yerusalemu nsha yururuka iva mw’Ijuru. Ivyahishuwe21:2-8 hatudondera ivy’ico
gisagara: “Mbona umurwa wera Yerusalemu musha, wururuka uva mw’ijuru ku Mana, witeguye
nk’uko umugeni asharirizwa umugabo wiwe. Numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe, rit’Ehe
ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu bayo, kandi izogerera hagati muri bo, nabo bazoba bantu
bayo, kandi Imana ubwayo izobana nabo, izoba Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso
yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, kandi amaborogo no gutaka n’uburibwe ntibizoba
bikiriho: kukw ivya mbere bishize. Menya ibizoba kw’iherezo ry’imaka 1000. Ivyagira kuri ya
ntebe (Kristo) iravuga, iti Raba vyose ndabihindura bisha. Kandi iti andika, kukw’ayo majambo
ari ayo kwizerwa n’ay’ukuri. Kandi Irambarira iti Karabaye. Ndi Alufa na Omega, itanguriro
n’iherezo. Ufise inyota nzomuha kunywa kw’isoko y’amazi y’ubugingo ku buntu. Unesha
azoragwa ivyo, nanje nzoba Imana yiwe, nawe azoba umwana wanje. Ariko ibijora n’abatizera
n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose,
umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri”.

Aha naho kandi tuhabona imirwi ibiri; abizera mu ruhande rumwe, abashizweko
ikimenyetso co kugororoka kwa Kristo, n’abatizera mu rundi ruhande, bafise ikimenyetso
c’igikoko. Aha turakwiye kwihweza ibintu bimwe bimwe. Umwansi ni isi, ariko si abakristo bo
mu yandi madini.

Igihe ubutumwa buzoba bumaze gukora igikorwa cabwo, buzokuraho ibitandukanya


abakristo. Hazoba kwizera kumwe, n’umubatizo umwe, n’isabato imwe. Uyu munsi, hari
amadidane kandi dukeneye kubanza gutahura isano riri hagati y’Isabato n’ubutumwa bwiza.
Isabato ni ikimenyetso c’inyuma c’uko turuhukiye mu Mwami w’isabato ariwe kugororoka
kwacu. Ni We vyose kuri twebwe.

Isabato ihinduka ikimenyetso ca « Si jewe, ariko ni Kristo » nayo Dimanche ihinduka
ikimenyetso c’umuntu. Iyo minsi ibiri ni iminsi yo kuruhuka, ariko Isabato ni ikimenyetso
c’Imana yakoze mu misi itandatu ikaruhuka ku munsi w’indwi. Kristo yakoze imyaka 33
hanyuma aruhuka Isabato amaze kuvuga ku musaraba ati: « vyose birarangiye ». Ariko ubu
twinjira mu kiruhuko cayo. Dimanche yatangujwe n’umuntu nk’umusi w’ikiruhuko. Menya yuko
igihe umuntu aruhutse dimanche, si ukubera yuko igikorwa ciwe gitunganye, ariko n’uko ashaka
ikiruhuko. Ashaka guhagarara kandi akaraba ivyo yakoze, naho yoba adatunganye.

Isabato izogereranya gutsindanishirizwa kubwo kwizera nayo dimanche izogereranya


agakiza kubw’ibikorwa. Ni uburyo bubiri buhanganye nk’uko vyerekanwa n’Isezerano risha
ryose. Tumenye neza uruhande duhagazemwo kuko satani ni umunyabugunge cane. Akarorero
k’umurwi waguye mu mutego wa satani igihe bizera yuko bari mu ruhande rw’Imana ni
Abaroma 10:2-3 : « Ndabashingira intahe yuko bafise ishaka ry’Imana, ariko si mu buryo
bw’ubwenge. Ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka
kwabo ubwabo, ntibaganjwe n’ukuva ku Mana. Kuko Kristo ariwe ivyagezwe bishikirako,
kugira ngo aheshe uwizera wese ukugororoka ».

Kugira ngo tumenye ico Paulo yashaka kuvuga akoresheje « ukugororoka kw’Imana »,
dusome Abaroma 1:16-17, aho atanga intangamarara mu civugo c’ikete ryiwe: « Kuk’ubutumwa
bwiza butantera isoni, ari ubushobozi bw’Imana buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku
muyuda ugashitsa ku mugiriki. Kuko muri bwo ariho kugororoka kuva ku Mana guhishurirwa,
guheshwa no kwizera kukagwiza ukwizera, nk’uko vyanditswe, ngo umugororotsi wanje
azobeshwaho no kwizera ».

