Professional Documents
Culture Documents
Ubutumwa Bw'Abamarayika Batatu
Ubutumwa Bw'Abamarayika Batatu
BW’ABAMARAYIKA
BATATU
Canditswe na Pasitori Jack SEQUEIRA
Ivyahishuwe 14:6-12
Imana igomba ubwoko ishobora gushirako ikimenyetso kugira ngo ishobore kubwereka
isi maze ivuge iti: “Ng’ubu ubwoko bwanje”. Abashizweko ikimenyetso ni 144 000 kandi
ubutumwa butegura ubwo bwoko ni ubutumwa bw’abamaarayika batatu. Turaca ku mayange ico
ubwo butumwa buvuga hanyuma tuzobwihweza ido n’ido mu vyigwa bizokurikira.
Ijambo “budashira” rishaka kuvuga yuko ari ubutumwa bw’Imana kuva mu bihe
bidashira. Bigomba gusigura yuko Imana ifise uburyo bumwe bwo gukiza umuntu, yoba
yabayeho mu gihe c’Isezerano rya kera canke Irisha, yoba umuyuda canke umunyamahanga.
Imana ni imwe kandi n’uburyo bwo gukiza ni bumwe. Hari uburyo bwinshi mw’isi, na Bibiliya
ubwayo ivuga bwinshi, ariko hariho uburyo bumwe rudende bw’ukuri.
Ibisomwa bimwe bimwe birerekana ingene Imana yihariye kuri ico kintu. Tuzotangurira
mu 2Ab’i Korinto 2:11: “…Kugira ngo satani ntaronke ico adutsindisha, kuko tutayobewe
imigabo yiwe”. Abakristo b’i Korinto bari abagiriki, benshi muri bo, abahinga b’ivyiyumviro
bafise ivyiyumviro vy’ubwoko bwose.
Paulo yari arajwe ishinga n’ubutumwa bwiza basigurirwa ndetse n’ingorane bashobora
kuzimiriramwo. Havugwa mu 2Ab’i Korinto 11:3-4 ati: “Ariko ndiyubara yuko, nk’uko ya
nzoka yahendesheje Eva kwiyorosha kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa,
mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo. Kuko iyo hagize uza i wanyu akababarira
Yesu wundi, tutababariye canke iyo mwakiriye iyindi mpwemu mutakiriye, canke ubundi
butumwa mutemeye, we muramwihanganira neza!” Paulo avuga mu bisanzwe ati: “biroroshe
cane yuko mwohendwa kandi ivyo birampagaritse umutima”.
Ikete rya mbere rikaze rya Paulo mu yo yanditse yose n’iryo yandikiye abagalatiya kuko
ata kindi yakora ngaha atari ukugabisha, ariko yakankamiye ishengero ryari ryihenze. Mu
vy’ukuri yari ahagaritse umutima. Atanguza intangmarara ndende ariko muri ikigihe co, iyo
ntangamarara ni ngufi cane. Aravuga ati: “Singomba gukoresha amajabo menshi. Notangurira
kubamenyesha ikindaje ishinga”. Dushobora kubona icari kimuraje ishinga mu Bagalatiya 1:6, 8:
“Ndatangaye yuko muriko murareka mutyo iyabahamagaye kubw’ubuntu bwa Kristo, mukemera
ubutumwa bunyuranye n’ubwo. Paulo ariko aravuga ati: “Mwagerereye kure y’ubutumwa
bwiza”. “Ariko naho yoba ari twebwe canke umumarayika avuye mw’ijuru, ababarira ubutumwa
bunyuranye n’ubwo twababariye, arakavumwa”.
Insiguro zimwe zivuga ziti: “Ubutumwa bwiza Imana yashinze mu bihe bidashira”, ariyo
nsiguro nziza y’ikigiriki. Dusoma insiguro ishigikira mu buryo butomoye ico ciyumviro.
Abanyefeso 1:4: “Muri We (Kristo) Imana yadutoranije itanguriro ry’isi ritarashirwaho”. Imana
yashinze icungurwa ryacu kuva ku kuremwa kw’isi. Ivyahishuwe 13:8: “Kandi ababa mw’isi
bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama
yatanzweko ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi”. Imana yateguye agakiza kacu muri Kristo
kandi Kristo yatanzweko ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi. Ubwo nibwo butumwa
butazoshira Imana yageze imbere yo kuremwa kw’isi kandi bushirwa mu ngiro mu Mwana
Wayo Yesu Kristo.
Mu Vyahishuwe 14:6, batubwira umumarayika afise ubutumwa bwiza butazoshira bwo
kubarira “ababa kw’isi n’amahanga yose, n’imiryongo yose, n’indimi zose, n’amoko yose”.
Ubutumwa butazoshira, ubutumwa bw’abamarayika batatu, ni ubutumwa buheruka bw’Imana
bwateguriwe isi iriko irononekara. Igihe ubwo butumwa buzovugwa, ijambo ryo muri Matayo
24:14 rizoshitswa: “Kandi ubu butumwa bwiza bw’ubwami buzovugwa mw’isi yose, ngo bube
ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maze umuhero uzoca uza”.
Mu 2 Petero 3:9, dusoma igituma Kristo ataragaruka yuko, Atari ukutitaho gushitsa isezerano
ryiwe nk’uko abantu babigira.
Murazi yuko uburyo bwo kubaho butandukanye n’ubwo mu buseruko bwo hagati. Umuntu
yikorera utwiwe ntazovuga na rimwe ati: “Murantunga, urutonde rw’ivyo ntegerezwa kurangura
ruruzuye, sinoshobora kubakorera ico gikorwa”. Muramubaza muti: “Muzogiheza ryari? Nari
ndabikeneye vyihuta”. Iyo musubiyeyo ku wa kabiri ukurikira, ntibaranabitangura kuko bari
bafatiriwe cane n’ivyo bariko barakora igihe mwaja ku baraba. Bakababwira ubu bati:
“Mwoshobora kurindira kandi gushika mu ndwi iza?” Maze bakabandanya kubarindiriza.
Imana ntimeze nk’abo bantu igihe ivuga iti: “Ndaza vuba”. Imana ntiteba gushitsa isezerano
ryayo. Hari imvo ituma ataragaruka. 2 Petero 3:9 hatubwira yuko ari ukubera yuko itagomba ko
hari n’umwe yohona. Imana yavuze ibisa n’ivyo igihe yabwira isi y’abapagani ndetse n’ihanga
ry’abayuda: “Ni kangahe nagerageje kubegeranya mu mababa yanje ariko mukaba
mwaravyanse? Mwampatiye guta inzu yanyu nk’umusaka, kuko muvyitumye, kandi
mubishishikaye n’ibigirankana, mwaranse ingabire nabahaye”.
Imana yamaze igihe kinni yirengagiza ukutamenya kwacu, ariko igihe ubutumwa bwiza
buvuzwe mu buryo butomoye gose, buherekezwa imisi yose n’ibimenyetso n’ibitangaza nk’uko
tubibona mu gitabo c’Ivyakozwe n’intumwa. “Bigisha Kristo n’ubushobozi bwinshi bakora
ibimenyetso n’ibitangaza”. Imana izoherekeza ubwo butumwa n’ubushobozi busa n’ubwo kuri
pentekoti ku buryo bw’uko ubuhinga bushobora kuvuga buti: “Ntibikiri mu bigereranyo, ni
icabaye: ubutumwa bwiza ni ubushobozi bw’Imana butanga agakiza”. Bose nta cireguzo na
kimwe bazogira.
Umumarayika wa kabiri ntiyongerako ubundi butumwa. Yifatanya n’umumarayika wa mbere
kandi “akongerako” (canke bakajana) bavuga bati, kirakomvomvotse Babuloni”. Babuloni
yasenyutse kubera yuko yanse ubutumwa bwiza. Babuloni yaranse ubwo butumwa bwiza kandi
yahamagariye isi yose kubwanka. Menya ico Ivyahishuwe 14:8 bivuga: “umumarayika wundi wa
kabiri akurikirako, ati kirasenyutse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose
vino niyo burake bw’ubusambanyi bwaco!”
Mu Vyahishuwe 14:9-11, umumarayika wa gatatu akurikira uwa kabiri “avuga n’ijwi rirenga
(avuga mu buryo butomoye neza) ati: Ni hagira umuntu asenga ca gikoko n’igishushanyo caco,
akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino,
niyo bureke bw’Imana yiteguye idafunguye, mu gakarabo k’uburake bwayo. Kandi
azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi.
Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira kandi ntibaruhuka ku murango no
mw’ijoro, abasenze ca gikoko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwako
ikimenyetso c’izina ryaco”.
Menya igihushane ca bamwe 144 000. Bafise ikimenyetso c’Imana mu ruhanga rwabo. Mu
vyahishuwe 14:1, abo 144 000 niko bavugwa: “kandi mbona Umwagazi w’Intama, ahagaze ku
musozi siyoni, ahagararanye n’abantu 144 000, bafise izina ryiwe n’izina rya Se yanditswe mu
ruhanga rwabo”.
Iyo mwemeye kuja mu ruhande rwa Kristo, muzoshirwako ikimenyetso c’izina ry’Imana mu
ruhanga rwanyu. Ni mwanka ubutumwa bw’abamarayika batatu, muzoshirwako ikimenyetso
c’igikoko. None rero ubutumwa bw’abamarayika batatu busigura iki?
1. Ni ubutumwa bwiza butazoshira mu bweranda bwabwo bwose;
2. Ni ubutumwa bwiza butazoshira bwejejwe ubwenge bwose bw’umuntu, n’ivyiyumviro
vyose vya kimuntu;
3. Ni ukuri gutunganye kwigishijwe n’intumwa kandi kuzosubira kwigishwa imbere
y’umuhero;
4. Butegurira ubwoko ibizoba mu minsi ya nyuma y’ubuzima bw’umuntu;
5. Ni imburi ya nyuma y’Imana kw’isi yaciriwe urubanza rwo gupfa.
Abakristo ba mbere bizera yuko kugaruka kwa Yesu kuzoba mu gihe cabo, igihe abakristo
bamwe b’i Tesalonike bareka kurima ibiraya ntibarime na kimwe. Bavuga bati: “kuki
dutegerezwa guteragira? Kristo ashobora kuza umwanya uwo ariwo wose!” Igihe babona Kristo
atagarutse, batanguye gusaba gufashwa n’abandi bakristo.
Paulo aravuga rero ubu, ivyo kugaruka kwa kabiri kwa Kristo mu 2Ab’i Tesalonike 2:1-
3: “Turabinginga, kubwo kuzoza k’Umwami wacu Yesu Kristo no kuzokoranirizwa kuriwe
kwacu, ntimushoke munyiganyiga ngo mugwe igihumura, canke ngo muhagarike imitima, naho
mwoba mubitewe n’impwemu canke n’ijambo canke n’ikete rimeze nk’irivuye kuri twebwe,
rivuga yuko umunsi w’Umwami wacu uhejeje gushika. Ntihagire umuntu abahenda mu buryo na
bumwe, kuk’utazoza kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w’umugarariji
atarahishurwa, niwe mwana wo kuranduka”. Babuloni yayoboye ishengero mu nzira itari yo.
Ivyo vyatanguye mu gihe ca Paulo kuko avuga mu 2Ab’i Tesalonike 2:7 ati: “Kuko ibanga
ry’umugararizo n’ubu ririko rirakora”.