Tugaruke mu Baroma 10:3 aho tubona yuko abayuda birengagije ukugororoka kw’Imana.
Ijambo « kwirengagiza » rishobora kudutera amadidane. Ntibari abantu batamenye ukuri, ariko
kubera yuko banse kukwemera. Ikindi kandi mu Baroma 10:19: « Ariko ndabaza: Mbega
ntibabimenye abisirayeli? (Bari bazi ubutumwa bwiza). Mose ni we yabanje kuvuga, ati
Nzobateza ishari abatari ihanga ry’ukuri, nzobarakisha ihanga ry’imbura bwenge. Kandi Yesaya
ashira amanga cane, aravuga, ati Nabonywe n’abatandondeye, neretswe abatambaririkije. (Ibi
vyashaka kuvuga abanyamahanga. Ntibwashobora kuza kuri bo ubwa mbere ariko
barabwemeye). Ariko ku biraba abisirayeli avug’ati: Nirirwa ntegeye amaboko ubwoko butumva
butongana ».

Mu Baroma 10:3, tubona yuko ukutamenya kwabo ntikuva kukubura ubumenyi.


Babikoze n’ibigirankana bavuga bati: « Ntidushaka kubimenya ». Ni vyo Paulo avuga ngaha:
« Ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera bakarondera kwishingira ukugororoka
kwabo ubwabo, ntibaganjwe n’ukuva ku Mana ». Nta buryo bubiri buriho bwo kugororoka.
Ntidushobora kuvuga tuti: « Jewe wongeyeko Kristo ». Haba mu gutsindanishirizwa canke mu
kwezwa, dutegerezwa imisi yose kuronka kugororoka kwa Kristo. Abaroma 10:3 ni insiguro
y’Abaroma 9:30-33.

« None tuvuge iki? Enda tuvuge yuko abanyamahanga batakurikiye ivyagezwe vyo
kugororoka bashitse ku kugororoka, ni ko kugororoka kuva ku kwizera… » (Roma 9:30).
Dushobora kwerekeza ivyo mu gihe cacu. Igihe ubutumwa bw’abamarayika batatu buzokora
igikorwa cabwo, bizoshika yuko abantu bava mw’isi bakinjira mw’ishengero baba benshi cane
kurusha abahora mw’Ishengero rya Kristo.

Uyu musi 80% y’abantu baba kw’isi yose si abakristo. Icubahiro ca Kristo, ubushobozi
bw’ubutumwa bwiza buzobakorako. Ni co gitumwa igikorwa c’ubutumwa bw’abamarayika
batatu kitarakwira kw’isi yose. Igituma n’uko twebwe, ubwoko bw’Imana yatumye,
twarananiwe. Twibuke yuko ivyashikiye Isirayeli bishobora gushikira ishengero rya gikristo,
bigatuma igitigiri kinini c’abazoshirwako ikimenyetso gishobora kuva mw’isi aho kuva
mw’ishengero rya gikristo. Abayuda bari bashimitse mu vyiyumviro vyabo gushika naho Kristo
yaje akiyamiriza inyigisho zabo, maze baramwanse.

Abantu bafise ingorane nyinshi zo kutemera ubutumwa bwiza bwo gutsindanishirizwa


kubwo kwizera n’aho basanzwe ari abakristo, ku buryo bwihariye, iyo binjiye cane mu buryo
ubwo ari bwo bwose bwo kwikirisha ivyagezwe (legalisme). Twibuke yuko ivyo Paulo avuga
ngaha bishobora kuturaba kuko tutabikingiwe. Abaroma 9:31 havuga ngo : « Ariko abisirayeli
bakurikiye ivyagezwe vyo kugororoka, ntibabishikako. » Biyumvira yuko bakurikira Imana
kandi ko bayikorera. Tubona icatumye bananirwa mu Baroma 9:32 « Ni kuki ? N’uko
batabironderesheje ukwizera, yamara babironderesheje ibikorwa nk’ivyobibahesha, batsitara kuri
rya buye ritsitaza. »

Mushobora kuvuga muti : « Paulo yararenza urugero ». Ariko muri Yahana 8 :41, tubona
uwundi yari ashimitse cane kurusha Paulo ku bayuda kandi ni Kristo. Mu mugabane wa nyuma
w’umurongo wa 41, abarongozi b’abayuda babwiye Kristo bati: « Twebwe ntituri ibivyarwa;
dufise Data umwe ni Imana. » Ni vyo bemeza, ariko mu mirongo ya 42-44, Yesu avuga ati: « Iyo
Imana iba ari yo so, muba munkunda, kuko jewe naje mvuye ku Mana, sinaje nitumye, ariko
niyo yantumye. Ni igiki gituma mutamenya imvugo yanje ? Nuko mudashobora kumvira ijambo
ryanje. Muri aba so wa murwanizi kandi ivyo so yipfuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye
ubwa mbere na mbere ari umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kuko ata kuri kuri muri we.
Iyo avuga ibinyoma avuga ivyiwe kuko ariwe se wa vyo.”

Turiho mu gihe gikomeye ca kahise k’isi. Ubwo butumwa buzogabanya isi mu mirwi
ibiri, itarenga. Si isi gusa izogaburwa ariko n’ishengero naryo. Abantu benshi “bashimitse” nabo
bazojamwo, twibuke yuko gushimika ntigutwara mu kuri. Paulo avuga ku bayuda ati: “Bafise
ishaka ry’Imana”; bari bashimitse cane ariko uko gushimika ntikwarigukwiye. Dukwiye
kumenya ukuri kandi ukuri kuzoduha ukwidegemvya. Dutegerezwa kuguma “muri Kristo”
asangwa tugomba gucungurwa, no gushirwako ikimenyetso c’Imana. Turiho mu bihe bihambaye
kandi twegereje amayimbura abiri.

Mu Baroma 10:2-3, tuhabona ugushira amanga kw’umuntu yari mu ruhande rubi, yari
afise ishaka ry’Imana ariko yatoye ikosa ryiwe. Kandi yagize umwete wo kuvuga ati: “Ndi mu
makosa kandi nzohindura”. Paulo, avuga ivy’inyifato yiwe imbere yo guhinduka, mu Bafilipi
3:6, havuga ibintu bibiri: “Ku bw’ishaka (iryo jambo nyene ryakoreshejwe mu baroma 10 kuri
bagenzi biwe b’abayuda), nahama Ishengero”. Igihe Paulo yahama Ishengero, yibaza yuko
yariko akorera Imana. Ni co gituma ahandi yavuze ati: “Nabikora ntabizi. Sinabitahura”. Nari
« inyankamugayo kuvyo kugororoka kuva ku vyagezwe ».

Ng’uyu umuntu rero, yari afise ishaka ry’Imana, yiyumvira kw’akwiye ijuru kuko yari
agororotse mu butwari bwiwe. « Ariko ivyahora bimbera inyungu ndavyiyumvira kw’ari
ubuhombe kubwa Kristo ». Umusi umwe Kristo ahagarika Paulo ari mu nzira ariko aja i
Damasiko kandi amubwira ati: « Nturiko ukorera Imana. Uriko urangwanya! » Mbega
uguhangana kw’umuntu nka Paulo! Igihe yumva ukwo kuri, yavuze ati: « Niteguriye guheba
ivyo niyumvira vyose ko ari inyungu kugira ngo ndoke Kristo ». Ng’iyi « Si jewe, ariko ni
Kristo ».

Ariko rero yongerako ati: « Eka mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw’ari ubuhombe,
kuko ikibirengeye, ni co kumenya Yesu Kristo Umwami wanje. Kubw’uwo nahomvye ibintu
vyose, ndavyiyunvira kw’ari ishano, kugira ngo ndonke Kristo, kandi mboneke ndi muri we,
ntafise ukwanje kugororoka, kumwe kuva ku vyagezwe, ariko mfise kumwe kuzanwa no kwizera
Kristo, nikwo kugororoka kuva ku Mana, guhabwa uwizeye. »

Ndasaba ngo iyo abe ari yo ngendo yacu duhitamwo twese, kugira ngo dushobore
kuzosangwa muri Kristo. Ivyo bishobora kuba kubabazwa no kurenganywa. Ariko igihe
iyimbura rizoshika Kristo agarutse, tuzoba mu bazovuga bati: « Ishimwe no guhimbazwa, ewe
Mana yacu twari turindiriye cane iki gihe! ».

You might also like