Imana yahaye intumwa ubutumwa bwiza butunganye kandi bw’ukuri bigishije. Hanyuma
haza abigisha b’ibinyoma. 2Ab’i Tesalonike 2:4 havuga ngo: “Umurwanizi yishira hejuru
y’icitwa Imana cose canke igisengwa cose, nukw’azokwicara mu rusengero rw’Imana,
yiyerekana ngo n’Imana”. Mu yandi majambo: “Ni jewe mukwiye kurindirako agakiza”; haciye
hakurikira ubuhakanyi. Paulo avuga muri iryo kete nyene yuko ukugaruka kwa Kristo kwa kabiri
kutazobaho hatabanje kubaho kugarariza ubutumwa bwiza butazoshira. Paulo avyita ibanga
ry’umugararizo kuko mu bigaragara biboneka nka vyiza, ariko ni bibi mu vy’ukuri. Avuga
ingene ubutumwa bwiza buzogorekwa, ariko Imana ntizokwemera yuko ubutumwa bwiza
buguma bugoretse. Ni co Yesu yashaka kuvuga muri Matayo 24:14. Imbere yuko umuhero uza,
ubu butumwa bwiza bw’ubwami yategetse yuko butangazwa n’intumwa, iyo nshingano
yabahaye, izosubira kandi gushitswa ndetse ubutumwa bwiza bubwirwe isi yose. Ubutumwa bwa
Kristo igihe yari kw’isi bwari: “Ubwami bw’Imana buri hafi”.
Ndizera yuko yaduhaye ubutumwa ariko dukwiye gutahura ico buzodusaba. Turaraba
abandi tukavuga yuko bari muri Babuloni kandi ko “dufise ukuri”. Ariko rero birashoboka kandi
ko twubaka Babuloni umuntu wese ku giti ciwe. Nico gituma dukwiye gufata nka nkama
ubutumwa bw’abamarayika batatu mu buryo bwagutse.
Ubwo butumwa butazoshira bwavuzwe n’intumwa kera, butegerezwa gusubizwa itoto no
gutunganywa. Niyo ntumbero yo kwezwa ku biraba iyi si. Ikindi gikorwa kibangabanganye naco
mw’ijuru kiriko kirakorwa. Ubwo butumwa buzoba bwejejwe kandi buzotangazanywa
ubushobozi. N’ubutumwa bw’umumarayika wa kane wo mu vyahishuwe 18. Buzovugwa
butomoye kandi bose bazobutahura ndetse buzobwirwa isi yose.
Uyu musi turafise uburyo bwo gutangaza inkuru kw’isi yose, mu mihingo yose mu kanya
isase. Naratangaye cane igihe nari muri Afirika, ndetse no mw’ishamba, ahantu hadateye imbere
mu kintu na kimwe, abantu barafise amaradiyo mato mato. Barazumviriza kandi ndibuka yuko
n’igihe umukuru w’igihugu Kenedi yagandagurwa, n’abamasayi bo muri Afirika barabimenye.
Ntibari bazi uwo ariwe, ariko bamenye ko yari umukuru w’igihugu gihambaye citwa Leta Zunze
Ubumwe za Amerika gusa. Iyo nkuru yaravuzwe kw’isi yose. Nk’uko kw’ico gihe, Imana irafise
ubuhinga buzodufasha gukwiragiza ubwo butumwa mu kanya isase, ariko ingorane iriho ubu
s’iyo kubuvuga ariko n’iyo kubusubiza akaranga.
Ubuhakanyi buza buriho kandi bwatanguye mu gihe c’intumwa. Nico cari gihagaritse
umutima wa Paulo igihe yandikira ab’I Korinto ati: “Ndatinya yuko muzohava mwemera ubundi
butumwa”. Ni naco yagirije abagalatiya: “Ndi n’ubwoba yuko mwoba mwarakiriye ubutumwa
bugoretse”. Mu bagalatiya 3:1, Paulo avuga ati: “Yemwe bagalatiya b’ibijuju ni nde yabaroze,
kandi ari mwebwe mweretswe Kristo Yesu abambwe mu maso yanyu?” Ijambo ry’ikigiriki
ryakoreshejwe ryasiguwe na “b’ibijuju” risigura “igipfu”.
Paulo yakoresheje ijambo riremereye cane, ndetse twovuga yuko yahatswe kurenza
urugero, ariko abahinduye Bibiliya y’umwami Yakobo, ntibashimye gukoresha ijambo
riremereye cane bakoresheje ijambo “umukehabwenge”. “Ni nde” mw’ijambo ry’inkomoko riri
mu rudende; ariko rero abantu bari bahenze abagalatiya bari benshi, ntiyari umuntu umwe. Kuko
Paulo yaraba kure yarabona ko atoba umuntu buntu. Yashaka kuvuga isoko y’uko kugoreka nayo
yari satani. Ijambo “nde” rishaka kuvuga satani. Ni se w’ibinyoma. Ni we yahenze Eva mu
kwiyoberanya. Ni we yayobeje ishengero rya gikristo kandi ashaka natwe kutuzimiza.
“Ni nde yabaroze?” bishobora kandi gusigura ni “nde yabazimije?” Biratangaje kubona
satani azimiza abanyabwenge bahambaye. Kuba umuntu afise ubwenge bwinshi ntibimukingira
ubuhendanyi bwa satani. Dukwiye kugumana n’Imana kugira ngo ntitwihende. Abagalatiya 3:1
havuga ngo: “Yemwe bagaratiya b’ibijuju, ni nde yabaroze kugira ngo ntimwumvire ukuri?”
Menya yuko igihe Paulo avuga ukuri, yishimikiza ku kuri nk’uko kuri muri Yesu Kristo.
“Mwebwe mweretswe Yesu Kristo (mwagaragarijwe, mwashizwe imbere) nk’uwubambwe?”
Canke ati: “Nabasiguriye ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo yabambwe ariko mwahindukiriye
ibindi bintu”.
Abagalatiya 3:2 hati: “Iki conyene nico ngomba ko mumbwira: mbega Mpwemu
(isezerano ry’Imana kuri abo bizera ubutumwa bwiza) mwamuronkeshejwe n’ibikorwa
vy’ivyagezwe canke kwumva gufatanije no kwizera? (Imana yabahaye isezerano rya Mpwemu
yera kuko muri beza canke kuko mwemeye ingabire yayo?). Mbega mwakabaye muri ibijuju
mutyo? Mwatanguye mu vya Mpwemu mbega none musozereye mu vy’umubiri?” Abizera
b’Abayuda bari bemeje abagalatiya ingingo yo kwisunga mu gakiza ivuga ngo: “Kristo
wongeyeko jewe”. Bari bagerereye kure y’ubutumwa bwiza buvuga ngo: “Si jewe, ariko ni
Kristo”. Kwaba ukugororoka duharurwako kudutsindanishiriza, canke kugororoka duhabwa
kutweza, vyose biva kuri Kristo. Yesu yavuze ati: “Ntaco mushobora gukora mutamfise”.
Ikibazo n’ico kumenya asangwa Imana ishobora gutegura ubwoko bufise kwizera kwa
Kristo kukaba ntabanduka muri bo. Ubutumwa bw’abamarayika batatu n’ubwo gushirwako
ikimenyetso. Kugira ngo tubwemere dukwiye gusohoka muri Babuloni. Bitagenze uko Imana
ivuga iti: Ndatinya yuko umwanya wanyu wo kugeragezwa wohera kandi ntegerezwa gukuraho
imbabazi zanje zose. Imiyaga y’intambara ntizongera gufatwa ku bwanyu. Sinzosubira
kubashirako uburinzi bwanje kandi mutegerezwa guhura n’uburake bwuzuye bw’Imana”.
1. Icaha
2. Kugororoka
3. N’urubanza
Ngaha Yesu ntasigura icaha nko kwica ivyagezwe. Ntanabivuguruza. Kuko mu 1Yohana
3:4 havuga ngo: “umuntu wese akora icaha akora ivy’ubugarariji; kanki icaha nico mugararizo”.
Ariko arasigura icaha kizotubuza kwinjira mw’ijuru nk’icaha co kutizera. “Ivy’icaha kuko
batanyizeye”. (Yohana 16:9). Ubu ni ubutumwa bw’abamarayika batatu. Iyo tutemeye
ubutumwa bwiza tuba muri ubwo buryo dukoze icaha kitababarirwa. Imana ntishobora kuturinda
iyo ducumuye ku butumwa bwiza. Yohana 16:10 havuga ngo: “Azotwemeza ivyo kugororoka
kuko nja kwa Data”. Data yarungitse Yesu ngaha, ataje kuducirako iteka ariko ngo dukizwe
nawe. Yamubwiye kw’atazosubira mw’ijuru imbrere yo kurangiza igikorwa ciwe. Kuba
yarasubiye rero kwa Data bisigura yuko ibikenewe vyose mu gakiza kacu, atari ibiraba
ibigabitanyo vyacu gusa n’igihano cavyo, ariko ibikenewe vyose vyarangiriye mu Mucunguzi
wacu Yesu Kristo. Ng’uyo umushinge w’ubutumwa bw’abamarayika batatu.
Yohana 16:11 ati: “…ivy’amateka kuko umwami w’iyi si yaciriweko iteka”. Mwibuke
yuko umwami w’iyi si ariwe nkomoko nyakuri, yinyegeza inyuma ya Babuloni. Hari ibisagara
bibiri kandi kimwe cose muri vyo ni umugwa mukuru. Yerusalemu y’ukuri yo mw’ijuru ni
umugwa mukuru w’Imana. Babuloni ni umugwa mukuru w’isi ya satani. Hariho rero ubwami
bubiri mw’Isezerano risha, Ubwami bw’Imana ubwo Kristo abereye Umwami, n’ubwami bw’iyi
si ubwo satani abereye umwami. Imirwa mikuru y’ubwo bwami bubiri ni Yerusalemu yo
mw’ijuru niwe mawe wa twese (ab’i Galatiya 4:26), Babuloni nayo niyo nyina w’abatizera bose.
Muri ubwo bwami bubiri, imirwa mikuru igereranya uburyo bubiri bwo gukora. « Iyo
mwanse ubutumwa bwiza butazoshira, niko umumarayika wa gatatu avuga, nzokuraho uburinzi
bwanje kandi muzohwana n’uburake bw’Imana butarimwo imbabazi». Matayo 25:41 herekana
ko Kristo azobwira abatizera ku musi w’imanza, kw’iherezo ry’ibihe ati: « Mva i ruhande mwa
bivume mwe, muje mu muriro utazima… ». Ni co kimwe n’ivyo tubwirwa mu butumwa
bw’abamarayika batatu.
Ivyahishuwe 14:6-7
Imana ifise ubutumwa bumwe ibihe vyose, ni ubutumwa bumwe ku bantu b’amoko yose.
“Avuga n’ijwi rirenga, ati mwubahe Imana muyihimbaze kuko igihe c’amateka yayo gishitse;
musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko y’amazi”. (Ivyahishuwe 14:7).
Inshingano Yesu yahaye abigishwa biwe muri Mariko 16:15-16 yari iyi: “Ni mugende
muje mu bihugu vyose, mubwire abaremwe bose ubutumwa bwiza. Uwizera akabatizwa
azokizwa, ariko utizera azotsindwa n’urubanza”.
Yesu yarasiguye neza muri Yohana 3:17-18 na 36 yuko igituma hari umuntu azozimira
atari ukubera ari mubi ariko n’ukubera yuko azoba yaranse Ingabire y’Imana. Yohana 12:32
havuga ngo: “Nanje ni nanamanikwa hejuru y’isi nzikwegerako abantu bose”. Harimwo
ubushobozi bukwega mu gusigura ubutumwa bwiza, mu gusigura Yesu Kristo kandi Yesu Kristo
yabambwe. Yohana 12:33 hasigura ico Yesu yashaka kuvuga muri ayo majambo: “Ni
namanikwa hejuru y’isi”. “Mu kuvuga gutyo, kw’ari ukubamenyesha urupfu yagira apfe.” Mu
yandi majambo ubutumwa bwiza bwategerezwa gutangazwa ni: “Ng’uyu Umukiza w’isi,
Ingabire y’Imana ku bantu bose”.
Ubutumwa bwiza burakwega umuntu wese; ntibuhata umuntu n’umwe. Mpwemu yera
yemeza abantu mu kubabwira ati: “Ntube ikijuju; ni vyo vyizigiro vyawe rudende!
N’umwemere!” Ndabizi kuko vyambayeko. Umwami yarankweze kandi aranyikwegerako nanje
nararwanije ukwo gukwega. Mu nyuma, naribwiye nti: “Mana yanje, asangwa ugomba ko
nemera ubwo butumwa birakwiye yuko umpagurutsa”; cari igihe umusiguzi yariko arahamagara
abagomba kwemera Kristo ngo bahaguruke. Maze gufata iyo ngingo, numvise ubushobozi
buhambaye; narahagurutse kandi sinigeze nibagira na rimwe yuko ari Imana yampaye inkomezi
zo guhaguruka. Nari nafashe ingingo yo kwemera, ariko sinari mfise inkomezi zo guhaguruka.
Vyari bigoye kuko ata n’umwe yari bwahaguruke muri uwo mwanya kandi vyari bingoye cane
guhaguruka ndi umwe imbere y’abo bantu bose, kuko nariraba cane. Muri Yohana 12:47,
Umukiza wacu avuga ati: “Si jewe ndabacirako iteka; kuko ntazanywe no gucirwako iteka isi,
ariko nazanywe no gukiza isi”.
Mu 2Ab’i Korinto 5:14, herekana yuko ubutumwa bwiza butazoshira bwerekeye umuntu
wese. “Kuk’urukundo rwa Kristo rutugobera, kandi ico tuzi tudakekeranya n’uko umwe
yapfiriye bose, nuko rero bose barapfuye “muri Kristo” kugira ngo batsindanishirizwe.
Umurongo wa 19: “Niko kuvuga yuko Imana yari muri Kristo yiyuzuza n’abari mw’isi,
ntiyabaharurako ibicumuro vyabo, kandi yatubikije amajambo y’umwuzuzo”. Imana ivuga iti:
“Mubikunze, genda mumenyeshe isi yose yuko Imana yabikoze vyose. Yaratsindanishirije
abantu bose uburyo bwose bwemewe n’amategeko”. Hanyuma yongerako ku murongo wa 20:
“Ni co gituma turi intumwa mu gishingo ca Kristo”.
Igihe Yohana umubatizi yitegurira igikorwa ciwe, yaraje mu bantu kugira ngo abigeko,
ashobore kumenya ingene yobabwira ubutumwa bwiza. Hariho imirongo itomoye twokoresha
kugira ngo tumenye abo twipfuza ko twoshingira intahe. Kimwe muri ivyo bisomwa ni
1Timoteyo 2:5-6: “Kuko hari Imana imwe, kandi hari umuhuza mwe hagati y’Imana n’abantu,
nawe nyene ni umuntu, ni Yesu Kristo; yitanzekw’incungu ya bose. Kandi bishingirwe intahe
mu bihe vyavyo”.
Kristo ntiyaje kugira asigure ubutumwa bwiza, yaje kuba ubutumwa bwiza. Yagarukiye
ku bayuda gusa, ariko igikorwa ciwe nticaraba abayuda gusa ariko cari ic’abantu bose. Kandi ico
gikorwa yagihaye ishengero. “Mutegerezwa kujana iyo nkuru nziza mw’isi yose. Naje kugira
ngo haboneke inkuru nziza yo kwigishwa”, ariko ni Ishengero ryahawe ico gikorwa.
Imana yadutegetse twese gusigura, Atari mu buryo bw’umubiri gusa, ariko n’imiburiburi
mu gushinga intahe. Igihe turiko turasigura, canke dushinga intahe, tuzohura n’abaturwanya
kuko dusigura ubutumwa bwiza mu gihugu c’umwansi. Isi iracari musi y’ubutware bw’umubi.
Ni co gituma dusoma mu 1Timoteyo 4:10: « Kukw’igituma dutama tukama mu ntambara ariko
twizigiye Imana nzima (atari ubutwari bwacu), niyo Mukiza w’ abantu bose cane cane
w’abizera ».
Muri Tito 2:11, havuga ngo: « Kuk’ubuntu bw’Imana bwaserutse (menya umwanya
wakoreshejwe wa kahise, uri ngaha), buzanira abantu bose agakiza ». Ingorane, nuko abantu
batabizi bose kuko tutarabishingira intahe. Mu kwihweza igisomwa gikurikira, abantu benshi
baragisoma ariko ntibasoma igice cose kugira ngo batahure insiguro yaco. Ni co gituma
badashobora kugitahura neza.
Mu 1Yohana 1:7 havuga hati: « Iyo tugendeye mu muco ». Umuco ni Yesu Kristo. Iyo
twemeye Yesu Kristo nk’Umukiza, tuba dufise ibintu bibiri: “Ariko tugendeye mu muco nk’uko
nayo iri mu muco, tuba dufatanije ubwacu, kandi amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha
cose”. Uwikirisha amategeko ntiyatura ivyaha vyiwe avuga ati: “Ndagushima Mwami kuko
ntameze nk’urya mutozakori; jewe ndi umuntu mwiza”. Ariko umuntu akozweko n’ubutumwa
bwiza avuga ati: “Yesu Kristo yazanywe mw’isi no gukiza abanyavyaha, muri bo ndi
agahebuza” (1Timoteyo1:15).
Mu 1Yohana 2:1, atangura avuga ati: “Bana banje bato mbandikiye ivyo, kugira ngo
ntimukore ivyaha”. Mu yandi majambo, ubutumwa bwiza ntibushobora gutera ubwete icaha.
Paulo avuga ibimeze gutyo nyene mu Baroma 6:1: “Mbega twame dukora ivyaha kugira ngo
ubuntu bugwire?” Paulo avuga ati sindabibukije iyo nkuru nziza musanzwe muzi, kugira ngo
mushigikire icaha”. Akoresha umwanya wa kubu kabandanya kavuga mu nkomoko: “Kugira ngo
mubandanye kwikorera ivyaha”.
Ariko arazi yuko abakristo bagifise kamere y’icaha ikirwana namwe. Kandi avuga ati:
“Ni hagira ukora icaha, dufise umuhuza kuri Data, ni Yesu Kristo umugororotsi”. Kure cane
yongerako ati: “Ni we mpongano y’ivyaha vyacu, ariko s’ivyacu vyonyene, ariko n’ivy’abari
mw’isi yose”.
Ubutumwa bw’abamarayika batatu buvuga yuko Imana yahaye abantu bose agakiza
kandi agakiza kuzuye. Ubwo butumwa ntibushobora kwigera buvangwa n’ibindi bihimbano
canke ubwenge bw’abantu; vyose biva ku Mana. Ni co gituma umumarayika ava mw’ijuru.
Dusubire mu vyahishuwe 14:7 kugira ngo twihweze ikindi kintu: “Yavuga n’ijwi rirenga”. Ubwo
butumwa butegerezwa kuvuganwa “Ijwi rirenga”. Ayo majambo “ijwi rirenga” ntakwiye
kwigera afatwa mu buryo bw’inyuguti, kuko igitabo c’ivyahishuwe ni igitabo c’ibigereranyo.
Ijambo “rirenga” risigura ku “mugaragaro”. Ni ubutumwa bwo ku mugaragaro. Mu buseruko
bwo hagati, igihe bashaka gutangaza ubutumwa ku mugaragaro, bakoresha ibikwiragiza amajwi;
ariko mu gihe ca Yohana, ntivyari bwabeho. Ivyo bisigura gusa kw’ari ubutumwa bwumvikana,
mukwiye kubwitaho ntimubufate minenerwe.
Ubwo butumwa bwo ku mugaragaro buvuga buti: “Mwubahe Imana”. Ico gisomwa
catahuwe nabi kuko ijambo “gutinya” ntirisigura “kujuguma”. Risigura ibintu bibiri, yuko Imana
idakina, dukwiye kuyubaha. Birakenewe cane kumenya ico bisigura “kubaha Imana”. Igisomwa
codufasha ni Imigani 8:13: “Kwubaha Uhoraho ni kwo kwanka ikibi. (Ijambo UHORAHO mu
ndome nkuru risigura Yehova canke Yahweh mw’Isezerano rya kera). “Ubwibone n’amanyama
n’inzira y’ikibi; n’akanwa k’ibidadi ndavyanka”. Imana iranka ikibi kuko idukunda. Imana
ntishobora kudukunda ngo ireke kwanka ikibi kuko ikibi kidukomeretsa, icaha kirica. Asangwa
hari ikintu ico ari co cose cica abo dukunda, turacanka.
Dukwiye kandi kwanka ikibi kuko gikomeretsa Imana. Imana ntiyoshobora kuvuga ati:
“Ndi Umugenga wa vyose, umutware wa vyose. Ndashora gukora ico ngomba. Nta n’umwe
yobimbuza. Nzobababarira.” Oya, kuko Imana ari Imana y’ubucamanza. Igihe Kristo yasenga
agasubiramwo gatatu “Asangwa bishoboka, iki gikombe kindengane”, Imana yavuze iti “Oya”.
Abaroma 8:32 avuga ati: “Itimanye Umwana wayo, ikamutanga ku bwacu twese…” (Iki ni
igisomwa c’agakiza kuri bose!).
Igihe buvuze gutinya ikibi, ubutumwa bw’abamarayika batatu bushaka kuvuga yuko ikibi
gishobora gutanga umunezero mu gihe runaka, kizobajana kw’iherezo mu kiyaga caka umuriro.
Ntimuhendwe n’umubi bo n’icaha. Satani bo n’icaha ni ababeshi. Mwubahe Imana mu nsiguro
yuko mutegerezwa kwanka ikibi kuko Imana yanka ikibi.
Mu vyahishuwe 14:7, dufise uruhande rwiza n’uruhande rubi. Ni mwatinya ikibi, ivyo
bishaka kuvuga yuko mwanka icaha ku co kiri; ni uruhande rubi. Ariko uruhande rwiza, ni:
“Guha icubahiro Imana”. Kwubaha Imana no kuyiha icubahiro. Mu 1Ab’i Korinto 1:30-31,
turabona ico bisigura guha icubahiro Imana: “Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye
ubwenge buva ku Mana, n’ukugororoka no kwezwa n’ugucungurwa. Kugira ngo nk’uko
handitswe ngo uwirata yirate Uhoraho”. Vyose biva ku mana ni muyihe ishimwe, irabikwiye.
Mu yandi majambo icubahiro gisigura “ishimwe”.
Ubutumwa bwiza butegerezwa kuba vyose kuri twebwe. Ni vyo vyizigiro vyacu rudende.
Duhe icubahiro Imana kandi twibuke yuko icubahiro ari ic’Imana atari icacu. Nagumye ngira
ingorane yo kuririmba indirimbo ivuga iti: “Kizoba icubahiro canje”. Kumbure si yo yari
intumbero y’umwanditsi kuko, turazi ikizoba kigize icubahiro ca Yesu Kristo. Nzofata igitsibo
canje ndagishire ku birenge vya Yesu Kristo mvuga nti: “Ukwiriye icubahiro”. Ab’I Filipi 2:6-8,
hatubwira yuko Kristo yiyambuye vyose kugira ngo aducungure, kandi kubw’iyo mvo, Imana
ivuga iti: “Ndagukunda mwana wanje kubw’ico wakoze, kubera yuko wacunguye isi”. Abafilipi
2:9: “Ni co catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye amazina yose:
kugira ngo amavi yose az’apfukame mw’izina rya Yesu Kristo, ay’ivyo mw’ijuru, n’ay’ivyo
mw’isi, n’iy’ivy’i kuzimu, kandi indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ari Uhoraho ngo
biheshe Imana Data wa twese icubahiro.
Dukwiye kwibuka yuko Data ari mu ruhande rwacu. Yarakunze isi cane arico catumye
itanga Umwana wayo. Yesu ntiyigeze atakambira Data avuga ati: “Noshobora kujayo?” Hariho
ingwano, atari ukubera ko Data atadukunda, ariko kubera yuko yari azi ico bizosaba Yesu.
Vyarababaje cane Data. Ariko yabwiye Yesu ati: “Mwana wanje, ndakunda isi nk’uko uyikunda.
Turi umwe muri ico gikorwa hamwe na Mpwemu Yera. Genda, urafise umugisha wanje.” Igihe
Yesu yarangiza igikorwa ciwe, mu buryo butunganye kandi atsinze, Imana yaramushimagije.
Dushimire Imana kandi tuyihe icubahiro.
Ngivyo ibizoshika igihe tuzotahura yuko ubutumwa bwiza ari inkuru nziza itazoshira
y’Imana yaducunguriye mu mwana wayo. Ntidusabwa guterera muri uko kugororoka: ni ingabire
kuva ku tango gushika kw’iherezo. Vyose biva ku Mana, ni co gituma Kristo abironka
nk’umutahe.
Igihe cose ubutumwa bwiza buzoba butaravugwa mu buryo bwuzuye kandi butomoye,
igihe co gucira urubanza abatizera ntigishobora gushika. Iyo tubabwiye tuti: “Mukwiye
kwitondera isabato kugirango mukizwe”, ntituba tubabwiye ubutumwa bwiza. Kwubaha isabato
ni icamwa co kwemera ubutumwa bwiza.
Ubutumwa bwiza burababarira ivyaha vyose vyacumuwe ku vyagezwe. Nta caha tuba
dukoze ku vyagezwe Imana itoshobora kubabarira, mu yandi majambo ubutumwa bwiza
ntibugumisha ivyagezwe. Ariko ubutumwa bwiza ntibushobora kubabarira icaha co kutizera
kuko kitababarirwa. Isi ikeneye kumenya yuko abantu bazimiye atari ukubera ari babi ariko
kubera yuko badafise Kristo. “Ivy’icaha kuko batanyizeye”.
Igihe abantu bumva insiguro ya mbere yasiguwe n’ishengero rya gikristo mu gitabo
c’Ivyakowe n’intumwa, bavuze bati: “Bagabo bene data, tugire dute?” Bategerezwa kuriha
amahera kubw’ivyo bakoze n’ukuvuga kubamba Umukiza? Oya, bari bakwiye kwihana, kwizera
no kubatizwa. Mu Vyakozwe 7:51, Mpwemu yera avugiye muri Sitefano abwira Abayuda
batizera ati: “Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebwa mu mitima no mu matwi! Na ntaryo
murwanya Mpwemu yera. Uko ba sogokuruza banyu bakora, niko namwe mukora”. Ni igiki
twokora kugira ngo dukire ni mwizere Umwami Yesu Kristo.
Yohana 16:10: “Ivy’ukugororoka kuko nja kwa Data”. Imana yarungitse Umwana wayo
aha kw’isi atari ugucirakw’iteka isi ariko kugira ngo isi ikizwe nawe. Yarungitse Yesu Kristo
hano kw’isi kugira ngo abe kugororoka kwacu. Kristo ntiyashobora kuduga mw’ijuru
ataraheraheza igikorwa ciwe. Igihe yavuga ati: “Data nonosoye igikorwa wampaye gukora”;
kandi igihe yavuga ku musaraba ati “vyose birarangiye”, Data yamubwiye ati: “Mwana wanje
urashobora kugaruka I muhira. Igikorwa cawe kirarangiye ku bijanye no kuronkera agakiza isi
yose”.
Ivyahishuwe 14:8
Muri iki gice tuzokwiga ubutumwa bujanye n’umumarayika wa kabiri. Igisomwa cacu
kiva mu Vyahishuwe 14:8: “Umumarayika wundi wa kabiri akurikirako (aramuherekeza), ati
kirasenyutse, kirasenyutse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino ni yo
burake bw’ubusambanyi bwaco.” Urufunguruzo rw’umurongo wavuzwe ni “Babuloni
hahambaye”. Ngaha Yohana akoresha isenyuka ry’igisagara ca kera Babuloni nk’ikigereranyo
co kugwa kwa Babuloni y’impwemu. Ingorane yayo s’ukugwa kwayo gusa, ariko n’uko
yanaboreje amahanga yose vino y’uburake bw’ubusambanyi bwayo.
Kugira ngo dutahure gusenyuka kwa Babuloni ya mpwemu, dukeneye kubanza gutahura
gusenyuka kwa Babuloni y’inyuguti. Duzokwihweza Daniyeli 4 na 5 muri rusangi, hanyuma
tuzokwerekana ico bishaka kuvuga. Daniyeli 4 n’igishingantahe. Ni inkuru y’ihinduka
ry’umwami ahambaye w’ico gihe, Nebukadineza.
Turabe ico umurongo wa 19 uvuga: « Nuko Daniyeli, ariwe Beluteshaza, amara akanya
yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagarika umutima». Daniyeli yari azi ko bigoye yuko umwami
yihanganira insiguro y’izo nzozi kuko zitari nziza. Yaribwira ati: « Ni gute nokwubahuka
gusigurira umwami izo nzozi? ». Ariko Daniyeli yari umukozi w’umwizigirwa; kandi mu
mirongo ikurikira atangura gusigura izo nzozi. Umurongo wa 22: « Ico giti ni wewe, mugenzi;
warakuze, urakomera… ».
Umurongo wa 27, Daniyeli yinginga umwami: « None mugenzi, wemere inama nkugira;
reka ivyaha vyawe ukore ibigororotse, kandi ureke ibigabitanyo vyawe ugirire akagongwe
impahazwa; kugira ngo kumbure kuroranirwa kwawe kube kuramaze kabiri!” Bisa naho
Nebukadineza yumvirije impanuro kumara igihe runaka, inyuma y’amezi nka 12, yari yibagiye
impanuro ya Daniyeli. Nuko igihe yariko aragendagenda mu rugo rwiwe i Babuloni, umwami
aravuga ati: « Mbega aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye, ngo habe umurwa wanje
niberamwo, ndahubakishije inkomezi n’ububasha bwanje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?
» (Daniyeli 4:30). Yariko arihimbaza ubwiwe.
Daniyeli 4:31 havuga hati: « Iryo jambo umwami akirikura mu kanwa haza ijwi rivuye
mw’ijuru, riti: yewe mwami Nebukadineza ni wewe ubarirwa; ubwami ubukuwemwo! ».
Twibuke yuko atari babuloni yasenyutse, ni umwami yaguye» (Daniyeli 4:33). Maze ako kanya
ijambo riba kuri Nebukadineza: yirukanwa mu bantu, asigara arisha nk’inka gushika aho
ubwenge bwiwe bugarukiye mu nzira nziza…. Umurongo wa 36: « Nuko uwo mwanya ubwenge
bwanje buragaruka, ubwiza bw’ubwami bwanje n’igitinyiro canje, n’ugukayangana
kw’icubahiro canje bingarukako. Maze abaganwa banje n’abajenama banje bansubizako
umutima, ndaheza ntsimbatara mu bwami bwanje »…
Muri Daniyeli 5:11-12, tubwirwa ivya Danieli ati: « Kuko mu gihugu cawe har’umuntu
arimwo impwemu z’imana zera. Kandi ku ngoma ya so umuco no gutahura n’ubwenge
buhwanye n’ubw’izo mana vyabonetse muri we. Kandi so umwami Nebukadineza, umwami so
yakuvyaye yamugize umukuru w’abanyamareba n’abapfumu n’abakaludaya n’abamenyi; kuko
muri uwo muntu Daniyeli uwo umwami yise Beluteshaza, habonetsemwo ubwenge
bw’agahebuza no kumenya no gutahura no gusigura inzozi no kumenya amajambo ahiritswe,
yabaye gasobanuzi k’ibisobanye.”
Mu yandi majambo, hariho ngaha umuntu ashobora kugufasha gutahura insiguro y’ayo
majambo. Nuko Danieli azanwa imbere y’umwami. Ku murongo wa 14, atwiganira ivy’umwami
yavuze: “Numvise bavuga ngo impwemu z’Imana ziri muri wewe, kandi ngo umuco no gutahura
n’ubwenge bw’agahebuza bikubonekamwo”.
Umurongo wa 16: “Ariko weho numvise yuko ushobora gusigura ibintu, kandi k’uri
gasobanuzi k’ibisobanye: nuko rero ni washobora kunsomera iyo nyandiko, no kumenyesha ivyo
isigura, urambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’izahabu mw’izosi, kandi uzoba uwa
gatatu mu bakuru baganza iki gihugu”.
Ako kari akaryo keza kuri Daniyeli ko gushirwa hejuru imbere y’isi. Ariko raba ingene
Daniyeli yavyifashemwo mu mirongo ya 18 na 19: “Zirikana mugenzi, Imana Isumba vyose
yahaye so Nebukadineza ubukuru n’ubwami n’ubwiza n’igitinyiro. Kandi kubw’ubukuru
yamuhaye, amako yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bahindira agashitsi imbere
yiwe bakamutinya; yica uwo agomvye kwica, agakiza uwo agomvye gukiza; yashira hejuru uwo
agomvye, agacisha bugufi uwo agomvye.
1. Mene: Imana yaharuye imyaka yawe umaze uri ku ngoma, iyishize kw’iherezo
(umurongo wa 26).
2. Tekel: wapimwe ku munzane, basanga ntushitse. Igihe c’urubanza kirashitse kuko
wishize hejuru ukanakengera ubwami bw’Imana, bitavuye ku kutamenya. Wabikoze
n’ibigirankana kandi umaze kumenya ukuri (umurongo 27).
3. Peres (canke ufarisin): ubwami bwawe buragabanganywe kandi buhawe Abamedi
n’Abaperesi (umurongo wa 28).
Umurongo wa 30 na 31: “Maze muri iryo joro nyene Belushaza umwami w’I Bukaludaya
aricwa. Ubwo bwami buhabwa Dariyo umwami w’Ubumedi, yari amaze imyaka nka 62
y’amavuko.”
Babuloni yaraguye kuko yanse n’ibigirankana, ibishaka, Imana yo mw’ijuru. Aha niho
yakoreshejwe nk’ikigereranyo. Mu butumwa bw’umumarayika wa kabiri, “Babuloni iraguye”
ifitaniye isano n’ubukristo bwagararije n’ibigirankana kandi buvyitumye bukanka ubutumwa
bwiza, bumaze gutangazwa ku mugaragaro mu buryo butomoye kandi bwumvikana.
Kugira ngo dutahure ibivugwa ngaha, mu buryo bwagutse, tuzosoma mu Vyahishuwe 13,
havuga ubusambanyi bwa Babuloni. Duhereye k’umurongo wa mbere gushika gatandatu,
tuhavumbura inkuru y’igikoko. Menya yuko ibigereranyo vyakoreshejwe k’umurongo wa kabiri
biva mu gitabo ca Daniyeli. “Ico gikoko nabonye casa n’ingwe, amajajnja yaco yar’ameze
nk’ay’idubu, akanwa kaco kari kameze nk’ak’intambwe (yar’amahanga y’abapagani). Igisato
(Ivyahishuwe 13:2 hatubwira yuko igisato ari Satani) kigiha ububasha bwaco, no kuja ku ngoma
yaco n’ubutware buhambaye.”
Nuko rero, umumarayika wa 2 agabisha umuntu wese aticisha bugufi kugira ngo yemere
Imana n’ubutumwa bwayo bwiza anayihe icubahiro. “Irasenyutse, irasenyutse Babuloni ca
gisagara gihambaye cateretse amahanga yose vino, ni yo burake bw’ubusambanyi bwaco”. Ivyo
bisigura ko Babuloni ihatira isi yose gushira hejuru inarije aho guha icubahiro Imana. Nivyo
bishika neza na neza igihe tubonye hinjiyemwo gushira hejuru agateka ka zina muntu. Umuntu
yiyumvira yuko afise ububasha bwo gutorera umuti ingorane ziwe zose. Ubwibone bwishira
hejuru kandi nico gituma dukwiye kwemera yuko intumbero y’ubutumwa bw’abamarayika
batatu ari zibiri:
Kw’ iherezo ry’ibihe isi izoba igabanijwemwo imirwi ibiri: abaha icubahiro Imana kandi
ntibizigire mu buryo na bumwe umubiri, n’abandi bizigira cane umubiri kandi ntibahe icubahiro
Imana. Dutegerezwa kuhiyubarira kuko ni imburi yanyuma y’Imana. “Ntimube imburabwebge,
niko umumalayika wa 2 avuga… ni murabe ivyashikiye Babuloni yaraguye. Cari igisagara
gihambaye, ariko ico gisagara kiracari imisaka naho haciye imyaka ingana gutyo bacukumbura.
Irazwi nk’igisagara cari gihambayye gifise uturima twenene mu kirere, ni kimwe mu bibanza
indwi vy’agatangaza kw isi (Merveilles du Monde), ariko ni igisagara c’umusaka. Ni imburi kuri
twebwe y’ibizodushikira ni twahitamwo kuja muri urwo ruhande”.
Ikimenyamenya gihambaye Imana yahaye abayuda y’uko Yesu ari Mesiya ni ukuzuka
kwiwe. Imana yagomba no kubababarira kuko babamvye umwana wayo. Ariko igihe imva bari
bashizeko ikimenyetso yuguruka, hanyuma umwana wayo akazuka, maze abasoda b’abaroma
bakabwira abayobozi b’abayuda bati: “Ategerezwa kuba ari Mesiya, yazutse”. Bategerezwa
guhitamwo mu bintu bibiri: kwicisha bugufi, kwemera yuko bamenje kandi yuko babamvye
umwana w’Imana, canke kunyegeza ivyabaye.
Turazi ivyo bakoze. Igihe batera Stefano amabuye batanze icemezo kigaragara co
kwanka Mesiya babishaka kandi bavyitumye. Imana ivuga iti: “Inzu yanyu muyisigiwe ari
umusaka”. Imyaka inyuma y’aho, Yerusalemu yarasambuwe kandi irasangangurwa gushika ku
gataka. Kuva ico gihe batakambira Imana bati: “Asangwa ubishaka, sanura ingoro yacu”.
Yerusalemu ntizokwigera isubira kwubakwa kandi Isirayeli ntizosubira kuba ubwoko bw’Imana
kuko Imana yayatse igiterekwako amatara kandi ikagiha ishengero rya Kristo.
Ikibabaje, turiko dusubiramwo kahise kabo kandi Imana iraduhaye amahirwe yanyuma.
Ntitugararize ubutumwa bwiza. Ntituvange inarije n’ubutumwa bwiza ari bwo: “Si jewe, ariko ni
Kristo”, kuko nta ntererano n’imwe y’umuntu. Agakiza kose kava ku Mana. Ni ukugororoka
kw’Imana ata ntererano n’imwe y’umuntu. Ni ingabire kandi turashobora kuvuga tuti warakoze.
Nk’uko Paulo abivuga mu 1Ab’i Korinto: “Asangwa hari umuntu agomba kwishima, ni
yishimire mu vyo Imana yakoze”. Reka Imana itwambure ubwibone, ubwibone bw’umuntu ku
giti ciwe, n’ubwibone rusangi nk’Ishengero! Imana yabwiye Paulo iti: “Uri mu kaga ko kwishira
hejuru kuko naguhishuriye ibihambeye vyinshi, kubw ivyo rero nzoshira igisata mu mubiri wawe
kugira ngo ugume ucishijwe bugufi”. Ntituzi natwe igisata izoduha, ariko igihe Imana iducishije
mu kigeragezo kandi ikaducisha bugufi, s’uko iba itwanka. Irazi yuko inarije ariwe mwansi
wacu ahambaye ku bijanye n’agakiza. Ikindi kandi igihe ibikoze, mubiyishimire mufatanije na
Paulo muti: “Nzokwirata intege nke zanje kugira ngo nshobore kunezererwa mu Mana”.
Imana iduhezagire kugira ngo tumenye ukwo kuri kandi twamburwe ubwibone, inarije ari
yo Babuloni ihambaye isenyuke!
IGICE CA 4: UMUMARAYIKA WA GATATU
“Umumarayika wundi wa gatatu akurikirako, avuga n’ijwi rirenga ati, Ni hagira umuntu
asenga ca igikoko n’igishushanyo caco, akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke ku
kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino, ni yo burake bw’Imana, yiteguwe idafunguwe mu
gakarabo k’uburake bwayo. Kandi azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika
bera n’imbere ya wa Mwagazi. Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibiha bitazoshira,
kandi ntibaruhuka ku murango no mw’ijoro, abasenze ca gikoko n’igishushanyo caco, umuntu
wese yemeye gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco”. Ni ubutumwa bwose kandi tuzobwihweza
mu buryo bwagutse.
Ikibazo gishobora kuvyuka ni iki: Isabato na Dimanche navyo ni ibiki? Tuvuga yuko
isabato ari ikimenyetso c’Imana kandi ko dimanche ari ikimenyetso c’igikoko. Hariho ibiriho
bimwe bitegerezwa gutomorwa mu bwenge bwacu. Iyo misi ibiri igereranya uburyo bubiri
butandukanye mu kwizera; ariko ubwo buryo bubiri ntiburatandukanya isi ku mugaragaro.
Haracariho mur’iki gihe cacu abakristo benshi bubaha dimanche, baruhukiye muri Kristo.
Haracariho n’abubaha isabato baruhukiye mu bikorwa vyabo. Ubutumwa bw’umumarayika wa
gatatu ni bwaheza gusigurwa mu buryo bwumvikana neza, maze imigenderanire bufitaniye n’iyo
misi ibiri ikerekanwa neza, ico gihe rero iyo minsi ibiri izogereranya uburyo bwo kuronka
agakiza. Ariko ntidushobora kwagiriza abaruhuka dimanche uyu munsi yuko bashizweko
ikimenyetso c’igikoko…
Ubwa kabiri, dukwiye kwibuka yuko iyo misi ibiri igereranya ukuri; kandi mu bisanzwe
uko kuri ni kwo kuri no mu bikorwa. Ariko imbere yuko umuhero uza, isabato izohuzwa neza na
neza no gutsindanishirizwa kubwo kwizera kandi dimanche izokwerekana mu buryo
budaharirwako abishimikije ibikorwa vyabo. Ivyo ntibirashirwa mu ngiro uyu munsi kuko
hakiriho amadidane no kudatahura.
Ivyahishuwe 14:10: “… uwo nawe azonywa kuri vino niyo burake bw’Imana yiteguwe
idafunguwe…” Ivyo ni vyashika, igihe ubwo buryo bubiri, ivyo vyizerwa bibiri bigereranywa
n’iminsi ibiri, ni vyatangazwa neza ku mugaragaro, umuntu uwo ariwe wese azohamagarirwa
guhitamwo kwemera Kristo canke kumwanka. Ni ubwo buryo bwo guhitamwo bwonyene
buzoba bushoboka kandi nta sindabibazwa azobaho muri ivyo. Bizoba ari ibigirankana. Twibuke
yuko Babuloni yasenyuwe kuko yanse n’ibigirankana, ibishaka, ukuri kw’ Imana yo mw’ijuru.
Ikete Paulo yandikiye Abaheburayo riratomoye cane kuri ico kibazo. Abaheburayo
10:26: “Kuko namba dukora ivyaha n’ibigirankana”. Menya neza ijambo “ibigirankana”. Nivyo
bizoshikira neza na neza, abazoshirwako ikimenyetso c’igikoko nk’uko vyashikiye Belushaza
yanse Imana n’ibigirankana. Hariho insiguro nyamukuru y’icaha mw’Isezerano Risha. Insiguro
dusanzwe tuzi, kwica amategeko, ariko ngaha muri iki gihe, havuga icaha nko kutizera: “Kandi
tumaze guhabwa kumenya ivy’ukuri”. Umurongpo wa 14 usigura ico ari co ukuri: “Kuko
ikimazi kimwe arico yatunganishije rwose abezwa, akazoshitsa ibihe bidashira”. Ukuri ni
ikimazi ca Yesu Kristo. Yesu yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo.” (Yohana 14:6).
Muri Matayo 26:38-42, hatubwira ico igikombe kigereranya bo n’ico Imana itarenganije
Umwana wayo. Vyose bishikira mu vyabereye i Getsemani, igihe Yesu yabwira abigishwa biwe
ati: “Umutima wanje uri n’akabonge kagomba kunyica; ba muragumye aha, mubane maso nanje.
Yunguruza imbere gatoya, arunama, arasenga ati: Data, asangwa vyoshoboka iki gikombe ni
kindengane!” Tubona ngaha ijambo “igikombe”. Igikombe yavuga ntikwari ukubabazwa
kw’umubiri ku musaraba, ariko uburake bw’Imana bwasutswe budafunguye. Asubiramwo ivyo
nyene ku murongo wa 42: “Yongera kugenda ubwa kabiri, asenga ati: Data, asangwa
bidashoboka kw’iki kindengana, shiti nkinywereko, ni bibe nk’uko ugomba!”
Ku murongo wa 44, yongera gusenga nk’ubwa mbere. Tubona yuko igikombe kwari
ugutandukana n’Imana. Matayo 27:46, yavuze ati: “Nko kw’isaha y’icenda, Yesu arasemerera
n’ijwi rirenga, ati Eli, Eli, lama sabakatani? Risigura ngo: Mana yanje, Mana yanje, ni igiki
kikumpebesheje?” Mwibuke yuko mu kwigira umuntu no mu kwiyanka kwiwe, yagengwa na Se
muri vyose no kugira ngo azuke. Igihe Se yamuheba ku musaraba, Yesu yapfuye urupfu rwa
kabiri kubw’umuntu wese, uburake bw’Imana bwasutswe kuri we atambabazi.
Namweretse muri Yuda 7 havuga ngo: “… kandi n’abantu b’I sodomu n’I Gomora bo
n’ibisagara vyari bihereranye na ho, kuko bitanze bakiha ubusambanyi nka babandi, ukwendana
ukw’imibiri itaremewe, ivyo bisagara vyashiriweho kuba akabarore, bibabazwa n’igihano
c’umuriro utazima”. (Ibindi bisomwa bivuga yuko wari umuriro n’amazuku). Naciye
ndamubwira nti: “Asangwa “ibihe bidashira” bisigura ibihe, gutyo rero Sodomu na Gomora
hategerezwa kuba hagisha gushika uyu munsi.” Nk’umuhinga wa Bibiliya, yari abiziko vyinshi
kuruta abalayike kandi namubwiye nti: “Murazi yuko Sodomu na Gomora hacukumbuwe. Musi
y’ikiyaga c’umunyu (mer Morte), batoyemwo amatanguriro 12 y’umunyota. Isi yari yaraturiwe
gushika ku ntambuko 12, igihe bariko barashakashaka muri ico gikorwa. Nk’inkurikizi bigomba
kuvuga iki “kubabazwa ibihe bidashira”?
Abaheburayo 4:2-3, hatubwira hati: “Kuko natwe twabwiwe ubutumwa bwiza nka bo”.
Ngaha hari imirwi ibiri y’abantu. “Twebwe” igereranya abayuda bo mu gihe ca Paulo “bo” nayo
ivuga Abayuda bo mu Kuvayo. Iyo mirwi ibiri yarumvise kandi irakira ubutumwa bwiza, ariko
ntaco bwabamariye.
Kugira ngo twumve iryo tandukaniro, dukwiye gusoma Ivyahishuwe 20 na 21. Yesu
agaruka ari kumwe n’abigishwa biwe muri Yerusalemu nshasha yururuka kw’isi. Abatizera
barazuka. Babona abagenzi babo bari muri wa murwa ukayangana mu gihe bobo bari hanze.
Barazi yuko bakoze ikosa rihambaye cane mu buzima bwabo. Igihe c’imbabazi caraheze. Ubu,
bamaze kubona Kristo agarutse, hamaze kubaho urubanza rw’abanyakibi. Satani azobegeranya
hanyuma batere igisagara (ntituzi igihe ivyo bizomara, igisomwa kivuga “umurango n’ijoro”);
muri ico gihe, ntibazoronka ikiruhuko, nta n’ubwishingizi, nta n’icizigiro na kimwe, umurango
n’ijoro.
Mu gihe c’umwuzure, igihe umuryango w’ubwato bwa Nowa wugarwa, maze imvura
igatangura kugwa, ntituzi igihe vyatwaye kugira ngo amazi ashike ku mpinga y’imisozi, aho
abanyakibi bari bahungiye. Ivyo vyatwaye imisi myinshi kandi abo ntibigeze baronka amahoro
ku murango no mw’ijoro. Amajambo “ibihe bidashira” mu giheburayo no mu kigiriki ashobora
gusigura ibihe canke inkurikizi.
Gutyo rero, ku mwuzure, ibiti n’ibimera vyose vyakuweho n’amazi, vyarasubiye kubaho.
Twibuke yuko inuma Nowa yarungitse yagarutse ifise ishami rya eleyo. Ariko muri ukwo
kurandurwa n’umuriro, nta kintu na kimwe kizima kizosigara. 2Petero 3:10 havuga hati:
“Ivy’itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo
bigatongorwa”. Umurongo wa 13: Ariko nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha,
ivyo kugororoka kuzobamwo”.
Ikindi gisomwa kidufasha gutahura “ibihe bidashira” ni Yona 2. Ico gisomwa kitubwira
ivyashitse mu mutima wa Yona igihe yari mu nda y’urufi: “Ndamanuka nja mu mizi y’imisozi;
isi n’ibihindizo vyayo vyaranyugaranye ibihe bidashira”. Ntivyari ibihe bidashira ariko ni ivyo
yiyumvamwo. Igihe rero abanyakibi bazobona uburake bw’Imana butavanze n’imbabazi,
bazotahura neza ico bisigura gusezera ku buzima ibihe bidashira. Ni ingero y’icaha. Si ukuvuga
yuko bazobabazwa ibihe bidashira, ariko bazohura n’uburake bw’Imana, bazobabazwa kandi
ntibazoronka amahoro ku murango no mw’ijoro. Ivyo ni vyashika, bazokwibaza yuko ari ibihe
bidashira.
Uwo murongo wo muri Yona 2:6 n’umwe mu yikoreshwa n’abavuga yuko Yesu
yabambwe ku kane (mercredi). Menya neza: “Ibihindizo vy’isi vyaranyugaranye” bishaka
kuvuga uko Yona yiyumvisemwo. Muri iyo misi itatu, Yona yiyumvamwo kw’ari mu mutima
w’isi. Bihuye neza na neza n’ivyo Yesu yiyumvisemwo kuva i Getsemani. Umutima w’isi
warakomerekeje ivyo yiyumvamwo ariko si imva. Yona 2:6 herekana ivyo Yona yiyumvisemwo
kandi agacamwo ariko si imva. Ikindi kandi, guhera igihe Imana yakura uburinzi bwayo kuri
Kristo, ni ukuvuga i Getsemani, We yiyumvisemwo ibimeze nk’ivyo Yona yiyumvisemwo i
bwina mu rwobo, nta vyizigiro, nta mahoro. Dukwiye gutangura guharura guhera ico gihe kugira
ngo turonke imisi itatu n’amajoro atatu.
Iyo ubutumwa bwiza bwanswe n’ibigirankana, harashobora kubaho igihe kimeze neza,
ariko igihe ivyago n’urubanza bizoshika, ntihazobandanya urubeya rw’uburake bw’Imana.
Ntibikora kuko ibishaka. Ihitamwo ryarabaye kandi iremera iryo hitamwo, n’ukuvuga umuvumo.
Ico gihe rero, bose bazotahura ico basabwa kandi benshi bazosohoka bifatanye
n’abaruhuka isabato. Kandi benshi mu baruhuka isabato, ariko mu mitima yabo, baranse
ubutumwa bwiza, bazokwifatanya n’isi. Twibuke yuko icangombwa c’ishimikiro ni Kristo
kugororoka kwacu igihushane c’ukugororoka kwacu. Uyu munsi iyo ntambara ntirashirwa
ahabona neza ariko akarongo ko kwitandukanya kazokwibonekeza vuba cane, kandi
tuzohamagairirwa guhitamwo tubishaka kuja ku ruhande rwacu canke ku rundi. Ni isengesho
ryanje yuko umwe wese yohitamwo neza. Twifatanije na Yosuwa tuzovuga duti: “Ariko jewe
n’abo mu rugo rwanje, tuzokwama tugendanira Uhoraho”. Dushaka gukora ivyo duhitamwo uyu
munsi. Gutyo rero, igihe ivyago bizozira, tuzoba twaramaze gufata ingingo.
IGICE CA 5: IVYAMWA VY’UBUTUMWA BUTATU
Ivyahishuwe 14:12-13
1. Kwihangana;
2. Kwitondera ivyagezwe vy’Imana; no
3. Kwizera kwa Yesu.
Ijambo “no” ryerekana yuko batazokwitondera ivyagezwe vy’Imana gusa, ariko bazokwitondera
kandi kwizera kwa Yesu.
Igihe kandi mu Vyahishuwe 14:12 havuze ngo: “Aho niho ukwihangana kw’abera”,
igisomwa co muri 2Timoteyo 3:12 kiduha insiguro. Turakwiye gutahura mu buryo bwumvikana
yuko igihe ubushobozi bw’ubutumwa bwiza butazoshira buzokwumvikana mw’isi, ivyo
bizovyura agahamo. “Mbere abagomba kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu,
bazohamwa”. Ivyo nivyo bizovyagwa n’ubutumwa bw’abamarayika batatu: Ubuzima bwubaha
muri Yesu Kristo.
Nk’igihushane, Yesu yabwiye abayuda igituma isi itwanka muriYohana 7:7 “Ab’isi
ntibabanka ariko jeho baranyanka, kuko mbavugira yuko ibikorwa vyabo ari bibi”. Yesu yavuze
yuko igihe cose, isi ikibona abakristo bakora nk’ivyo ab’isi bakora, abo bazokwemerwa. Ariko
igihe isi izobona abakristo bakora ivyo badashobora gukora, ico gihe bazoca bashavura.
Bashavuriye Kristo kuko batashobora kwigana ibikorwa vyiwe, yakora. Ariko iyo wigereranije
n’isi, ugafata ubutungane bw’abantu nk’urugero, nta ngorane izobaho. Ariko igihe ukugororoka
kw’Imana kugereranijwe n’ukugororoka kw’umuntu, uko guca kubonekana nk’impuzu zanduye.
Ivyo bikomeretsa ubwibone bw’umuntu ingaruka ni uburake buca buvyuka. Ni co gituma igihe
isi izobona Kristo muri twebwe, izoduhama.
Tugifise ivyo mu bwenge, turonka amakuru akomeye cane ku birabana c’icirwa cacu ku
vyo kwihangana kw’abera muri Yakobo 1:2-4: “Mwiyumvire kwari ivyo kunezererwa rwose
bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe; mumenye yuko ibigerageza ukwizera
kwanyu bitera ukwihangana. Ariko kwihangana gukwiye guhingura igikorwa cakwo, ngo
mubone gutungana rwose, muhinguwe mudahajije na kamwe”. Gutyo rero igihe Imana yemeye
yuko mugeragezwa, siyo ibizana, ariko iremera yuko bibaho kugira ngo kwizera kwanyu
gukomere. Irazi yuko umubabaro mwinshi ugiye kuza vuba kandi igomba gutegura ubwoko
buzoshobora guhagarara mur’iyo mibabaro. Ntihakwiye kwigera habaho kwidodomba imbere
y’ibigeragezo. Umubiri uridodomba ariko dukwiye gutahura yuko ibigeragezo vyose bifise
intumbero.
Abaroma 5:1-2 hatubwira yuko ivyamwa bitatu vyo gutsindanishirizwa kubwo kwizera
ari: “kugirana amahoro n’Imana, gushikama mu buntu n’ivyizigiro vy’ubwiza”. Intambuko zo
kuronka icamwa “c’ivyizigiro vy’ubwiza” zivugwa mu mirongo ya 3 na 4. “Kandi si ivyo
vyonyene, ariko kandi tunezererwe n’amarushwa yacu (imvugo “kunezererwa” isigura
“kwishimira” canke “kwirata” kandi ni co gituma tunezererwa imibabaro yacu n’ibigeragezo
vyacu), kuko tuzi yuko amarushwa atera kwihangana, kandi ukwihangana kugatera kudatsindwa
no kugeragezwa, kudatsindwa no kugeragezwa kugatera kwizigira ibitaraba”. Ivyizigiro bivyara
ubwoko bugizwe n’abantu badaterwa isoni n’uko ari abakristo kuko urukundo rw’Imana
rwasutswe mu mitima yacu na Mpwemu yera twahawe.
Yesu abwira amasi yose, satani n’abamarayika biwe ati: “Ng’uku ukwihangana
kw’abera! Iki nico ubutumwa bw’abamarayika batatu buzovyara. Ng’ubu ubwoko bwanje!”
Hanyuma satani avuge ati: “Noshobora kubagerageza?” Imana ikishura iti: “Egome ariko
ntuzobice”. Ni igihe c’umubabaro, ubwa mbere umubabaro muto, hanyuma umubabaro mwinshi.
Harabayeho agahamo mu gihe c’ishengero ry’intumwa, kuko abizera berekana ubuzima
bwa Kristo. Ni twabaho dutunganye muri Kristo Yesu, mumenye neza yuko tuzobabazwa
n’agahamo. Muri Matayo 10:16-22, Yesu yagabishije abigishwa biwe kandi natwe iyo mpanuro
iraturaba: “Raba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubwenge
nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe. Mwirinde abantu. Bazobashengerana mu manza,
babatonagurire mu masinagogi yabo. Bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampora,
muzoba ikimenyetso kibere icabona, bo n’abanyamahanga. Ariko babashengeranye, ntimuze
muhagarike imitima ico muvuga n’ingene muzokivuga, kuko ivyo muvuga muzobihabwa muri
ako kanya. Kuko atazoba ari mwebwe muvuga, azoba ari Mpwemu wa So avugira muri
mwebwe. Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w’umwana
azomushengerana, n’abana bazoshengerana abavyeyi ngo babicishe. Muzoba mwanswe
n’amahanga yose babahora izina ryanje; ariko uwihangana agashitsa kw’iherezo ni we azokira ».
Matayo 10:20-21: « Kukw atazoba ari mwebwe muvuga, azoba ari Mpwemu wa So
avugira muri mwebwe. Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w’umwana
azomushengerana, n’abana bazogabagabira abavyeyi babicishe ». Muri Etiyopiya, abavyeyi
babwiye leta ya gikominisite yuko abana babo bari abakristo kandi abana baciye bihakana
abavyeyi babo. Ivyo bishobora kuba aho ariho hose. Igihe Yesu yavuga ivyo muri Matayo yagize
ati: « Mwoye kwiyumvira ngo naje gutera amahoro mw’isi; si naje gutera amahoro atari inkota »
(Matayo10:34), ashaka kuvuga yuko ubutumwa bwiza butagabura ubwoko bw’abantu mu mirwi
ibiri gusa, ariko kandi n’imiryango. Umwana umwe arashobora kuba mu murwi uyu uwo
bavukana nawe akaba mu wundi murwi. Kandi mu gihe c’imibabaro bazohangana. Ivyo bisa
n’ibigoye kwemera, ariko ivyo bizoshika.
Icamwa ca kabiri ni ukwitondera ivyagezwe vy’Imana. Bibiriya ivuga uburyo bubiri bwo
kwitondera ivyagezwe. Mu maso yabo, abayuda baritondera ivyagezwe. Mu b’i Filipi 3, Paulo
atubwira ivyamubayeko nk’umufarisayo atari nk’umukristo. Mu mugabane wa nyuma
w’umurongo wa 5, arivuga ubwiwe « ku vyo gushimikira ivyagezwe nd’umufarisayo ».
Umufarisayo yari umuntu afise umwete mwinshi mu kumvira ivyagezwe, baherezayo inguvu
zabo zose, batanga ibigira cumi vy’imbwija na kumino. Yari umufarisayo atunganye (Umurongo
6). « Kuvyo kugororoka kuzanwa n’ivyagezwe nta wogize ico angaya ». Yarashobora kwibwira
kandi yibwira nk’umuyuda ati: « Nitondera ivyagezwe ». Ariko si uko kwitondera ivyagezwe
kuvugwa mu Vyahishuwe 14:12.
Igisomwa gisigura ubwo buryo bubiri bwo kwitondera ivyagezwe buri mu Baroma 7:6
« Ariko noneho ntitukiganzwa n’ivyagezwe, kuko twapfuye ku camye kidufashe, ni co gituma
turi abagurano, dukorera Mpwemu adukoresha uburyo busha, tudakoreshwa bwa buryo bwa kera
bw’inyuguti ». Asangwa mwibaza k’ari ivyagezwe vy’imihango, soma umurongo w’indwi aho
duhabwa iciyumviro ku vyagezwe Paulo yavuga. Ivyigwa vyacu mir’iki gice ntivyerekana
kutaganzwa n’ivyagezwe ico bisigura, ariko novuga iki conyene: ni ukubaho ufise ubwoba igihe
cose ucumuye kuko ivyagezwe bivuga yuko ukwiye gupfa. Ni co kimwe no gutinya umupolisi
umaze kurenza umuvuduko. Kuba musi y’ubuntu n’ukubaho mu migenderanire y’urukundo.
Dukwiye gutahura yuko umukristo ari musi y’ubuntu, arivyo bisigura yuko dukorera
Imana atari mu buryo bw’inyuguti ariko mu bw’impwemu. Gukorera Imana mu nyuguti, ni
ukumvira ivyagezwe kubwo gutinya igihano canke kubwo kurondera inyungu. Hari aho
vyavuzwe yuko: « Urukundo rw’Imana nirwo shingiro ry’idini nyakuri. Iyo umukristo akorera
Imana canke akitondera ivyagezwe vyayo kubwo gutinya igihano canke kubwo kwipfuza
impembo, idini bene iryo nta na kimwe rimaze ».
Paulo yabwiye abagalatiya bari bahevye gutsindanishirizwa kubwo kwizera maze baja
mu gutsindanishirizwa n’ibikorwa bibwirijwe n’ivyagezwe ati: « Nabajanye kuri Kristo ariko
mwateye umugongo ubutumwa bwiza kandi mutanguye kuziririza imisi n’amezi n’ibihe
n’imyaka » (raba Abagalatiya 4:10-11). Paulo ntiyarwanya ivyo ariko yarwanya ingene
babiziririza.
Avuga ibihe vya nyuma (2Timoteyo 3:1-5), asesangura kumvira ivyagezwe mu nyuguti:
« …bafise ishusho yo kubaha Imana ariko bahakana ubushobozi bwakwo ».
Igihe umuntu yihanye vy’ukuri Imana imuha Mpwemu wayo yera kandi Mpwemu ashira
muri we AGAPE, agape yerekeye mugenzi wiwe. Bose rero barashobora kubona urukundo
rw’Imana rwerekanywe na Mpwemu yera aba muri wewe. Ni co bisigura «urukundo rw’Imana
rwasutswe ». Mu 1Yohana 4:7, tubona inkomoko yo kumvira ivyagezwe vy’urukundo: « Abo
nkunda dukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana,
kandi az’Imana ». Hanyuma ku murongo wa 12 ati: « Nta wigeze kubona Imana. Dukundanye
Imana iguma muri twebwe (kuko yaduhaye Mpwemu wayo)…no kuyikunda kuba guhinguwe
muri twebwe ».
Mu 1 Yohana 5:3 « Kuko gukunda Imana ari uku ». Si ugusobanura kwiza mu rurimi
rw’inkomoko. Igisomwa kivuga mu vy’ukuri giti: « Iki ni icemeza yuko mufise urukundo
rw’Imana ». « Twitondera ivyagezwe vyayo (menya ingingo yanyuma) kandi ivyagezwe vyayo
ntibigora » kuri abo bafise Mpwemu, mu vy’ukuri. Ivyagezwe vyayo biragoye mu mubiri.
Ng’iyi imfashanyigisho yavuye muri Afrika. Kimwe mu ngorane twari dufise muri
Afrika, kwari ugutanga ikigira cumi. Na hano twarahuye nayo, ariko hariya ho vyari biteye
ubwoba. Ingorane n’uko abanyafirika benshi, na cane cane abakuze, ntibatahuye ubutumwa
bwiza. Bafata gutanga ikigira cumi nk’uburyo bwo kuriha itike yo kuja mw’ijuru no kugira ngo
baronke imigisha y’Imana.
Ikindi amashengero akenye yo muri Afrika arasaba imfashanyo muri Amerika kandi
turarungika uburyo bwo gufasha ishengero ryo hiyo. Ukwo gucirirana ntigukorwa na bose ariko
benshi batanga ikigiracumi muri ubwo buryo. Ayo twaronka muri afrika y’ikigira cumi ku
mwaka yaba hafi amadorare 100 y’abanyamerika. Ariko n’idorare rimwe ku mwaka mu bice
bimerewe neza, n’igice c’idorari mu bice bigowe. Baratanga ibigira cumi vyose ariko mu
gucirirana. Asangwa Imana itegerezwa gutanga agakiza ku buntu, bazovuga bati « singikeneye
gutanga ikigira cumi ».
Dufatiye kuri iyo mfashanyigisho, tubona yuko ivyagezwe bicika umutwaro kuri abo
bavyumvira mu nyuguti, ariko umukristo w’ukuri anezererwa ivyagezwe vy’Imana. Kuri we, ni
kintu gihimbaye. Arakunda kuvyumvira. Igihe naho umubiri umugwishije, aca yiyanka ubwiwe
ati: « Ewe jewe ndagowe ! Ni nde yonkiza umubiri untera urupfu ? Nezererwa ivyagezwe
vy’Imana mu mutima wanje ». Kristo arishura ati: «Jewe gusa, ndashobora kugucungura
umubiri ».
Ni mwibuke yuko Ivyahishuwe 14:12, igihe bivuze ngo bitondera ivyagezwe vy’Imana »,
ivyo bivuga aberekana urukundo rw’Imana. Muri Matayo 22, umusore yaje kuraba Yesu maze
aramubaza ati : « Ibwirizwa risumba ayandi yose mu vyagezwe ni irihe? » Yesu ntiyishuye
ati: « Isabato », « kutica », canke ikindi cose kimeze gutyo.
Ibwirizwa rikuru ni ugukunda Imana kandi irya kabiri ni ugukunda mugenzawe nk’uko
wikunda. Yavuze ati: kuri ayo mabwirizwa yompi (ni rimwe mu bisanzwe) ivyagezwe vyose
n’amajambo y’abavugishwa n’Imana niyo vyenenako. Twibuke yuko kumvira ivyagezwe, ni
icamwa ca Mpwemu yera aba mu mwizera yatsindanishirijwe kubwo kwizera.
Hinge twihweze icamwa ca gatatu ubu naho. Ntibitondera ivyagezwe vy’Imana gusa,
ariko kandi bafise kwizera kwa Yesu. Iryungane risa n’iryo riri mu vyahishuwe 12:17 “Bitondera
ivyagezwe n’Imana”, ariko umugabane wa 2 w’uwo murongo wongerako ati: “Bafise ibishingira
Yesu intahe”. Mu bisanzwe bahuza ibishingira Yesu intahe na mpwemu y’ubuhanuzi bishimikije
ivyahishuwe 19:10. Ariko rero hariho iyindi mirongo yerekana ico arico ingabire y’ubuhanuzi.
Dukwiye kwiyubara mu gukoresha ivyahishuwe 19:10 mu gihe cavyo. Ngaha ibishingira Yesu
intahe bingana no kugira Kwizera kwa Yesu, kuko ivyo bibiri bivugwa vyose mu buryo buhuye.
Ivyahishuwe 19:10 havuga hati: “Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe (twibuke
yuko Yohana yikubise imbere y’ibirenge vy’umumarayika) no kumusenga (dusenga Imana
gusa); ariko arambwira ati: oya sigaho; ndi umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene
so bafise ivyo gushingira Yesu intahe: Imana abe ariyo usenga! (Ntusenge jewe sinkwiye
gusengwa, senga Imana). Kuko ibishingira Yesu intahe, ni Mpwemu y’ubuhanuzi”. Hari Bibiliya
nyinshi zasiguwe zerekana insiguro y’itsitso ry’ikigiriki.
Gutyo rero:
Bamwe bashobora kuzoruhuka, ariko icipfuzo cacu gihambaye ntikizoba ico kuruhuka
ariko ico guhagararira ubutware bw’Imana. Mu gihe c’umubabaro tuzonezerwa no kubabazwa,
atari mu kwinezereza, ariko kuko tuzoba dushaka ko Kristo aregurwa. Ubutumwa bwiza bwiwe
buzobikora. Ubutumwa bwiza bwiwe burashobora kuvyara ubwoko buzoshobora kwihanganira
ubushobozi bwose bwa Satani n’ubw’abamarayika biwe babi?
Inyishu nuko Imana ishobora gutegura ubwo bwoko. Inyishu y’Imana ku kibazo: “Ni nde
ashobora guhagarara?” ni “Ngaba”. Imana izobwira abamarayika bayo iti: “Ni mugumye
imiyaga y’intambara kugeza maze kubashirako ikimenyetso”. Ashira ikimenyetso ku kwizera
kwacu ku buryo gucika ntabanduka. “Kandi umugororotsi azobeshwaho no kwizera”.
Imana iduhezagire kugira dushobore kuba muri uwo murwi uzokwerekana ubushobozi
bw’ubutumwa bwiza ari nabo Imana izobwira iti: “Murakoze kunyemerera ngo ndabakoreshe
mu kumurikira isi n’ubwiza bwanje!” Ni vyashika ntitube muri uwo murwi, ntidukwiye
guhagarika umutima. Ntituzorandurwa. Tuzoja kuruhuka gushittsa Yesu agarutse.
IGICE CA 6: AMAYIMBURA ABIRI Y’UBUTUMWA BUTATU
Ivyahishuwe 14:14-20.
Iki gice ca nyuma cerekana amayimbura abiri y’ubutumwa butatu bwo mu vyahishuwe
14:6-20. Igihe ubwo butumwa buzoba bumaze kuvugwa mu mahanga yose, n’imiryango yose,
n’indimi zose, n’amoko yose; igihe buzoba buhejeje igikorwa cabwo kw’isi yose, isi yose
izogaburwamwo imirwi ibiri. Ntiwoshobora kubwumva, kubwakira hanyuma ukaguma uko
umeze. Ikiremwa muntu cose kizotegerezwa guhitamwo kuja canke kutaja ku ruhande rwa
Kristo.
Iyo mirwi ibiri izoba igizwe n’abizera ku ruhande rumwe, n’abatizera ku rundi ruhande.
Iyo mirwi ibiri izoba yarashitse mu bigero, umwe mu kwizera uwundi mu kutizera. Ni co gituma
abazoba bariho bazoshirwako ikimenyetso. Abazoba bashitse mu bigero mu nurwi w’abizera
bazoshirwako ikimenyetso c’Imana, mu gihe abazoba bashitse mu bigero mu kutizera
bazoshirwako ikimenyetso c’igikoko. Igihe kurunguriza kuzoshikwako, kizoba rero ari igihe
c’iyimbura.
Ivyahishuwe 14:14-16 bivuga biti: “Kandi mbona igicu cera; no kuri kino gicu
ukivyagiyeko, asa n’Umwana w’umuntu, yambaye igitsibo c’izahabu mu mutwe, kandi afise
umuhoro ukarishe mu kuboko. Umumarayika wundi ava mu rusengero, asemerera n’ijwi rirenga,
abwira uvyagiye kuri ico gicu, ati ni urungike umuhoro wawe, wimbure, kuko iyimbura rishitse,
kandi ivyimburwa vy’isi vyumye (vyashikanywe ku rugero). Uvyagiye ku gicu arekurira
umuhoro wiwe mw’isi, isi irimburwa”. Iryo ni iyimbura rya mbere.
Iyimbura rya kabiri turisanga mu Vyahishuwe 14:17-20: “Umumarayika wundi ava muri
rwa rusengero rwo mw’ijuru, nawe nyene afise umuhoro ukarishe. Umumarayika wundi ava ku
gicaniro, ni we aganza umuriro, asemerera n’ijwi rirenga, abarira ufise umuhoro ukarishe, ati
rungika umuhoro wawe ukarishe, uce inzabibu zo ku muzabibu w’isi, kuko inzabibu zawo
zirungurije. Umumarayika arekurira umuhoro wiwe mw’isi, azitemera mu bwato bunini
bw’uburake bw’Imana. Ubwo bwato buganishirizwamwo ibirenge inyuma ya ca gisagara,
amaraso ava mu bwato ashitsa sitadiyo 1600, agera ku mijiginya y’amafarasi”.
Ni umugani yaciye, ariko dusoma ku murongo wa 36-40 ati: “Maze asezera ishengero,
yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baza kuri We, bati dusobanurire umugani w’urwamfu mu
ndimiro. Nawe arabishura ati ubiba imbuto nziza ni umwana w’umuntu. Indimiro ni isi. Imbuto
nziza nibo bana b’ubwami. Urwamfu ni abana ba wa mubi. Umwansi yarubivye ni wa
murwanizi. Igenya ni umuhero w’isi. Abagenyi ni abamarayika. Nk’uko urwamfu
rutororokanywa rugaturirwa mu muriro, ni ko bizoba ku muhero w’isi”. Ngaha tuhabona
iciyumviro c’amayimbura abiri kw’ari umuhero w’isi.
Ubutumwa bwiza buzovurwa hose mw’isi. Umuntu wese azobwumva, ariko si abantu
bose bazobwemera. Ni ngirakamaro cane ko twiyubara kuko satani azotwegera akoresheje
uburyo bwose bw’ubwenge n’amajambo y’abantu maze azotubwira ati : « Ntimube abasazi ! »
Ariko mwibuke cane yuko twegereje iyimbura ry’isi.
Hari ingorane dukwiye guhangana igihe dushingira intahe ubutumwa bwiza. Bibiriya
yigisha yuko urubanza rugenzura rwabayeho imbere yo kugaruka kwa Kristo. Igihe Kristo
azozira, ntazoza nk’umuhuza. Azoza nk’Umwami w’ubwiza yambaye igitsibo mu mutwe. Gutyo
rero, tuvuze yuko urubanza rw’abizera ruzoba Kristo amaze kugaruka, uko bamwe bavyizera,
ikibazo gica kivyuka ni ukumenya umuvugizi mu rubanza. Kuko Kristo yaheraheje vyose ku
ngorane y’icaha. Igihe azozira, urubanza rw’umwe wese ruzoba rwaheze mw’ijuru: “Ugabitanya
n’ashishikare agabitanye; uwanduye mu mutima n’ashishikare yandure, ugororotse n’ashishikare
agororoke, uwera n’ashishikare yezwe. Ehe ndaza vuba!” (Ivyahishuwe 22:11).
Imirwi ibiri izoba yamaze gushirwako ikimenyetso: umwe ikimenyetso c’Imana uwundi
ikimenyetso c’igikoko. Ni co gituma Kristo atazoza kugira ngo atange amahirwe ya kabiri, canke
ngo acire urubanza abizera, nk’uko bamwe bavyigisha. Uruhande rw’abizera rwaraheze kandi
rwarashinzwe. Ubu nico gihe cacu co kwemera ubutumwa bwiza. Imana nta yandi mahirwe
izoha abayuda canke abanyamahanga kuko amahirwe yanyuma yaratanzwe mu butumwa
bw’abamarayika batatu aribwo muhamagaro wa nyuma w’Imana”.
Aha naho kandi tuhabona imirwi ibiri; abizera mu ruhande rumwe, abashizweko
ikimenyetso co kugororoka kwa Kristo, n’abatizera mu rundi ruhande, bafise ikimenyetso
c’igikoko. Aha turakwiye kwihweza ibintu bimwe bimwe. Umwansi ni isi, ariko si abakristo bo
mu yandi madini.
Isabato ihinduka ikimenyetso ca « Si jewe, ariko ni Kristo » nayo Dimanche ihinduka
ikimenyetso c’umuntu. Iyo minsi ibiri ni iminsi yo kuruhuka, ariko Isabato ni ikimenyetso
c’Imana yakoze mu misi itandatu ikaruhuka ku munsi w’indwi. Kristo yakoze imyaka 33
hanyuma aruhuka Isabato amaze kuvuga ku musaraba ati: « vyose birarangiye ». Ariko ubu
twinjira mu kiruhuko cayo. Dimanche yatangujwe n’umuntu nk’umusi w’ikiruhuko. Menya yuko
igihe umuntu aruhutse dimanche, si ukubera yuko igikorwa ciwe gitunganye, ariko n’uko ashaka
ikiruhuko. Ashaka guhagarara kandi akaraba ivyo yakoze, naho yoba adatunganye.
Kugira ngo tumenye ico Paulo yashaka kuvuga akoresheje « ukugororoka kw’Imana »,
dusome Abaroma 1:16-17, aho atanga intangamarara mu civugo c’ikete ryiwe: « Kuk’ubutumwa
bwiza butantera isoni, ari ubushobozi bw’Imana buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku
muyuda ugashitsa ku mugiriki. Kuko muri bwo ariho kugororoka kuva ku Mana guhishurirwa,
guheshwa no kwizera kukagwiza ukwizera, nk’uko vyanditswe, ngo umugororotsi wanje
azobeshwaho no kwizera ».
Tugaruke mu Baroma 10:3 aho tubona yuko abayuda birengagije ukugororoka kw’Imana.
Ijambo « kwirengagiza » rishobora kudutera amadidane. Ntibari abantu batamenye ukuri, ariko
kubera yuko banse kukwemera. Ikindi kandi mu Baroma 10:19: « Ariko ndabaza: Mbega
ntibabimenye abisirayeli? (Bari bazi ubutumwa bwiza). Mose ni we yabanje kuvuga, ati
Nzobateza ishari abatari ihanga ry’ukuri, nzobarakisha ihanga ry’imbura bwenge. Kandi Yesaya
ashira amanga cane, aravuga, ati Nabonywe n’abatandondeye, neretswe abatambaririkije. (Ibi
vyashaka kuvuga abanyamahanga. Ntibwashobora kuza kuri bo ubwa mbere ariko
barabwemeye). Ariko ku biraba abisirayeli avug’ati: Nirirwa ntegeye amaboko ubwoko butumva
butongana ».
« None tuvuge iki? Enda tuvuge yuko abanyamahanga batakurikiye ivyagezwe vyo
kugororoka bashitse ku kugororoka, ni ko kugororoka kuva ku kwizera… » (Roma 9:30).
Dushobora kwerekeza ivyo mu gihe cacu. Igihe ubutumwa bw’abamarayika batatu buzokora
igikorwa cabwo, bizoshika yuko abantu bava mw’isi bakinjira mw’ishengero baba benshi cane
kurusha abahora mw’Ishengero rya Kristo.
Uyu musi 80% y’abantu baba kw’isi yose si abakristo. Icubahiro ca Kristo, ubushobozi
bw’ubutumwa bwiza buzobakorako. Ni co gitumwa igikorwa c’ubutumwa bw’abamarayika
batatu kitarakwira kw’isi yose. Igituma n’uko twebwe, ubwoko bw’Imana yatumye,
twarananiwe. Twibuke yuko ivyashikiye Isirayeli bishobora gushikira ishengero rya gikristo,
bigatuma igitigiri kinini c’abazoshirwako ikimenyetso gishobora kuva mw’isi aho kuva
mw’ishengero rya gikristo. Abayuda bari bashimitse mu vyiyumviro vyabo gushika naho Kristo
yaje akiyamiriza inyigisho zabo, maze baramwanse.
Mushobora kuvuga muti : « Paulo yararenza urugero ». Ariko muri Yahana 8 :41, tubona
uwundi yari ashimitse cane kurusha Paulo ku bayuda kandi ni Kristo. Mu mugabane wa nyuma
w’umurongo wa 41, abarongozi b’abayuda babwiye Kristo bati: « Twebwe ntituri ibivyarwa;
dufise Data umwe ni Imana. » Ni vyo bemeza, ariko mu mirongo ya 42-44, Yesu avuga ati: « Iyo
Imana iba ari yo so, muba munkunda, kuko jewe naje mvuye ku Mana, sinaje nitumye, ariko
niyo yantumye. Ni igiki gituma mutamenya imvugo yanje ? Nuko mudashobora kumvira ijambo
ryanje. Muri aba so wa murwanizi kandi ivyo so yipfuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye
ubwa mbere na mbere ari umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kuko ata kuri kuri muri we.
Iyo avuga ibinyoma avuga ivyiwe kuko ariwe se wa vyo.”
Turiho mu gihe gikomeye ca kahise k’isi. Ubwo butumwa buzogabanya isi mu mirwi
ibiri, itarenga. Si isi gusa izogaburwa ariko n’ishengero naryo. Abantu benshi “bashimitse” nabo
bazojamwo, twibuke yuko gushimika ntigutwara mu kuri. Paulo avuga ku bayuda ati: “Bafise
ishaka ry’Imana”; bari bashimitse cane ariko uko gushimika ntikwarigukwiye. Dukwiye
kumenya ukuri kandi ukuri kuzoduha ukwidegemvya. Dutegerezwa kuguma “muri Kristo”
asangwa tugomba gucungurwa, no gushirwako ikimenyetso c’Imana. Turiho mu bihe bihambaye
kandi twegereje amayimbura abiri.
Mu Baroma 10:2-3, tuhabona ugushira amanga kw’umuntu yari mu ruhande rubi, yari
afise ishaka ry’Imana ariko yatoye ikosa ryiwe. Kandi yagize umwete wo kuvuga ati: “Ndi mu
makosa kandi nzohindura”. Paulo, avuga ivy’inyifato yiwe imbere yo guhinduka, mu Bafilipi
3:6, havuga ibintu bibiri: “Ku bw’ishaka (iryo jambo nyene ryakoreshejwe mu baroma 10 kuri
bagenzi biwe b’abayuda), nahama Ishengero”. Igihe Paulo yahama Ishengero, yibaza yuko
yariko akorera Imana. Ni co gituma ahandi yavuze ati: “Nabikora ntabizi. Sinabitahura”. Nari
« inyankamugayo kuvyo kugororoka kuva ku vyagezwe ».
Ng’uyu umuntu rero, yari afise ishaka ry’Imana, yiyumvira kw’akwiye ijuru kuko yari
agororotse mu butwari bwiwe. « Ariko ivyahora bimbera inyungu ndavyiyumvira kw’ari
ubuhombe kubwa Kristo ». Umusi umwe Kristo ahagarika Paulo ari mu nzira ariko aja i
Damasiko kandi amubwira ati: « Nturiko ukorera Imana. Uriko urangwanya! » Mbega
uguhangana kw’umuntu nka Paulo! Igihe yumva ukwo kuri, yavuze ati: « Niteguriye guheba
ivyo niyumvira vyose ko ari inyungu kugira ngo ndoke Kristo ». Ng’iyi « Si jewe, ariko ni
Kristo ».
Ariko rero yongerako ati: « Eka mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw’ari ubuhombe,
kuko ikibirengeye, ni co kumenya Yesu Kristo Umwami wanje. Kubw’uwo nahomvye ibintu
vyose, ndavyiyunvira kw’ari ishano, kugira ngo ndonke Kristo, kandi mboneke ndi muri we,
ntafise ukwanje kugororoka, kumwe kuva ku vyagezwe, ariko mfise kumwe kuzanwa no kwizera
Kristo, nikwo kugororoka kuva ku Mana, guhabwa uwizeye. »
Ndasaba ngo iyo abe ari yo ngendo yacu duhitamwo twese, kugira ngo dushobore
kuzosangwa muri Kristo. Ivyo bishobora kuba kubabazwa no kurenganywa. Ariko igihe
iyimbura rizoshika Kristo agarutse, tuzoba mu bazovuga bati: « Ishimwe no guhimbazwa, ewe
Mana yacu twari turindiriye cane iki gihe! ».